
Bavukanyi, Ijambo ry’Imana twumvise uyu musi rishobora kuduhungabanya, kuko riri n’ico rishaka kudushikanako n’aho ryoduhungabanya nyene mu vyiyumviro vyacu.
Mu gisomwa ca mbere, abany’Israyeli bari mu buja i Babiloni, harageze igihe biyumvira kandi bakemeza ko atacovamwo, atakagishoboka kuko babona ko bidashoboka ko basubira iwabo no mu twabo, bituma ivyiyumviro nk’ivyo bibakwegera mu nabi batikwiyumviriye. Mu Kirundi agi « ntawutanga Imana kwihebura ». Iyo umuntu ata na kimwe abona akirindiriye mu buzima, aba akaga, akaruha kandi akaruhisha n’abo Umukama amuhaye ngo bafatanye urugendo. Ico gihe aba agiriye ku vyiyumviro vyiwe nyene, aho atera ikibazo akaba ari we aciyishurira. Ngira ngo mu buzima bwa misi cose nk’ivyo bibaho. Duti n’aho noja kumusaba uru ruhusha ndazi ko atarumpa. None rero aho gusaba urwo ruhusha, mpisemwo kubiheba. Gutyo tugaca twiha twebwe inyishu.
Muri ico kiringo rero twumvise, Imana yatumye Izaya twumvise mu gisomwa ca mbere iti: « erega ivyiyumviro vyanje si co kimwe n’ivyanyu kuko uko mufata kandi mwiyumvira bifatiye ibintu hasi caaane! Nk’uko ijuru rirengeye isi, ni ko n’amayira yanje arengeye ayanyu, ivyiyumviro vyanje bigaha ku mash ivyanyu! Ico gihugu c’Imana rero kiriko gitumirirwa kwugurura amaso, kikugurura umutima ngo gishobore kwisunga ivyo vyiyumviro bishasha, bisanzwe bidahuye n’ivyo bamamwo. Harageze rero ko bemera kwinjira mu mugambi w’Imana w’ukubacungura, kandi bagacungurwa BOSE, bo hamwe n’abo nyene babacura bufuni na buhoro.
Bavukanyi, iryo Jambo riragoye cane, kuko gusangira ivyiza n’uwo mutahora musangira bitoroshe. Ni navyo twazirikanye ku musi w’Imana uheze aho Mwene Siraki yateba akabona ko Imana ishakira urukiza bose, ko itazoza irigita abanyakabi nk’uko bari barindiriye ko izoza kubahōra. Uyu misi rero natwe harageze ko duhindura ivyiyumviro, tukavyerekeza ku Mukama we ashakira ineza bose. Ni navyo twumvise mu Nkuru Nziza.
Bavukanyi, nk’uko natanguye ndabivuga, Yezu ashimye kuduhungabanya mu mitwe, kuko twama twiyumvira ko hari ico twimariye, cane cane twigereranije n’abandi, kandi tutazi n’ibanga bashinzwe kandi rigoye. Hari igihe twibaza ko urukiza ari « Cash » kubera ivyo twakoze vyoba bisa n’uguhembwa ibijanye n’ico tumaze kwegeranya n’ivyo tumaze gukora, canke nyene tukiraba ingene twavutse, uko twavutse canke ivyo twavukiyemwo, maze tukagira ngo tweho nawe nu turi ahagana! Tugira duti: nawe nu ntiwotugereranya na twebwe tumeze uku canke twiriwe muri ibi na biriya!
Kugira dutegere uwu mugani Yezu aduciriye, twobanza n’ukuraba igihe canke aho awudushikiririje. Uri mu kivi c’ibigabane vya 18 na 20. Muri ivyo bigabane, Yezu yagumye atumirira abamugendanira ngo bahindure ivyiyumviro, na cane cane ivyo bari bamwitezeko nka Messiya. Yarabahungabanije mu mutwe nyene! Ati « muragabe kuko abambere bazoba abanyuma »; « mudahindutse ngo mumere nk’abana bato…. » (18,3); « intama imwe itakaye irusha agaciro intama 99 » (18,13); « nomurekurira kangahe? Gushika ku ndwi? Sinkubwiye gushika ku ndwi, ariko gushika kuri 70 ku 7 » (twarabizirikanye ku musi w’Imana uheze); urukundo rugenza ukundi n’aho twohemukirwa (19,3-15 mu vy’ukwahukana); ivy’uguheba amatungo (19, 16-29) gushika aho abari aho bagira bati: none ni nde azorokoka. None uyu musi turumvise ibijanye n’ukwakira ivyo Imana iduha nk’ingabirano duhabwa tutanakwiye (19,30-20,16), kandi no ku w’Imana uza bizobandanya aho dusanga abo twari tuzi ko ari ba « Ruhebwa » ari bo bagabana ivy’Imana, kuko turavye nabi « abanyakabi n’abatozakori bazodutanga mu Bwami bw’ijuru ».
Ivyo vyose biratweraka ko hageze ko ivy’ibiharuro vyacu tuvyigiza kure, tukakira ingendo nshasha Yezu yaje kutwinjizamwo.
Bavukanyi, uyu musi rero, tumaze kwumva ivyo vyose, dutegere ko tudafise ikibazo c’imisahara, kuko batanguye batubwira bati: « ubwami bw’Imana busa na nyen’urugo… ». Ni ng’aho rero twubwirizwa gufatira ngo dutegere ivyo turimwo.
Uwo nyen’urugo aguma asubira kw’irembo incuro zitanu zose, ni uko afise umwitwarariko w’abatagira iteka kuko badafise ico biha n’ico baha abo bashinzwe. Kukaba nkako, ntibafise aho bakūrá. Ni co gituma abarungitse mu mizabibu yiwe, kandi muri we bose baranganya iteka kuko barungitswe na Shebuja umwe, kandi bakarungikwa hamwe. None abarungitswe kw’isi uyu musi, ko uno muzabibu ari isi (raba Izaya 5,1-7; Yeremiya 2,21; Ezekiyeri 17,6; Hoseya 10,1; Zabuli 78,9-16), abo bose ntibanganya agaciro?Ariko data (mama) wanje, hari abo duca ducira urubanza ngo ntibafise ico bamaze, mbere tukabona ko vyoba vyiza tubakuye kw’isi twībáza kó baruhíyéko, ariko ari twe turiko turirondera, tukabasabira urupfu twita rwiza (euthanasie), abaje tutabashaka tukabakuraho kuko tugira duti baje tutabiteze (imbanyi tutipfuza duca túzīkīngiza, mbere tukazikurayo nk’uko umenga twivuza ikivyimba mu nda!). Ivyo bicumuro biratera induru igashikira Imana!!!). Bavukanyi, ni Matayo yaba adushikirije iri jambo, ntabuze kwiyumvira Abayuda bakiriye Imana ubwa mbere, bakibwira ko bandi ari bā-Nyagupfa, ariko Kristu akarungika bose, uri abo bumvikanye umushahara uzwi, n’abo ataco bavuganye kiretse ko ababwiye ko ahaha ivyo abona ko bazoba bakwiriye kuronka. Nkako, ubutungane bwacu bwisunga ivyo umuntu akwiriye kuronka, yaciye (yamyokeye). Ariko ubutungane bw’Imana bwisunga ivyo umuntu akeneye ngo abeho. Twebwe duhagaze he? Imana ntidusavye ngo turinde kubitegera, ishaka ko dutangarira ubwo bwiza bwayo, Yo igenza ivyayo uko ishaka kuko idukunda twese: « ewe koraniro ry’itunga n’iry’ubwitonzi n’iry’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu ingingo zayo atawoshobora kuzitohoza n’ukuntu inzira zayo atawoshobora kuzitegera! Ni nde yoba yaramenye iciyumviro c’Umukama? Canke ni nde yoba yaramubereye umuhanuzi? (…) Nkako vyose biva kuri We, kandi vyose bibeshwaho na We, kandi vyose birora kuri We. Naninahazwe mu maya yose. Amen! » (Raba Abanyaroma 11, 33-36).
Bavukanyi, uwu nyene gutanga akazi asavye ko bahērá kubaje ubwa nyuma kugira ngo bose babone ibibaye, kandi bahindure ivyiyumviro, binjire mu ntumbero (vision) nshasha. Nta banga rero! Aba nabo baciye batangura kwidoga. Ibi bitwibutswa imyidogo yacu n’ishari tugira, tukidogera Imana, tukidogera abo Imana ihezagiye, tugira ngo baradúkiranye, mu kivi na twebwe nyene tuba twaronse ivyo twabwirizwa kuronka.
Twokwibwiye ko tubonye uwuronse ubuzima, twese vyoduteye akanyamuneza, ariko umengo si uko bimeze!Dushaka guha icigwa Imana n’ukuyicira akayira, ngo tuyereke ko yabwirizwa kubigenza. Ariko ku vy’ukuri, aba bari biriwe barakora, aho baboneye n’abanyuma baronse ibibatunga, bari kugira bati: erega bwa bundi ntitwayaze amasigaracicaro, wa muntu araduha ivyo twasezeranye ko abihaye n’aba baje mu nyuma! Tweho bite? Uyu musi si ikibazo c’imisahara, ni ikibazo c’uguhindura ingene tubona kandi twakira ibintu. Tubibona dutyo, nk’uko Imana ibibona?