Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Vivons en Eglise » Vie chrétienne » Te Deum Laudamus (Mukama ni wewe tuninahaza)

Te Deum Laudamus (Mukama ni wewe tuninahaza)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)

Te Deum bamwe bamwe bita « Ishemezo ry’Abamalayika » ni ururirimbo ruririmbwa, mu gihe abantu bakengurukira Imana, nk’akarorero nk’iyo basozera umwaka. Ico gihe baruririmba mu gisabisho c’Amashemezo y’Ekleziya yo ku mugoroba urongora umusi mukuru wa Bikira Mariya Nyina w’Imana, uhimbazwa kw’igenekerezo rya 1 Nzero buri mwaka, canke kuri uwo musi nyene.

Ariko kandi ruraririmbwa no mu mpera y’igisabisho c’Amashemezo co mu mutwenzi (Office des Lectures) ku misi y’Imana yose (kiretse mw’Ikarema) hamwe no ku misi mikuru. Bararuririmba kandi iyo batoye Umupāpa mushasha, imbere y’ugusozera ikoraniro ry’abari mu matora. Ikindi gihe baririmba Te Deum, ni igihe haba harangiye Inama Nkuru y’Ekleziya (Concile) nk’imwe yabera i Vatikano ubugira kabiri (1962-65)

Urwo ruririmbo rugizwe n’ibice bikuru bikuru bitatu:

  1. Igice ca mbere giherera ku majambo « …hamwe na Mutima we Mushingangingo abushitse ». Ni ininahazwa ry’Ubutatu Bweranda ariko ryerekejwe cane cane kuri Mana Data.
  2. Igice ca kabiri gica gihera kuri « Ewe Yezu Kristu uri Umwami w’Ubuninahazwa » gushika kuri « wacunguje amaraso yawe y’igiciro ntangere »: iki gice gishemeza  Yezu Kristu Umucunguzi.
  3. Igice ca nyuma naco kigizwe n’amajambo ava canke yisunga ibisabisho vyo mu gitabu c’Amazaburi.

Urwo ruririmbo, naho tutazi neza nyene kwandika amajambo arugize, benshi bahuriza ko yoba ari Sipriano Mweranda w’i Kartaje yoba yararwanditse mu kinjana ca 4. Haravugwa kandi ko Ambrosi Mweranda yaruririmvye ahejeje kubatiza Agostino Mweranda, bamwe bagafatira aho mu kurumwitirira.

10 commentaires

  1. Fred dit :

    La chanson de tous les temps. Mon pere m’a dit qu’il chantait cette belle chanson en 1956 dans la Paroisse de Kanyinya et il a ete surpris de l’entendre encore.

    J’aime

  2. FRED-SOUSTIN MUNYAMPETA dit :

    Je me sens reconforte. Iyi ndirimbo nari narayirondeye ndayirbura. Mwoduha version Youtube yayo? Muzoba muzoba mukoze.

    J’aime

  3. Zacharie Miburo dit :

    Murakoze.
    Noronka none amajambo (texte) agize iyo tedeum ( mu kirundi).
    Mbaye ndabashimira cane.

    J’aime

    • Abbé Lambert dit :

      Muvukanyi, aho mpereye ubu ntayo noronka kuko sindi i Burundi
      Arikoudashoboye kuyumviriza hanyuma ngo uyandike, woraba umuntu ari i Burundi agaheza akayakuronsa

      J’aime

    • Landry dit :

      . (Mukama, ni wewe tuninahaza) Ni wewe Ur’Imana nzima.
      2. Isi yose irakwubaha, wewe Mana Data wamyeho.
      3. Abamalayika bose, ivyaremwe vyose, ububasha bwose vyegukiye
      Wewe.
      4. Abakerubini, abaserafini; ntibahengeshanya kuguter’impundu.
      5. Bavuga bati: uri Mutagatifu, Mutagatifu, Mutagatifu; Wewe
      Mukama Mana rutaganzwa.
      6. Ijuru n’isi vyuzuy’ubuninahazwa bwawe.
      7. (Abatumwa) Abatumwa bahurikira hamwe,
      bakuvugiriz’impundu,
      8. Ikirwi c’abahanuzi naco kikayakira.
      9. Umwerasi w’ishengero ry’abagupfiriye,
      bagukez’urudahengeshanya.
      10. Isi yose, Ekleziya ntagatifu, irazi k’uri Mana nzima.
      11. Wewe Mana Data nyen’inganji ntangere.
      12. Mwe n’Umwana wawe, w’ikinege Nyagusengwa.
      13. Hamwe na Mutima, We Mushingangingo abushitse.
      14. Ewe Yezu Kristu ur’Umwami w’ubuninahazwa.
      15. (Naninahazwe) Ni wewe Mwana utigez’utangura wa Mana Data.
      16. (Naninahazwe) Ni wewe nyen’igihe wagira ngo wigir’Incungu
      y’abantu (Naninahazwe) Utatinye kwibera mumbanyi
      y’Umubikir’atagir’inenge.
      17. (Naninahazwe) Ni wewe wacagaguy’ingoyi z’urupfu
      ukatwugururira amarembo y’ubwami bw’ijuru.
      18. (Naninahazwe) Ni wewe uvyagiye I buryo bw’Umukama
      mubuninahazwa bwa Mana Data
      19. (Naninahazwe) Ni wewe twemera kuzohindukir’ur’umucamanza
      w’Ingingo
      20. Niho tukuzamvye, Mukama ng’ugarukir’abasuku bawe
      Wacunguj’amaraso yawe y’igiciro ntangere
      21. Tabarany’ubater’iteka, ry’ukuzoharurwa mumurwi w’aberanda
      bawe mu buhirwe budashira.
      22. Rokor’ishengero ryawe, Mukama, ugirek’uhezagir’abo bose
      wagiz’icibare cawe.
      23. Nubaber’Indongozi, maze ubashikire Wewe Mushobora vyose,
      Gushik’ubashikirize’ubuzima budahera.
      24. Turagushimagiza tudahengeshanya
      25. (Tuzokwama) Tuzokwama (dutazira) dutazira izina ryawe
      ritagatifu.
      26. Turagusavye Mukama, dukingir’uyu musi igicumuro cose
      27. (Naninahazwe…) Tugirir’ikigongwe, Mukama tugirir’ikigongwe.
      28. Es’ikigongwe cawe Mukama codusagira nkuk’umwizero
      tugufiseko utagir’inenge
      29. Ni Wewe nizigiye, ni Wewe kandi sinzokwigera nizeruka. AMEN
      Patiri: Nituninahaze Mana Data, Mana Mwana na Mana Mutima
      Mweranda
      Bose: Tumuhaye, kandi tumushimire imyaka yose
      P: Urakaninahazwa Mukama w’ijuru n’isi
      B: Urakwiye impundu ishimagizwa z’ubuninahazwa bw’imyaka
      yose
      P: Mukama niwumvirize ico ndakuzamvye
      B: N’ijwi ryanje rigushikire
      P: Nimuhorane Umukama
      B: N’abe no mu mutima waw

      J’aime

    • Muhizi dit :

  4. Muhire Claude François dit :

    Turaheruka kuyikoresha muri concert muri Paroisse Muzinda ariko yaratugoye ,version adaptée en kirundi
    -Bamwe bayirimba bayijanisha n’utwatuzo tw’amajambo y’ikirundi
    -Abandi bakayiririmba ukwo amanuta ameze
    -Hariho copies ziri muri gamme y’a FA ariko amanuta agatangurira aho ayo muri gamme y’a SI atangurira(Cfr igitabu Alléluia)

    None birashoboka bogira adaptation ku twatuzo tw’ikirundi?

    J’aime

    • Abbé Lambert dit :

      Birashoboka ko abarírīmba babirirîmba ku buryo bumva ko vyumvikana. Igihambaye ni uko abakirisu bategera ico abaririmvyi bariko bararírīmba. Ivy’ugukosora navyo nta burenganzira tubifisemwo ku buryo twobitangaza (publication) kuko twobanza gusaba uruhusha uwabikoze canke Inama y’Abepiskopi. Nagira ndakubwire y’uko mw’Ishaka rya Paulo Mweranda (Cercle Saint Paul) twigeze gusaba uruhusha rw’ugusubiramwo ibitabu vya Alleluya ariko turarúbura.

      J’aime

  5. Dieg dit :

    Amahoro!Mwodufasha mukatwereka (publier)amajambo (Paroles)y’indirimbo yose (Te deum).Murakoze

    J’aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi