Ariko kandi ruraririmbwa no mu mpera y’igisabisho c’Amashemezo co mu mutwenzi (Office des Lectures) ku misi y’Imana yose (kiretse mw’Ikarema) hamwe no ku misi mikuru. Bararuririmba kandi iyo batoye Umupāpa mushasha, imbere y’ugusozera ikoraniro ry’abari mu matora. Ikindi gihe baririmba Te Deum, ni igihe haba harangiye Inama Nkuru y’Ekleziya (Concile) nk’imwe yabera i Vatikano ubugira kabiri (1962-65)
Urwo ruririmbo rugizwe n’ibice bikuru bikuru bitatu:
- Igice ca mbere giherera ku majambo « …hamwe na Mutima we Mushingangingo abushitse ». Ni ininahazwa ry’Ubutatu Bweranda ariko ryerekejwe cane cane kuri Mana Data.
- Igice ca kabiri gica gihera kuri « Ewe Yezu Kristu uri Umwami w’Ubuninahazwa » gushika kuri « wacunguje amaraso yawe y’igiciro ntangere »: iki gice gishemeza Yezu Kristu Umucunguzi.
- Igice ca nyuma naco kigizwe n’amajambo ava canke yisunga ibisabisho vyo mu gitabu c’Amazaburi.
Urwo ruririmbo, naho tutazi neza nyene kwandika amajambo arugize, benshi bahuriza ko yoba ari Sipriano Mweranda w’i Kartaje yoba yararwanditse mu kinjana ca 4. Haravugwa kandi ko Ambrosi Mweranda yaruririmvye ahejeje kubatiza Agostino Mweranda, bamwe bagafatira aho mu kurumwitirira.
La chanson de tous les temps. Mon pere m’a dit qu’il chantait cette belle chanson en 1956 dans la Paroisse de Kanyinya et il a ete surpris de l’entendre encore.
J’aimeJ’aime
Je me sens reconforte. Iyi ndirimbo nari narayirondeye ndayirbura. Mwoduha version Youtube yayo? Muzoba muzoba mukoze.
J’aimeJ’aime
Nta version ya YouTube ndabona
Ngira ntihazobura abavyiyumvira bakayiririmba kandi bakayishira kuri YouTube
J’aimeJ’aime
Murakoze.
Noronka none amajambo (texte) agize iyo tedeum ( mu kirundi).
Mbaye ndabashimira cane.
J’aimeJ’aime
Muvukanyi, aho mpereye ubu ntayo noronka kuko sindi i Burundi
Arikoudashoboye kuyumviriza hanyuma ngo uyandike, woraba umuntu ari i Burundi agaheza akayakuronsa
J’aimeJ’aime
. (Mukama, ni wewe tuninahaza) Ni wewe Ur’Imana nzima.
2. Isi yose irakwubaha, wewe Mana Data wamyeho.
3. Abamalayika bose, ivyaremwe vyose, ububasha bwose vyegukiye
Wewe.
4. Abakerubini, abaserafini; ntibahengeshanya kuguter’impundu.
5. Bavuga bati: uri Mutagatifu, Mutagatifu, Mutagatifu; Wewe
Mukama Mana rutaganzwa.
6. Ijuru n’isi vyuzuy’ubuninahazwa bwawe.
7. (Abatumwa) Abatumwa bahurikira hamwe,
bakuvugiriz’impundu,
8. Ikirwi c’abahanuzi naco kikayakira.
9. Umwerasi w’ishengero ry’abagupfiriye,
bagukez’urudahengeshanya.
10. Isi yose, Ekleziya ntagatifu, irazi k’uri Mana nzima.
11. Wewe Mana Data nyen’inganji ntangere.
12. Mwe n’Umwana wawe, w’ikinege Nyagusengwa.
13. Hamwe na Mutima, We Mushingangingo abushitse.
14. Ewe Yezu Kristu ur’Umwami w’ubuninahazwa.
15. (Naninahazwe) Ni wewe Mwana utigez’utangura wa Mana Data.
16. (Naninahazwe) Ni wewe nyen’igihe wagira ngo wigir’Incungu
y’abantu (Naninahazwe) Utatinye kwibera mumbanyi
y’Umubikir’atagir’inenge.
17. (Naninahazwe) Ni wewe wacagaguy’ingoyi z’urupfu
ukatwugururira amarembo y’ubwami bw’ijuru.
18. (Naninahazwe) Ni wewe uvyagiye I buryo bw’Umukama
mubuninahazwa bwa Mana Data
19. (Naninahazwe) Ni wewe twemera kuzohindukir’ur’umucamanza
w’Ingingo
20. Niho tukuzamvye, Mukama ng’ugarukir’abasuku bawe
Wacunguj’amaraso yawe y’igiciro ntangere
21. Tabarany’ubater’iteka, ry’ukuzoharurwa mumurwi w’aberanda
bawe mu buhirwe budashira.
22. Rokor’ishengero ryawe, Mukama, ugirek’uhezagir’abo bose
wagiz’icibare cawe.
23. Nubaber’Indongozi, maze ubashikire Wewe Mushobora vyose,
Gushik’ubashikirize’ubuzima budahera.
24. Turagushimagiza tudahengeshanya
25. (Tuzokwama) Tuzokwama (dutazira) dutazira izina ryawe
ritagatifu.
26. Turagusavye Mukama, dukingir’uyu musi igicumuro cose
27. (Naninahazwe…) Tugirir’ikigongwe, Mukama tugirir’ikigongwe.
28. Es’ikigongwe cawe Mukama codusagira nkuk’umwizero
tugufiseko utagir’inenge
29. Ni Wewe nizigiye, ni Wewe kandi sinzokwigera nizeruka. AMEN
Patiri: Nituninahaze Mana Data, Mana Mwana na Mana Mutima
Mweranda
Bose: Tumuhaye, kandi tumushimire imyaka yose
P: Urakaninahazwa Mukama w’ijuru n’isi
B: Urakwiye impundu ishimagizwa z’ubuninahazwa bw’imyaka
yose
P: Mukama niwumvirize ico ndakuzamvye
B: N’ijwi ryanje rigushikire
P: Nimuhorane Umukama
B: N’abe no mu mutima waw

Turaheruka kuyikoresha muri concert muri Paroisse Muzinda ariko yaratugoye ,version adaptée en kirundi
-Bamwe bayirimba bayijanisha n’utwatuzo tw’amajambo y’ikirundi
-Abandi bakayiririmba ukwo amanuta ameze
-Hariho copies ziri muri gamme y’a FA ariko amanuta agatangurira aho ayo muri gamme y’a SI atangurira(Cfr igitabu Alléluia)
None birashoboka bogira adaptation ku twatuzo tw’ikirundi?
J’aimeJ’aime
Birashoboka ko abarírīmba babirirîmba ku buryo bumva ko vyumvikana. Igihambaye ni uko abakirisu bategera ico abaririmvyi bariko bararírīmba. Ivy’ugukosora navyo nta burenganzira tubifisemwo ku buryo twobitangaza (publication) kuko twobanza gusaba uruhusha uwabikoze canke Inama y’Abepiskopi. Nagira ndakubwire y’uko mw’Ishaka rya Paulo Mweranda (Cercle Saint Paul) twigeze gusaba uruhusha rw’ugusubiramwo ibitabu vya Alleluya ariko turarúbura.
J’aimeJ’aime
Amahoro!Mwodufasha mukatwereka (publier)amajambo (Paroles)y’indirimbo yose (Te deum).Murakoze
J’aimeJ’aime