Bavukanyi, uyu musi duhimbaje Ibatisimu y’Umukama, Umusi mukuru usozera igihe ca Noheli, ariko ugaca utubera intângo y’ukugenda kuba mu vyo twungutse muri uru rukurikirane rw’imisi mikuru ya Noheli.
1. Amahoro ni ingabirano ya Noheli.
Ingabirano rero ihambaye turonka mu misi mikuru ya Noheli, ni ya mahoro twaririmba tuvuga duti: « Gloria, Imana ininahazwe mw’ijuru, kw’isi naho haze amahoro, ku bantu Imana ikunda bakayikundira ». None iyo ngabirano twarayakiriye? Turemesha ayo mahoro gute mu ngo zacu, mu mibano yacu, ku kazi aho dukorera….? Abarundi bati: « Iyija kurisha ihera ku nama ». Ntihararengerana rero, umwe wese arabe ingingo yigiriye y’ukuremesha amahoro ; ataco ariyemeza naho, ntave ng’aha ataco yibwiye ngo abe umunyamahoro aho abaye, aho akorera,….
Uyu musi rero, Yezu atugiye imbere, aramanutse muri Yordani, rwa rûzi ba Sêkúru bajabuka ngo bashobore gushika mu gihugu c’isezerano, igihugu c’amata n’ubuki, igihugu c’amahoro, bavuye mu buja mu Misiri, mu gihugu carangwa n’ukubahonyangira agateka, abāhó bacinyiza ab’Imana. None ubwo twesse turiteguriye kujabukana na Musa mushasha, (ashira amakanda yiwe mu makanda ya Yozuwe yajabukanye Yordani igihugu c’Imana) we Ndongozi y’ukwemera kwacu?
Twumvise ko Yezu yaje guhabwa ibatisimu hamwe n’abandi banyakabi bose: mbega nawe yari umunyakabi? Haba namba. Mbere twimvise ko na Yohani atumva ingene Yezu yoza kubatizwa kuko agize ati: ni je nari kubatizwa nawe none uje iwanje? Birasize ubwenge, ariko dusabe Umukama adufashe dutegera ico agize mu kuza kubatizwa.
2. Inyifato ya Yezu imbere y’abacumuzi
Bavukanyi, Umukama yemeye gusanga abacumuzi muri ico kibanza Imana yabakoreyeko ku mutima, bakabona ko bakwiye kuronka ibatisimu y’ukwisubirako ngo bahebe inabi. Aje kwifatanya nabo rero kugira bamanukane muri Yordani. Gutyo azoca abafata ukuboko, badugane, abakutse, mbere abajabutse, bajabukane mu gihugu c’isezerano, igihugu c’amahoro, igihugu c’amata n’ubuki, kimwe ba sokuru bashikamwo bajabutse Yordani. Aha rero twokwibaza duti: mbega ingendo n’inyifato vyacu bimeze gute imbere y’abo bigora? Wifata gute imbere y’umucumuzi? Ubwo wewe wiyita mwiza urabona ko ukwiye gusanga uwo vyagoye muri ivyo yaguyemwo bikamwambura iteka? Urabona ko ubwirijwe kumusanga muri ako gaheza yahambwemwo n’inabi ngo umufate ukuboko, umuzamure, musubire guhana bwakeye, mubwirane muti: gira amahoro? Canke agira uti : biramusha!
Erega bavukanyi iyi ni yo ngendo y’Imana Umukama atweretse: rabe asanze abacumuzi iyo bari. None wogira kuba uriko urapfa kaba ari we wībíka? Mwibuke ko turirimba ko umuntu ari mu nyenga y’inabi akoma akaruru n’imihogo igafatana, amaso agahera mu nzira yiteze uwomuserukako. Twibuke ko n’igihe Adamu na Eva bacumura, baciye baja kwinyegeza, Imana ikaza kubarondera. Kuri uyu musi w’Ibatisimu ya Yezu, dusubire turabe inyifato yacu imbere y’abazingamitswe n’inabi. Erega ni babona ko tubitwararitse, bazoduha ukuboko, tubakutse. Yezu aragorōye cane ivyo Yohani yari yavuze aho yagira ati ; « ishenyo iraneze ku mizi y’ibiti ». Ng’uyo aje ari umunyempuhwe.
3. Yordani
Yezu yaje muri Yordani ngo abatizwe. Egome cane, arakaza muri Yordani, arakamanukayo, aragakonkobokerayo! Nkako nyene Yordani bisigura uwumanuka, uwugógoma, uwushunguruka (yarad, mu gihebreyi). Urwo ruzi mwumva ntiruva no mu mitumba ihanamye cane, ni mu mataba asanzwe (520m d’altitude) ariko mu nzira rufata y’ibilometero 220 uva mu mataba ya Hermoni, mu kanya ruba rushitse mu kiyaga c’îcûnyūnyú (mer morte), kandi kiri musi y’ibindi biyaga vyose vyo kw’isi (-394m par rapport au niveau de la mer). Ng’aho aho Yezu adusanga. Ko ari kure cane kandi atan’ubuzima buriyo, turakeneye uwutwumvira impuhwe, akamanuka kudukurayo. Ni Yezu rero, uwaje ava mw’ijuru. Aramanutse, arabatijwe (n’aho batatubwiye ingene vyagenze), araduze. Kumanuka. Kudūga. Ni nka kumwe azomanuka mu nyenga y’urupfu, kugira ngo ku bw’izuka ryiwe, adugane abo bose bari baboshwe n’urupfu. None uriteguye kudugana nawe? Erega urwo ruzi rushobora kuba rwashaka gutemba ruza mu mutima wawe igihe hoba ata buzima bukiriyo, canke ingendo n’inyifato vyawe bitagisshigikira ubuzima. Ivyo navyo ni igihe mu mutima wawe, mu rugo iwawe, ku kazi,…. hoba hadatekanye, hiziziwe n’ugucanamwo, ibiturire, n’ayandi mabi.
3. Yezu ni we yungira ubucuti ijuru n’isi
Ngo amaze kubatizwa, ijuru ryariyuguruye. Mariko wewe avuga ko « ryatabutse » (Schizô) kugira ntihagire n’inema n’imwe isigarayo. Twebwe duhamagariwe kwakira ivyo vyiza vy’ijuru. Gutyo rero turumva ko Imana itakiri kure, dushobora kwumva ijwi ryayo. Muri Kristu, imigenderanire y’ab’ijuru n’abari kw’isi irashoboka. Iyo nayo ituzanira amahoro. Matayo avuze ko Mutima Mweranda yamujeko mu gisa n’inuma (la colombe), nk’imwe yaguruka ifise ishami rya Oliva igihe isegenya yatûrūra, gutyo ikamenyesha ko amahoro yaje. Nkako, irema rishasha ritangurana na Kristu, Sêmahóro, yungira ubumwe abantu n’Imana, akungira ubumwe abantu n’abandi.
Ko ari Mahoro yacu, na Petero twumvise mu gisomwa ca kabiri aravyatuye kuko yategereye ko Imana itagira nkunzi kuko n’abapagani ibakunda kandi ikabahunda ivyiza vyayo. Abivuze ari muhira kwa Korneliyo, intwazangabo mu gisirikare c’Abanyaroma, akaba n’umupagani (kuko atavukiye mu Bayuda). Kugira amahoro, ni ukutagira nkunzi, bose tukabipfuriza ivyiza. None ubwo turemera ko abantu bose ari « ba-nyagukira », « ba nyakugira-amahoro »? Woba uvyemera ute kandi uca aho abandi bakoraniye ntunagire uti: gire amahoro yemwe! Erega bavukanyi ibatisimu twahawe idushira mu muryāngo wagutse, utagira imbibe, umuryāngo w’abemera ko twese dusangiye Umuvyeyi ari we Mana yacu. None ko twabatijwe burya turabigendera? Turemera ko twese tuvukana? Turibuka ko tuvga duti: « Dawe wa twese », atari Dawe wa bamwe bamwe gusa?
Bavukanyi, mu guhimbaza Ibatisimu y’Umukama uyu musi, twibuke ibatisimu natwe twahawe, ikatuvukanisha muri Kristu, tukajabukana nawe amazi ya Yordani ngo dushikire igihugu c’amahoro, tubane mu mahoro, mu muryāngo w’ab’Imana. Gutyo tuzoba bashasha, tube Umuco w’abandi nk’uko twavyumvise mu gisomwa ca mbere: uwo musuku avugwa ni Umunyamahoro, adahohosha umubingo wavunitse, akaramira abo bigora, bacumbagira, ntazimye akabeya kagihembera, ntashire urwamo hejuru ngo abantu batunguruke umutima, bamane umutima uhagaze. Nta wabatijwe yokwama ahagaritse umutima abandi.
Twibuke twese ico twaraganiye Umukama, ico twabaye (abavukanyi b’abana b’Imana bose). Uyu musi ntihagire uwo Yezu asiga hakurya ya Yordani.
Tubisabiranire.
Umusi mukuru mwiza.