Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » Fêtes » No mu bihe vy’ukwihebura kuko ivyo twari twizeye vyose vyāfyōndôtse, Yezu yama hafi yacu ngo dusangire urugendo. Atubere akarorero rero natwe.

No mu bihe vy’ukwihebura kuko ivyo twari twizeye vyose vyāfyōndôtse, Yezu yama hafi yacu ngo dusangire urugendo. Atubere akarorero rero natwe.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


  1. Yezu atwama hafi n’iyo turi mu ngorane.

Iri jambo Luka Mweranda yanditse mu myaka ya 80, haheze nk’imyaka 50 Kristu Yezu apfuye hanyuma akazuka riratwerekeye cane, hano iwacu. Yaryanditse afise ku mutima cane cane abakristu batari imvukira z’igihugu c’Abayuda. Imyaka ya 60 ishira 70 yari yabayemwo ingorane nyinshi ku bakristu, kubera uruhamo rw’Umwami Neron. Mu mwaka wa 70, Yeruzalemu yarasambuwe n’ingabo z’abanyaroma bariko bagwana intambara ngo bigarurire vyose. Muri 72 muri ico kinjana ca mbere nyene, mu bugaragwa bw’i Masada, ni ho hiciwe Abayuda ba nyuma bariko bagerageza kugwanira iteka ryabo. Ico gihe nyene, abatumwa bariko barapfa (kubera imyaka) kandi ari bo bari kiremesha mu mibano y’abakristu. Vyari bigoye. None babifate gute? Tweho bite, ko twaciye mu bisa n’ivyo.

Ku bakunzi ba Yezu, aho yiciwe, vyose vyari birangiye. Ahari umwizero ko ibintu vyagira bigende neza, na cane cane ko hari abari biteze ko Yezu abakurako agasuzuguro n’umukandamizo w’abanya-Roma, vyose vyari biguye mu mazi. Nta kindi kigisigaye kiretse ukwisubirira muhira: « ariko tweho twari twizigiye ko ari We yari gucungura Israyeli! None bukeye gatatu ivyo bintu vyabaye! « 
Muze twishire mu kibanza c’abo bigishwa. Muze tujane na bo akanya gato. Muze tubumvirize. Muze twibaze igihe nk’ivyo bitubayeko ingene twokwifata. Kandi vyama vyabaye. Kandi n’ubu ni vyo bidukoranije kuko hari muri twebwe abigeze kuba bafise umwizero mu babo ariko ugafyondoka, bagasigara bipfumbereje.

« Yezu na We arabegera ngo bafatanye akayira; ariko amaso yabo ntiyashobora kumumenya ». Niko bavukanyi, ayo maso yabo yari kumumenya gute?
Warakoze Mukama kubiyegereza. Wakoze Mukama kutwiyegereza natwe, wakoze kudukoraniriza muri kino kibanza ceranda. Mbega iyo tutahakubona ntituba twarimanitse? Erega kenshi na kenshi ntaco tuba twambariye! Kira noneho : igihe biducanganiyeko, uraza, ukatwiyegereza, tugafatanya akayira, kuko usanzwe uzi ibibazo turimwo. Uraza ukatwumviriza, n’aho tutomenya ko ari Wewe uje muri uwo muvukanyi aje ngo dusangire urugendo. Urakoze Mukama kuko wiyegereza twebwe nyene, kandi umwe wese muri twebwe akaronka ikibanza, iruhande ya Klewofasi. Uwo wundi atavuzwe, ni jewe, ni wewe uri ng’aha.

2. Ukuganira ivyatubayeko n’ugusangira ijambo.

Twumvise ko abo bigishwa basubiye i Yeruzalemu biganiye abandi ingene bamenye Yezu. Ariko n’abo basanze i Yeruzalemu nabo nyene bagize uko nyene. Barasangiye ijambo. Mbega ubu abantu batuntuye bagenda baraganira uduki? Ni nde abitaho? Ni nde abumviriza ngo basangire imyitwarariko? Ng’ico ico duhamagariwe muri iki gihugu cacu: twegere abantu. Twumvirize ico bagona, tutabacira mw’ijambo ngo canke tube turiyumvira inyishu z’ivyo bataranashobora gushikiriza kuko bwafutse umunwa, bwateruranye n’icibo.

« Ni wewe musa uciye i Yeruzalemu utazi ivyabaye muri iyi misi? » Na We ati: « Vy’ibiki? » Bati: « Ivya Yezu w’i Nazareti: yari umuhanuzi w’agakura mu mvugo no mu ngiro, imbere y’Imana n’imbere y’abantu….. »

Ng’uwu Yezu araberetse ngo bavuge. N’aho ivyo bagira bavuge abizi kuko vyerekeye We nyene nabo bari basabagiye, bahunze, ng’uyu arabaretse ngo bagire ico bashikirije. Erega bavukanyi, ukubura aho uvugira ivyagushikiye birabâga. Ni vya bindi bikurya bíkwāgāra ku mutima utari bwiyagaze. Yezu rero ntabimenyesheje ubwo nyene. Ashimye ko bobanza gushikiriza akababakiye. Ng’iyo ingendo twebwe abakristu twogira; guha akanya abandi ngo bashikirize ikiri ku mutima. Sinkeka kandi ko ugushobora gushikiriza akutubakiye ari intambwe mu gukira.

3. Mu muryango w’Ekleziya, Ijambo ry’Imana n’amasakramentu birakiza

Ng’uyu rero Yezu asamye ijambo. Kandi urugendo bafatanije ruza gutuma bamumenya. Ashimye ko batera intâmbwé zibiri : Ijambo ry’Imana hamwe n’Ukaristiya.

Bavukanyi, ukutamenya Ijambo ry’Imana ni ukuyoberwa Imana Yo nyene. Ijambo ry’Imana riraduha umuco igihe twaherewe. Ni co gituma dukoranye ngo dusenge, twumvirize Imana ariko kandi tunayiganire ibituremereye, mbere dushobora kuba tumaranye imyaka tugendana, twikoreye.

Intâmbwé ya kabiri: ikinyegezwa c’Ukaristiya. Ukumanyura Umukate cabaye ikimenyetso baca bamumenyerako. Ni navyo yari yagize ku wa 4 Mweranda. Iryo sakramentu ry’Ukaristiya rero ritwerekeza no ku yandi masakramentu kuko muri yo Imana ituremarema, ikaturemesha. Iryo Sakramentu, rybitwa kandi iry’urukundo kuko ritwereka umwitwarariko Imana idufitiye. Ivyo navyo bitigisha ikintu gihambaye cane : ko hari aho duhwanira n’Imana. Aho naho ni muri Kristu Yezu yapfuye akazuka.

4. Ukugaruka mu muryango, ugusangira ijambo n’abandi

Bavukanyi, nta handi yashimye kutwimenyeshereza atari mu muryango wiwe, mw’Ekleziya twese tugize, Ekleziya dusangiriramwo urugendo n’abavukanyi, cane cane abiraburaniwe kubera ingorane zitandukanye harimwo n’ukubura abo umwizero wacu wari ushingiyeko, nk’uku Yezu yabaye hafi y’aba bigishwa b’i Emmausi.

Ni mw’Ekleziya tugaburirirwa Ijambo ry’ubuzima riturema kuko riduha insiguro y’ubuzima n’ibibugize, ivyo ducamwo vyose nk’uku Yezu yahereye kuri Musa agahetura abahanuzi bose atanga inyigisho n’insiguro, aba bari bijiriwe bakumva barakeye mu maso no ku mutima nyene.
Ni mw’Ekleziya aho n’abakumiriwe canke abikumiriye kubera ingorane z’ubuzima bumva ko basubijwe iteka, bagatāmāza aho abandi bakoraniye, bagasenga bahaya Imana.

Bavukanyi, sinyobewe ko ivyo twaciyemwo, cane cane muri izi ndyane z’iwacu i Burundi no mu karete kacu vyadusizemwo imvune, tukumva ataco tucambariye. Harageze igihe twikumira, tukaja gusenga ariko tutubahuka gukirurutsa umutima. Ndibaza ko mu bisata muvamwo no mu mibano rukristu, ntiturashobora gusangira ijambo, mugahanaha ivyiyumviro ku vyatubayeko nk’uku twumva aba bigishwa bagenda barahanaha ivyiyumviro ku vyerekeye urupfu rw’umukunzi wabo akaba n’Umwigisha wabo.

Erega bavukanyi, ukutaronka n’uwo uganyira, ngo bikunde ko umuyagira umutwaro wikoreye nk’uwo ukubura uwawe, biraremēra cane. Ni ho rero muri iyi yaka, cane cane duhereye m 2009, Umuryango wacu w’Ekleziya tugize muri Ngozi wibwiye ko hari ico vyotumarira igihe tworonka akaryo k’uguhurira hamwe tutaje kurira gusa (n’aho na vyo nyene bikiza, ubona ko hari n’aho tutanaronse n’akanya k’ukuririra abacu kandi tuzi ko amosozi aremereye kuruta amazi), ariko kandi tuje gusangira ijambo riturema kuko twemera ko Kristu Yezu yatsinze urupfu, ko urwo rupfu rutagize Ijambo rya nyuma ngo rumurye kandi rumuherane. Biri mu vyo twaganiriye mu nama ya mbere y’Umuryango wa Diyoseze yacu, bigapfundikwa hanyuma tukabishikirizwa nk’ingingo n’Umwungere yari arongoye Diyoseze yacu mu 2017.

Uyu musi rero utubere akaryo keza ko gutangura urugendo rushasha n’ugutera intambwe tuva mu nabi y’urupfu tuja mu neza. Ng’ivyo ivyo twosabiranira. Ng’ivyo ivyo abanyamuryango bapfunditse muri Synode tuzi ko yari ifise ihangiro nyamukuru ry’ukwubaka umuryango mu kunagura ubukristu, ngo duce duhera ng’aho ngo tube umuryango ufise ico uterera mu kuremesha amahoro, umuvukano, ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe. Ng’iyo Inkuru Nziza turonse (ko Yezu atwama hafi), ng’ubwo ubutumwa turonse ko tutokwigungana iyo Nkuru Nziza, ngo twemere ko ijoro ritubuza kuva i Emawusi dusubira i Yeruzalemu kuyagira abandi Inkuru Nziza y’izuka rya Kristu, ryg riduha insiguro y’ubuzima bwacu, ngo twoye kuzimagirika.

Tugire Kristu.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :