Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire

Archives de Catégorie: Temps Ordinaire

Idominika ya 16 yo mu mwaka B

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (23, 1-6)

Abungere beza b’igihugu c’Imana

Ng’iri iryavumerewe n’Umukama:
Baragatoye, abungere bareka intama zo mu canya canje zigahona kandi bakazishwiragiza! Ni co gituma, jewe Umukama Imana y’Israyeli, mbwiye abo nashinze kuragira igihugu canje nti: Intama zanje mwaraziretse, zirashwiragira, zirazimira, ntimwazitayeho. Jewe ngiye kubashinga ijisho kubera akabi mwakoze. Hanyuma, nzoshwaburira hamwe intama zanje zasigaye, ndazikure mu bihugu vyose aho nazirukaniye. Nzozisubiza mu bwatsi bwazo, zirondôke, zigwire. Nzozironderera abungere baziragirana ubwira; ntizizoba zikigira ubwoba canke ngo zihagarike umutima, kandi ntihazotakara n’imwe muri zo: ni Jewe Umukama mbivuze.
Mu misi izoza, nzotuma Dawudi kunaga akabuto k’ubutungane: azoganza nk’umwami w’ukuri kandi w’incabwenge, azotwaza igihugu ingingo n’ubutungane. Ku ngoma yiwe, Abayuda bazoba bakize, Abanyisrayeli bibere mu mahoro. Mbere ng’iri izina bazomutazira: «Umukama-niwe-Butungane-bwacu.»

IZABURI 22 (23) 1-3a, 3b-4, 5, 6

Icit.: Umukama ni we mwungere wanje,
         nta co nokena.

Umukama ni we mwungere wanje,
sinzokena;
ni we amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.
Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana
aremesha umutima wanje ubudasiba.

Ni we anyoborera inzira nziza
ku bw’izina ryiwe.
N’aho noca mu mwonga mu mwijima,
nta co ntinya,
kuko uri kumwe nanje,
kuko inyobozo yawe impumuriza.

Untegurira ameza
mu maso y’abansi;
wansize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.

Eka mbere mu bugingo bwanje
namana impore n’ubuhirwe;
inzu yanje ni ingoro y’Umukama
imisi yose y’ubugingo bwanje.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (2, 13-18)

Yezu ni we mahoro y’abantu bose

Ncuti zanje,
Kera mwari kure y’Imana y’Isezerano, none mwabaye hafi kubera amaraso ya Kristu. Koko, Kristu ni we Mahoro yacu, kuko ari we yahinduye vya bihugu bibiri, – Israyeli n’abanyamahanga, — bigacika kimwe. Mu mubiri wiwe wabambwe, yarasituye rwa ruhome rwabitanya ari rwo rwanko, arahanagura imiziro n’amabwirizwa ya Musa. Ni uko, yashaka kubakoranya bose ngo abazanire amahoro, areme muri we Umuntu umwe mushasha. Bompi, yashaka kubuzuriza n’Imana, mu kubakoraniriza mu mubiri umwe. Ivyo yabishoboye mu gupfa ku musaraba; ni ho yiciye urwanko mu mubiri wiwe. Yaraje rero kubarangira Inkuru nziza y’amahoro, mwebwe mwari kure, n’abari hafi. Duciye kuri we, twese niho tuzoronka inzira idushikana kwa Data muri Mutima umwe.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Umukama yavuze ati: «Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje,
kandi ndazizi, na zo zikankurikira.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (6, 30-34)

Bari nk’intama zitagira umwungere

Umusi umwe, abatumwa bateraniye iruhande ya Yezu, bamwiganira ivyo bari bagize vyose n’ivyo bari bigishije vyose. Arababwira ati: «Nimuze ahiherereye, muruhuke gatoyi.» Nkako abashika n’abagenda bari igihugu, nta n’akanya kaboneka k’ugufungura. Bagenda rero mu bwato, barora mu gahinga hiherereye. Ariko abantu barababona bagenda; benshi rero barahwihwisha iyo baroye, barahava bava mu bisagara vyose birukayo n’amaguru, barabatanga. Ngo bururuke amato, Yezu aca abona igihugu c’abantu, bimutera imbabazi, kuko bari nk’intama zitagira umwungere, aca aja mu vyo kubigisha igihe kitari gito.

Tuzozukira ubundi buzima, buninahaye kubw’ukudahemuka kw’uwo twamye twizeye.

IMG_20170723_114654Bavukanyi,
Uyu musi turasubiriye gukorana kuko twemera Kristu yapfuye akazuka. Ntawobikeka, abaje ng’aha, turemera kandi turemeza izuka. Nka ko nyene, abantu bose ntibemera izuka. Hari abazindutse biryamiye, ngo baruhuke, abandi bazinduka muri sport mu kurindira ko haca ngo baje aho abandi bagabo bari. Twebwe turi aha uyu musi tuje gusaba ngo Umukama adukize ibiduhanamiye vyose, tubone gutekana ku mutima no ku mubiri, ngo dushobore gushira mu ngiro ivyo Imana idushakako. Twebwe turi aha, nizeye ko twemera izuka. Hasigaye ko dusaba Umukama ngo adukomereze ukwo kwemera kuko gushobora kugira ibikubangamira, nk’uko twayumvise mu gisomwa ca mbere. Nk’abo twumvise bavyifashemwo neza, dutumiriwe kwumira kw’ibanga kuko hari ico twizigiye: ubuzima buzokurikira. Ngo « uheza kugoka ibigori bikera ». Ngo « hakuramba worangwa ».

Bavukanyi, iri jambo twumvise ntiryamye ryemerwa gutya muri Israeli. Abatwandikiye iki gitabu twakuyemwo igisomwa ca mbere, mu kinjana ca kabiri imbere y’uko Yezu Kristu avuka bari bamaze gutegera ko umuntu adapfa ngo ahere. Ko Imana ishobora kumusubiza ubuzima, umutima n’umubiri, igihe yoba yamye ayizigiye.

Nkako nyene, iryo jambo baritegereye rivuye kure kuko si irya vuba kuko n’Umuhanuzi Ezekiyeki yari yarabihanuye mu kigabane ca 37 aho yerekwa amagufa yuzuye akabande, atagira inyama, ata buzima afise, ariko ububasha bw’Imana bukayasubiza ubuzima. Noneho n’umwanditsi w’izabuli ya 16,10 arabivumera ati: « na none ntiworeka umusuku wawe ngo apfe rubi, ahereze mu cobo ».

None iryo zuka twebwe turitegera dute? Ubwo ntitwiyumvira nk’aba Basadusayo begereye Yezu, ubutigu bugeze kuko (suite…)

Ku wa 1 ukurikira Pentekoti: Bikira Mariya, Nyina w’Ekleziya. (Uwo bibuka)

Menya neza:
Marie Mère de l'EgliseKu gushaka kw’Umwungere w’Ekleziya Papa Fransisko, Igisata  co ku kirimba c’Ekleziya kijejwe ivy’Amasabamana n’Ihimbazwa ry’Amasakramentu (Congrégation pour le Culte Divin et la Discipline des Sacrements) carateye igikumu kw’itegeko ryo ku wa 11 ruhuhuma 2018 (décret Prot. N.10/18), rishikirizwa ku wa 3 ntwarante 2018 rishinga ibijanye n’ihimbazwa ry’uwo musi (mu vyerekeye ibisabisho vyo mu Nkuka ya missa, ibisomwa hamwe n’igisabisho c’Amashemezo y’Ekleziya vyo kuri uwo musi.
Tugira dutange rero ibisomwa tuzoshikirizwa kuri uwo musi twibuka (Mémoire) Bikira Mariya, Nyina w’Ekleziya.

Ivyo dusoma mu Gitabu c’Amamuko (Gn 3, 9-15.20)

Umukama Imana ahamagara Adamu amubwira ati: «Uri hehe?» Yishura ati: «Nakwumvise ishwashwa mu murima, nca ngira ubwoba kuko ndi gusa, ni ko kwinyegeza.»  Umukama Imana asubizayo ati: «Ni nde yakubwiye ko uri gusa? Woba wariye ku giti nari nakubujije kurya?» Adamu yishura ati: «Wa mugore wampa ngo abane nanje, ni we yampaye ivyamwa vya ca giti, nanje ndarya.»  Umukama Imana abwira umugore ati: «Ivyo wagize ni ibiki?» Umugore na we yishura ati: «Inzoka yampenze hanyuma ndarya.»
Umukama Imana abwira inzoka ati:
«Ko warikoze,
uragacibwa mu bitungwa vyose,
no mu bikoko vyose vyo mw’ishamba.
Uzogenda urakuba inda yawe hasi, kandi indya yawe ibe ivu,
imisi yose y’ubuzima bwawe.
Nzoshira urwanko hagati yawe n’umugore,
hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe,
ruzoguhonyora umutwe,
nawe urukomore ku gitsintsiri.»
Adamu yita umugore wiwe Heva, kuko yabaye nyina w’abazima bose

Canke:
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1,12-14)

Abatumwa bagaruka i Yeruzalemu, bavuye (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :