Accueil » Posts tagged 'Abameleki'
Archives de Tag: Abameleki
Idominika ya 29 yo mu mwaka. (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (17, 8-13)
(Igisabisho gihozako ca Moshe kiratsinda abansi)
Mu gihe abanyisraeli bari mu gahinga, Abameleki baraja kubatera i Refidimu. Moshe rero abarira Yoshuwa ati : « Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki ; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana. »
Yoshuwa agira nk’uko Moshe yamubariye nyene, aja kurwanya Abamaleki ; Moshe na Aroni na Huri baraduga, baja ku mpinga y’uwo musozi. Maze, Moshe iyo amanitse amaboko, Abanyisraeli ni bo batera baja imbere ; ayamanuye na ho, Abamaleki bakaba ari bo batera baja imbere.
Maze, amaboko ya Moshe arateba araruha ; bafata ibuye, bararimufatira aryicarako ; Aroni na Huri bagumya amaboko yiwe, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi : amaboko yiwe (suite…)