Accueil » Posts tagged 'abatumwa'
Archives de Tag: abatumwa
IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (53, 10-11)
Ishaka ry’Umukama rizoranguka
Umusuku wiwe, Umukama yashatse kumuvunaguza amagorwa. Ariko, niyitanga akabera abantu incungu, azoramutswa n’abuzukuruza, azoramba ; kubera we, ishaka ry’Umukama rizoranguka. Ayo magorwa yose yabonye azohinduka akanyamuneza, azohimbarwa, aronke ivyo yipfuza vyose. Kubera ko yemeye akababara, iyo ntungane, uwo musavyi wanje azokiza abantu isinzi, azokwiremeka ibicumuro vyabo.
IZABURI 32 (33), 4-5, 18-19, 20.22
Icit. : Tworose urukundo rwawe, Mukama,
kuko ari Wewe twama twizigiye.
Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri. (suite…)
IDOMINIKA YA 15 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (7, 12-15)
Ubutumwa umuhanuzi atumwa n’Imana
Muri irya misi, umuherezankuka w’i Beteli yitwa Amatsiya yabariye umuhanuzi Amosi ati : « Ewe Rumenyi, hogi tuvireho, genda uhungire mu ntara ya Yuda, abe ariho urira utwawe, kandi abe ariho uvugira kw’izina ly’Imana. Ariko ntusubire kuvugira kw’izina ry’Imana ngaha i Beteli, kuko ari mu cibare c’umwami, ariho hari ikigabiro ciwe. » Maze, Amosi yishura Amatsiya ati : « Sinari nsanzwe ndi umuhanuzi, canke uwukurikira umuhanuzi. Nahora ndi umwungere, nkaja nditerera ibiti. Umukama ni we yankuye inyuma y’ibitungwa, ambarira ati : Genda, uzobe umuhanuzi w’igihugu canje Israyeli. »
IZABURI 84 (85) 9ab-10, 11-12, 13-14
Icit. : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
uduhe urukiza rwawe !
Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi yo gukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.
Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane, (suite…)
Indwi ya 3 ya Pasika, Umwaka A
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 2, 14. 22-33
(Ntivyari gushoboka yuko urupfu rumutsinda)
Ku musi wa Pentekoti, Petero arahaguruka ahagatiwe na bamwe Cumi n’umwe, atereza ijwi ati : « Yemwe Bayahudi namwe mwese muba ngaha i Yeruzalemu, tege amatwi aya majambo kandi muyategere. Yezu w’i Nazareti yaratewe iteka n’Imana imbere yanyu, mu kumuha ububasha bw’ugukora ibitangaro izuba ryaka, nk’uko namwe nyene mwavyiboneye. Mwaramufashe muramwicisha, mumubamba ku musaraba, mumuta mu minwe y’abansi, nk’uko Imana yari yabitegekanije. Noneho Imana (suite…)