Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Actes du Synode'

Archives de Tag: Actes du Synode

GUTANGAZA IVYAPFUNDITSWE MU NAMA YA MBERE Y’UMURYANGO WA DIYOSEZE YA NGOZI

Mgr Gervais BANSHIMIYUBUSA

IJAMBO UMWEPISKOPI WA NGOZI ASHIKIRIJE ABAKRISTU MU GUTANGAZA IVYAPFUNDITSWE MU NAMA YA MBERE Y’UMURYANGO WA DIYOSEZE YA NGOZI

Nyenicubahiro Mwepiskopi mukuru, Ntumwa ya Papa mu Burundi,
Nyenicubhiro Mwepiskopi wa Muyinga ukaba urongoye Inama y’Abepiskopi gatorika b’i Burundi
Benicubahiro Bepiskopi b’Ekleziya gatorika bo mu Rutana, Ruyigi na Bubanza
Banyenicubahiro mwaserukiye Intwaro y’igihugu cacu n’izindi nzego
Ba nyenicubahiro mwese muvuka muri Diyoseze yacu, namwe mwese bagenzi ba Diyoseze,
Basaseredoti b’Umukama, Ntore za Rugira muri mw’ibanga ry’ukwihebera Imana,
Banyakwubahwa banyenama mwaserukiye abandi mw’isasa ry’Inama y’Umuryango wa Diyoseze,
Banyakwubahwa bakristu balayike mwese ba Diyoseze ya Ngozi: Kristu Umwami !

  1. Ng’uyu umunsi Ekleziya – muryango y’i Ngozi yari imaze igihe irindiriye. Imana ishimwe kandi ishimagizwe, ko iwudushikanyeko tugishobora kuyihaya. Nkundire mbere tuyihe impundu kuri uyu munsi wayo ! Uyu munsi twatanguye kuwitegurira kuva ku wa 27 Munyonyo mu 2005, igihe ka Mwungere wa Diyoseze ya Ngozi navuga nti: birakwiye ko tugira Inama y’Umuryango wacu wa Diyoseze ya Ngozi. Mfatiye kuri rya jambo ry’Imana rigira riti : “ Hahiriwe abaremesha amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana” (Mat.5,9), ihangiro nahaye iyi Nama ryabaye iri ngo: “Duhinduke, twijukire ingendo y’amahoro n’ugusubiza hamwe”.

Muti mbega iyo Nama yaje gute ?

  1. Imvo nkurunkuru zatumye dutunganya iyi Nama y’Umuryango wa Diyoseze ya Ngozi, ni zibiri. Imvo ya mbere iboneka dusangiye na Ekleziya yose y’i Burundi, ifatiye ku butumwa bw’Ekleziya mu vy’ukuremesha amahoro. Kuva igihugu cacu kigiye mu bihe vy’ukwikukira, ntici geze gihengeshanya kuja kiragwa mu rwimo, mbere ukamengo ni nk’akaroge ! Urwo rwimo na rwo rwerekana inzankano, ugukumirana, agakengerwe, induru n’i ngwano, biciye kubiri n’inkuru nziza y’urukundo n’amahoro, dushinzwe kumenyesha. Ivyo rero ntivyashobora kureka gusimbisha umutima abantu nka twebwe, dushinzwe kwigisha inkuru nziza ya Yezu Kristu, tuzi ko ivukanisha kandi igatumirira abantu kubana mu mahoro. Ni co gituma twese Abungere b’Ekleziya y’i Burundi twahavuye tubona ko hakwiye kuba Inama z’imiryango ya Diyoseze mu Burundi bwose, kugira ngo, muri rusangi, nka Ekleziya, twijukire kandi turushirizeho kuba umwambiro w’amahoro n’ugusubiza hamwe.
  2. Imvo ya kabiri twashize imbere muri Diyoseze yacu ya Ngozi, ni iyifatiye ku karangamutima k’Ekleziya ubwayo. Kuva mu myaka 1951, Ekleziya y’i Ngozi ntiyari bwashobore gutunganya Inama yayo nkuru y’Umuryango, kugira ngo ije mu gihe ca none, mu karangamutima kayo. Kuva ku “Ndinganizo nyobozi y’Ekleziya y’i Burundi yo mu 1951”, Ngozi yaronse ikiri Icibare ca kabiri c’Ubutumwa bwa Papa mu Burundi, naho Ngozi hagati aho yari yahavuye ironka irembo ikitwa Diyoseze, yari yameze nk’iyigumye ha handi. Hari rero akari kagihaze, kuko hagati aho hari ibintu vyahindutse, haba mu vy’Inyigisho vyasubiwemwo mu Nama Nkuru y’Ekleziya yabereye i Vatikano ubwa kabiri mu 1962, canke mu vy’Amategeko y’Ekleziya yatangajwe icese mu 1983. Ni imvo rero yerekana ko Ekleziya yari ikeneye cane kwinagura, kugi ra ngo yinjire mu ntumbero nshasha y’inyigisho n’amategeko bigezweko, ibone gurtyo kurangura neza ubutumwa yashinzwe.
  3. Ico ni co cantumye mu guha ubwahuro iyo Nama y’Umuryango wa Diyoseze, nitiza aya majambo y’Umuhanuzi Izaya, nti : “Ni muze tuduge ku mur ambi w’Umukama, Umukama atwiyigishirize inzira y’amahoro” (Iz.2,3). Nkako nyene, kumwe k’umurimyi mwiza yama abanza kugongora n’ugukarisha isuka, iyo bikenewe mbere akabanza n’ukuyinaguza imbere yuko aza kuyirimisha, ni ko nanje nabonye ko bikenwe ko twese ababatijwe bo mu gisata ca Diyoseze y’i Ngozi, twobanza kwemera tukaduga ku murambi w’Umukama, kugira twinagure, dusubire ku karanga k’Ekleziya – muryango, nkuko tubisanga mu ntango z’Ekleziya. Ni muri ubwo buryo nabonye ko Ekleziya yacu ishobora kurangura neza ubutumwa bw’ukuremesha amahoro n’ugufasha abantu gusubiza hamwe. Nkako nyene, ntawutanga ico adafise : abadashize hamwe ngo babane mu mahoro, boshobora gute gufasha abandi gusubiza hamwe n’ukubana mu mahoro ?

(suite…)

Itangazwa icese ry’Ingingo z’Inama ya mbere y’Umuryango wa Diyoseze ya Ngozi.

%d blogueurs aiment cette page :