Accueil » Posts tagged 'amahoro'
Archives de Tag: amahoro
Papa Fransisko: « Politike nziza ni iyubaka amahoro »
Ijambo rishikirijwe na Nyenubweranda Papa Fransisiko ku Munsi Mpuzamakungu ugira uwa 52 wahariwe amahoro, ku wa mbere Nzero 2019
1. « Amahoro muri iyi nzu ! »
Mu kurungika abigishwa biwe mu butumwa, Yezu yababwiye ati : « Inzu yose muzoramuka mwinjiyemwo, murabanze muvuge muti : « Amahoro muri iyi nzu ! » Aho nihaba hariho umuntu w’umunyamahoro, amahoro azomujako, ahandi ho, azobagarukako» (Luka 10,5-6). Ugutanga amahoro ni ryo shingiro ry’ubutumwa bw’abigishwa ba Kristu. Kandi iyo ngabirano y’amahoro ishikirizwa abo bose, baba abagabo canke abagore, bipfuza amahoro kubera ivyago n’uguhohoterwa bishikira ubuzima bw’abantu [1].
Iyo « nzu » Yezu avuga, ni umuryango uwo ari wo wose, umubano w’abantu uwo ari wo wose, igihugu ico ari co cose, umugabane w’isi uwo ari wo wose, kimwe kimwe cose mu karanga cisangije na kahise kakiranze ; imbere ya vyose bishingiye ku muntu uwo ari we wese, ata gutora canke gukumira. Iyo nzu kandi ni « inzu rusangi ya twese » : uyu mubumbe w’isi Imana yadusizeko ngo habe ari ho tuba kandi duhamagariwe kubungabunga n’umwitwarariko munini. Ico ni na co cipfuzo canje mu ntango y’uwu mwaka mushasha : « Amahoro muri iyi nzu ! ».
2. Ikibangamiye politike nziza
Amahoro ameze nka wa mwizero wayazwe n’umwanditsi w’Umufaransa yitwa Karoli Peguy [2] ; ameze nk’agapfundo k’agashurwe ka ntamagara kariko kararondera ukuntu kosamburira aho gashingiye hagati y’amabuye y’ihohoterwa. Turabizi : Uguharanira ubutegetsi vyanka vyakunda kwama kujana n’amabi y’indenzarugero hamwe n’akarenganyo. Ubundi politike yotegerejwe kuba uburyo bw’uguteza imbere umutima wo gukunda n’ukwubaka igihugu hamwe n’ugushinga imigambi iteza imbere umuntu bishingirako ; ariko iyo itabaye nk’ibanga abaritoranye bishinga ryo gufasha umuryango w’abantu, politike ishobora guhinduka inzira yo gucinyiza abantu, yo kubakumira, canke yo gusambura.
« Uwushaka kuba uwa mbere nabe uw’inyuma ya bose n’umusuku wa bose » (Mariko 9,35). Nk’uko umweranda Papa Paulo wa 6 yabishimangiye : « Gufata politike mu mice yayo yose nk’igikorwa gihambaye, haba ku rwego rwo hasi, haba ku rw’intara canke ku rw’isi yose, ni ukwemeza ibanga rya muntu, umuntu uwo ari we wese, ryo gutahura ibintu uko bimeze n’uruhara ruhambaye rw’umwidegemvyo wo guhitamwo aba afise ngo ashobore kurangurira hamwe n’abandi ivyubaka ineza y’intara, y’igihugu n’iy’abantu bo kw’isi yose » [3].
Kukaba nkako, igikorwa n’ibanga rya politike biri
IDOMINIKA YA 4 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Mishe (5, 1-4a)
Umukiza azoza ava i Betelehemu
Ng’iri iriyazwe n’Umukama:
Ewe Betelehemu Efurata, wewe cubwa mu miryango yose ya Yuda, ni Wewe uzomvyarira uwuzogaba Israyeli ; amamuko yiwe si aya vuba, ni ay’imyaka n’imyaka. Ni co gituma Umukama azobakurako ijisho, gushika umusi uwagenewe kwibaruka azokwibaruka ; niho rero abandi bavandimwe basigaye bazogaruka mu muryango wa bene Israyeli. Azohaguruka aragize ubusho bwiwe ububasha bw’Umukama n’ubukuru bw’izina ry’Imana yiwe. Bazokwicara batsimbatare. Kuko inganji yiwe azoyikwiza hose gushika ku mbibe z’isi. Kandi ni we nyene azoba « Amahoro ».
IZABURI 79 (80) 2ac. 3bc 15-16, 18-19
Icit. : Tugarure, Mukama, tugaranzurireko inyonga zawe,
tuzoca turokoka.
Wewe Mwungere w’Israyeli, ntega ugutwi,
Wewe Mwungere utuyobora, niwimenyeshe :
vyura ubugabo bwawe,
uze kuturokora.
Mukama, Mana y’ijuru n’isi, n’ugaruke :
n’urabire mw’ijuru, wihweze :
n’ugarukire uwo muzabibu
wabaditse n’ukuryo kwawe guhambaye.
Tunga umuntu wishiriye iburyo,
umwana w’umuutu agukeshako ubukomezi bwiwe ;
ntituzosubira kukuvirira :
dusubize amagara, tubone kwambaza izina ryawe !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (10, 5-10)
Ndarengutse ngo nkore ivyo ushaka
Ncuti zanje,
Mu gushika kw’isi, Kristu yavuze ati : « Inkuka n’amashikanwa ntiwabishatse, ariko wanteguriye umubiri. Imbagwa n’incungu zo kwishura ibicumuro ntiwazishimye ; niho navuga nti : Ndarengutse, Mana yanje, ngo nkore ivyo ushaka, kuko ivyanditswe mu gitabu birora kuri jewe. »
Kristu yatanguriye kuri iri jambo : « Inkuka n’amashikanwa n’imbagwa n’incungu zo kwishura ibicumuro ntiwabishatse kandi ntiwabishimye, kandi babihereza nk’uko vyategetswe. » Yaciye asubizayo ati : « Ndarengutse ngo nkore ico ushaka. » Kukaba nka ko, Kristu yakuye ivya kera ngo ashinge ibishasha. Ukwo gushaka kw’Imana ni kwo kwatumye dutagatifuzwa n’Umubiri wa Yezu Kristu watanzwe rimwe rizima.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Jewe nd’umusavyi w’Umukama ;
nibimbere uko ubivuze !
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 39-45)
Mbega, iryo teka ry’uko nyina w’Umukama wanje aza kundamutsa, ndaritewe n’iki?
Umusi umwe, Mariya yarahagurutse agenda yihuta mu misozi, aja mu gisagara co mu Buyuda. Ashitse yinjira mu nzu kwa Zakariya, aramutsa Elizabeti. Elizabeti ngo yumve indamutso ya Mariya, umwana arakakaza mu nda. Elisabeti yuzuwe na Mutima Mweranda, aca ashira ijwi hejuru, ati : « Warahezagiwe, mu bandi bagore, kandi n’umwana wibungenze arahezagiye ! Mbega, iryo teka ry’uko nyina w’Umukama wanje aza kundamutsa, ndaritewe n’iki ? Mbaye ncumva amajambo y’indamukanyo yawe, umwana mfise arakakaza mu mbanyi, akanyamuneza kariko karamusya. Eka urahiriwe, wewe wemeye ko iryo watumweko n’Umukama rizotaha !
Idominika ya 14 yo mu mwaka (Umwaka C).
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (66, 10-14a)
Urweze rwo kuronka Umukiza
Nimunezerwe hamwe na Yeruzalemu, tambe mutarike, mwebwe abayikunda mwese ; nimwigine hamwe na yo, mwebwe mwahora muyigandariye ! Kugira ngo muze mwonke muhage, muhozwe n’ibere ryayo, musoserwe n’ubuninahazwa bwayo.
Nkako, ng’iri iriyazwe n’Umukama : Nzoyironsa amahoro atemba nk’uruzi, iteka ryayo mu makungu ringane n’uruzi rwasheshe. Imicuko yayo izorerurwa, bazoyisimbagiza. Kurya umuvyeyi ahoza umwana wiwe, niko nanje nzobahoza, mugahozwa muri Yeruzalemu. Nimwabibona, agahimbare kanyu kazoba kose, umubiri wanyu uzototahara nk’ubwatsi buremvye. Umukama azokwimenyesha abasavyi biwe.
IZABURI 65 (66), 1-3a. 4-5. 6-7a. 16.20
Icit : Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana.
Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana,
Muririmbire izina ryayo rininahaye,
Muhimbaze ishimagizwa ryayo !
Mubwire Imana muti : « Ibikorwa vyawe ni agahambaye !»
Abari kw’isi yose baricisha bugufi imbere yawe,
bakayaga, bakaririmba izina ryawe ! (suite…)