Accueil » Posts tagged 'amashami'
Archives de Tag: amashami
IDOMINIKA YA 5 YA PASIKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (9, 26-31)
Pawulo aba icabona ca Kristu nk’Abatumwa
Amaze guhinduka, Pawulo agenda i Yeruzalemu ; akama ashaka kumenyana n’abigishwa, mugabo bose bakamutinya kuko batari bwemere ko yabaye umwigishwa. Baranaba araheza amujana kumwereka abatumwa, arababwira ukuntu Sawuli yabonye Umukama mu nzira, n’ukuntu yigishije izina rya Yezu i Damasi, ata makenga. Kuva ico gihe Sawuli yagendana n’abatumwa i Yeruzalemu, yigisha izina rya Yezu ata makenga. Ni ho yaganira n’Abagereki bari i Yeruzalemu abahaririza, mugabo bashaka kumwica. Abagenzi biwe babimenye, bamujana i Sezareya baca bamurungika i Tarsi. Ekleziya yari itekanye hose mu Buyuda, mu Bugalile no muri Samariya, irakura igenzwa n’icubahiro ifitiye Umukama, kandi yari yuzuye uruhoza rwa Mutima Mweranda.
IZABURI 21 (22), 26b-27. 28. 30. 31-32
Icit : Ndagushemeza, Mukama, hagati y’ikoraniro.
Canke : Alleluya.
Nzorangura indagano zanje imbere y’abamwubaha,
aboro bazorya bahage ;
abarondera Umukama bazomuyaga :
« Ganza, sabwa mu myaka yose ! »
Intara zose zizokwikugura Umukama, zimugarukeko,
imiryango yose y’ibihugu izomupfukamira.
Abagaba isi na bo nyene bazomupfukamira,
Imana izopfukamirwa n’abakuru n’abato.
Umuryango wanje uzoyiyagira urwaruka,
uzoyaga ubutungane bwiwe,
ubumenyeshe intara zo hanyuma uti :
« Raba ivyiza Umukama yagize. »
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 18-24)
Nidukundane mu bikorwa no mu kuri
Bane banje,
Ntidukundane mu majambo no ku rurimi, ariko nidukundane mu bikorwa no mu kuri. Ng’iki ikizotumenyesha ko turi ab’ukuri, tukarimbura umutima wacu imbere yayo. Umutima wacu niwatwagiriza ni uko Imana iruta umutima wacu kandi ikamenya vyose. Bakunzi banje, umutima wacu n’utatwagiriza, turizerana umwidegemvyo imbere y’Imana, kandi ico dusaba cose turagihabwa na yo, kuko tuzigama amabwirizwa yayo tugakora ibiyinezereza mu maso yayo. Kandi ng’iri ibwirizwa ryayo : ni uko twokemera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu, kandi tugakundana nk’uko yabiduhayeko ibwirizwa. Uwuzigama amabwirizwa yayo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we ; kandi ikitumenyesha ko iguma muri twebwe ni wa Mutima Imana yaduhaye.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimugume muri jewe,
nk’uko nanje nguma muri mwebwe.
Uwugumye muri jewe ni we yama vyinshi. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (15, 1-8)
Uwuri muri jewe nanje nkaba muri we ni we yama vyinshi
Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Jewe ndi umuzabibu nyawo, na we Data ni nyenumuzabibu. Ishami ryose riri muri jewe ritama, ararica, nayo ishami ryose ryama ararituturira kugira ngo ryame ukuruta. Muramaze gutyororwa kubera ijambo nababwiye. Nimugume muri jewe, nanje nzoguma muri mwebwe. Kurya ishami ritama ritagumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe. Jewe ndi umuzabibu, namwe muri amashami, uwugumye muri jewe, nanje nkamugumamwo, ni we yama vyinshi, kuko tutari kumwe ataco mwokwishoboza. Uwutagumye muri jewe atabwa hanze nk’ishami, akuma ; na yo amashami yumye, barayaca bakayata mu muriro, agasha. Nimwaguma muri jewe na yo amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muzosaba ico mushaka mukironke. Ikininahaza Dawe ni uko mwokwama vyinshi ; ni ho rero muzoba abigishwa banje. »