Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Amosi'

Archives de Tag: Amosi

IDOMINIKA YA 15 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (7, 12-15)

Ubutumwa umuhanuzi atumwa n’Imana

AmosMuri irya misi, umuherezankuka w’i Beteli yitwa Amatsiya yabariye umuhanuzi Amosi ati : « Ewe Rumenyi, hogi tuvireho, genda uhungire mu ntara ya Yuda, abe ariho urira utwawe, kandi abe ariho uvugira kw’izina ly’Imana. Ariko ntusubire kuvugira kw’izina ry’Imana ngaha i Beteli, kuko ari mu cibare c’umwami, ariho hari ikigabiro ciwe. » Maze, Amosi yishura Amatsiya ati : « Sinari nsanzwe ndi umuhanuzi, canke uwukurikira umuhanuzi. Nahora ndi umwungere, nkaja nditerera ibiti. Umukama ni we yankuye inyuma y’ibitungwa, ambarira ati : Genda, uzobe umuhanuzi w’igihugu canje Israyeli. »

IZABURI 84 (85) 9ab-10, 11-12, 13-14

Icit. : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
         uduhe urukiza rwawe !

Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi yo gukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.

Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane, (suite…)

Idominika ya 26 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (6, 1a. 4-7)

(Ugire umuziro ugusesagura ivyo Imana yaguhaye)

amosNg’iri iriyazwe n’Umukama Mushobora vyose : Baragowe abo bishinga kwitemberera muri Siyoni n’ukwubaka ku musozi wa Samariya ata nkomanzi. Imyagazi batoranije mu busho, be n’inyana bakuye mu ruhongore, babirya baryamye ku buriri bw’akatabonetse, bagaramye ku bisaswa vyiza vyiza.

Iyo bariko baracuraranga baratarika nka kumwe kwa Dawudi, bagacura n’ivyuma vyo kwumviriza imvyino. Umuvinyu bawumnywera imbere mu bikombe vy’agaciro, bakisiga amavuta amoga neza, yamara ntibababazwe n’uko igihugu c’Israeli catabagaye.
Nico gituma ubu bazobatwara mu mahanga, baje imbere y’abangajwe bava mu gihugu c’amavukiro. Noneho, wa mugwi w’abaryi uzimangane ! (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :