Accueil » Posts tagged 'Eliya'
Archives de Tag: Eliya
IDOMINIKA YA 32 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (17, 10-16)
Umupfakazi w’i Sarepta acumbira Eliya
Muri irya misi,
Umuhanuzi Eliya yafashe inzira, ija i Sarepta. Agishika kw’irembo ry’igisagara, agize atyo abona umugore w’umupfakazi ariko aratoragura udukwi. Eliya aramuhamagara aramubarira ati : « Ntabara urabe ico wonzaniramwo utuzi two kunywa.» Akiriko aragenda kuyazana, aramuhamagara ati: «Urantabara unzanire n’utwo notamira.» Wa mugore amwishura ati: « Ndakurahiye Imana nzima ko ataco mfise co kurya, atari agafu kari ku rushi gasigaye mu gaseke n’uturanguzwa tw’amavuta mu gakarabo. Mbere ubu ngira ntoragure udukwi tubiri, kugira ngo ngende imuhira ndakicumbire, twe n umwana wanje, tukarye duheze duhwere.» Eliya aramwishura ati: « Ntutinye : genda ugire nk’uko uvuze; mugabo ubanze uncumbireko gatoya, ukanzanire hano, uheze ubone kwicumbira, mwe n’umwana wawe; kuko ariko Umukama Imana y’Israyeli avuze ngo: « Muri ako gaseke ifu ntizokwigera ihera no muri ako gakarabo amavuta ntazokama, gushika (suite…)
IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA (Umwaka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 4-8)
Eliya akomezwa n’umukate agaburiwe n’Imana
Muri irya misi,
Eliya yari yagenze urugendo rw’umusi umwe mu bugaragwa, araheza rero yicara musi y’igiti, yipfuza urupfu, avuga ati : « Ewe Mukama, ubwanje buraheze : akira ubuzima bwanje, kuko ntaruta ba sogokuruza. » Araheza yiryamira munsi y’ico giti, arasinzira. Maze, umumarayika araza aramukoma, aramubarira ati « Vyuka, ufungure ! » Akanuye, abona umukate ukaranze n’umukuza w’amazi, biri haruguru y’umutwe wiwe. Ni uko rero arafungura, aranywa arongera ariryamira. Umumarayika w’Umukama agaruka ubugira kabiri, aramukoma, aramubarira ati : « Vyuka, ufungure, ahandi ho urugendo rwokunaniza kuko ari rurerure. » Ni uko rero aravyuka, arafungura, aranywa, izo mfungurwa azigendera imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, ashika kuri Horebi umusozi w’Imana.
IZABURI 33 (34) 2-3, 4-5, 6-7, 8-9
Icit. : Umvirize, murabe,
ingene Umukama ari mwiza.
Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya. (suite…)
IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 16b. 19-21)
Elize arahaguruka, akurikira Eliya
Muri irya misi, Umukama yabwiye umuhanuzi Eliya ati : “Urasiga amavuta Elize mwene Shafati, agusubirire mw’ibanga ry’ubuhanuzi.”
Avuye hano, asanga Elize ariko ararimisha inka mirongo ibiri na zine, na we azihagaze inyuma. Eliya amuca iruhande, amutererako umutamana wiwe. Elize aca asiga aho za nka, yiruka inyuma ya Eliya, amusaba ati : “Ndagusavye, nje gusezera data na mama, ndaheza ngaruke ngukurikire.”
Eliya amwishura ati : “Niwigire, ubonye hari ico nakugize!” Elize aragenda, afata inka zibiri, arazibaga ; inyama azicaniriza ibiti vyari bifatanije nya nka, aragaburira abantu biwe barafungura. Hanyuma arahaguruka, akurikira Eliya, amubera umugendanyi.
IZABURI 15 (16), 1. 2a. 5. 7-8. 9-10. 11
Icit : Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje.
N’unzigame, Mana yanje, kuko ari Wewe mahungiro yanje,
nabwiye Umukama nti : “Umukama ni Wewe.”
Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,
ni Wewe natoranyeko iragi ryanje.
Mpezagira Umukama, We muhanuzi wanje,
Kandi mw’ijoro hari ico umutima umbarira.
Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya,
kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.
Umutima wanje urahimbarwa, kandi umushaha wanje ukanezerwa,
umubiri wanje na wo ukaruhuka, ataco winona :
na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,
umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.
Uzondangira inzira y’ubuzima,
imbere yawe agahimbare ni kose ;
iburyo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (5, 1. 13-18)
Mwahamagariwe kwidegemvya
Ncuti zanje,
Kristu yaturokoye ngo tube mu mwidegemvyo ; muragumye umutima rero kandi ntimusubire kwita mu bushumba.
Mweho, mwahamagariwe kwidegemvya : mugabo uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rwa kamere mbi yanyu, ariko urukundo nirubatume gufashanya. Ibiri mw’Ibwirizwa vyose birangukira kuri iri jambo rimwe : urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Mugabo nimwaryana mugashikurana, muragabe ntimumarane.
Ico ndababwiye ni iki : nimugenzwe na Mutima, niho mutazokurikiza ivyo kamere mbi yanyu yipfuza. Erega kamere mbi y’umuntu yipfuza ico umutima wanka, umutima na wo ukipfuza ico kamere y’umuntu yanka. Ivyo vyompi bikarwanira muri mwebwe, niho mubona mudakora ivyo mushaka. Mugabo, nimwaba muyoborwa na Mutima, ntimuzoganzwa n’Ibwirizwa
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Yaga, Mukama, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza ;
Ni Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 51-62)
Gukurikira Yezu mu nzira y’umusaraba
Umusi w’ugufatwa uhaye wegereza, Yezu agenda icese mu nzira irora i Yeruzalemu. Atuma integuza imbere yiwe ; na zo ziragenda, zija mu mihana y’Abanyasamariya kumuteguriza ; ariko ntibamwakira, kuko yaja i Yeruzalemu. Abigishwa biwe Yakobo na Yohani babibonye, baramubaza bati : “Mukama, ntiwoturekura tugahimiriza umuriro, ukabashungurukirako, ukabatikiza?” Arahindukira, arabakankamira ati : “Mwebwe mwaranyobeye : Umwana w’umuntu ntiyazanywe n’ugutikiza, yaje gukiza.” Baca baja mu yindi mihana.
Bakiri mu nzira, sinzi umuntu agize ati : “Nzogukurikira aho uzoja hose.” Yezu amwishura ati : “Imbwebwe zirafise uburumba zitahamwo, inyoni zo mu kirere zikagira ivyari ; ariko Umwana w’umuntu we ntagira n’aho akika umusaya.”
Hanyuma sinzi uwo yabariye ati : “Nkurikira.”
Uri uwundi ati : “Mukama, ndagusavye mbanze kuja guhamba dawe.” Yezu na we aramwishura ati : “Reka abapfa bahambe abapfu babo ; nawe fashako wigishe Ubwami bw’Imana.”
Haza uwundi amubwira ati : “Nzogukurikira, Mukama ; ndagusavye gusa gusiga nsezeye ab’imuhira.”
Yezu aramwishura ati : “Uwufashe isuka yari agiye gukora agasubira inyuma gufufura, uyo ntakwiranye n’Ubwami bw’Imana.”