Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Elize'

Archives de Tag: Elize

IDOMINIKA YA 17 YO MU MWAKA (Umwaka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (4, 42-44)

Elize agwiza imikate

Multiplication des painsMuri irya misi,
Haza umuntu umwe agemurira wa muntu w’Imana yitwa Elize, amugemurira imikate mirongo ibiri n’isaho yuzuye imishi igiheza kugenywa. Maze, Elize aravuga ati : « Nimubihe abo bantu bose babifungure. » Maze, umusuku wiwe aramwishura ati : « None utu noduhereza abantu ijana ? » Na we ati : « Pfa kubaha, babifungure, kuko ari ko Umukama agize, ati : ‘Barafungura banabisigaze’. » Ni uko, abitereka imbere yabo, barafungura barabisigaza, nk’uko Umukama yabivuze.

IZABURI 144 (145) 10-11, 15-16, 17-18

Icit. : Uragaranzura ibiganza, Mukama,
         tugahaga twese.

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire ! (suite…)

Idominika ya 13 yo mu mwaka. Umwaka A

Menya neza: Inama y’Abepiskopi Gatorika b’Uburundi n’Urwanda bahisemwo guhimbaza Umusi mukuru wa Karoli Lwanga na bagenzi be, Abamaratiri b’i Buganda, (usanzwe uhimbazwa ku wa 3 Ruheshi) ku musi w’Imana wa mbere ukurikira Imisi Mikuru y’inyuma ya Pentekoti, iyo ata wundi musi mukuru uhari.
Mu Burundi no mu Rwanda rero ejo bazohimbaza Abamaratiri b’i Buganda nk’Umusi Mukuru cane.

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (4, 8-11. 14-16a)

Imana ihezagira umukenyezi yakiriye umuhanuzi

Umusi umwe, Elize yari aciye mu gisagara c’i Shunemi, hanyuma umukenyezi atunze, yaba muri ico gisagara, amutumira iwe. Kuva ubwo, Elize aramutse atumbereye muri ico gisagara, yama aza gufungura iwe. Umusi umwe, wa mukenyezi abwira umugabo wiwe ati : « Urya muntu ahora aza kuturamutsa ni umweranda w’Imana. Ingo tumutegurire akumba gatoyi hejuru, dushirereyo uburiri, ameza, intebe n’itara. Niyagaruka kuturamutsa aheze aruhukireho. » (suite…)

IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 16b. 19-21)

Elize arahaguruka, akurikira Eliya

Elijah-chooses-elishaMuri irya misi, Umukama yabwiye umuhanuzi Eliya ati : “Urasiga amavuta Elize mwene Shafati, agusubirire mw’ibanga ry’ubuhanuzi.”

Avuye hano, asanga Elize ariko ararimisha inka mirongo ibiri na zine, na we azihagaze inyuma. Eliya amuca iruhande, amutererako umutamana wiwe. Elize aca asiga aho za nka, yiruka inyuma ya Eliya, amusaba ati : “Ndagusavye, nje gusezera data na mama, ndaheza ngaruke ngukurikire.”

Eliya amwishura ati : “Niwigire, ubonye hari ico nakugize!” Elize aragenda, afata inka zibiri, arazibaga ; inyama azicaniriza ibiti vyari bifatanije nya nka, aragaburira abantu biwe barafungura. Hanyuma arahaguruka, akurikira Eliya, amubera umugendanyi.

IZABURI 15 (16), 1. 2a. 5. 7-8. 9-10. 11

Icit : Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje.

N’unzigame, Mana yanje, kuko ari Wewe mahungiro yanje,
nabwiye Umukama nti : “Umukama ni Wewe.”
Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,
ni Wewe natoranyeko iragi ryanje.

Mpezagira Umukama, We muhanuzi wanje,
Kandi mw’ijoro hari ico umutima umbarira.
Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya,
kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.

Umutima wanje urahimbarwa, kandi umushaha wanje ukanezerwa,
umubiri wanje na wo ukaruhuka, ataco winona :
na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,
umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.

Uzondangira inzira y’ubuzima,
imbere yawe agahimbare ni kose ;
iburyo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (5, 1. 13-18)

Mwahamagariwe kwidegemvya

Ncuti zanje,
Kristu yaturokoye ngo tube mu mwidegemvyo ; muragumye umutima rero kandi ntimusubire kwita mu bushumba.

Mweho, mwahamagariwe kwidegemvya : mugabo uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rwa kamere mbi yanyu, ariko urukundo nirubatume gufashanya. Ibiri mw’Ibwirizwa vyose birangukira kuri iri jambo rimwe : urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Mugabo nimwaryana mugashikurana, muragabe ntimumarane.

Ico ndababwiye ni iki : nimugenzwe na Mutima, niho mutazokurikiza ivyo kamere mbi yanyu yipfuza. Erega kamere mbi y’umuntu yipfuza ico umutima wanka, umutima na wo ukipfuza ico kamere y’umuntu yanka. Ivyo vyompi bikarwanira muri mwebwe, niho mubona mudakora ivyo mushaka. Mugabo, nimwaba muyoborwa na Mutima, ntimuzoganzwa n’Ibwirizwa

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Yaga, Mukama, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza ;
Ni Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 51-62)

Gukurikira Yezu mu nzira y’umusaraba

N'aie pas peurUmusi w’ugufatwa uhaye wegereza, Yezu agenda icese mu nzira irora i Yeruzalemu. Atuma integuza imbere yiwe ; na zo ziragenda, zija mu mihana y’Abanyasamariya kumuteguriza ; ariko ntibamwakira, kuko yaja i Yeruzalemu. Abigishwa biwe Yakobo na Yohani babibonye, baramubaza bati : “Mukama, ntiwoturekura tugahimiriza umuriro, ukabashungurukirako, ukabatikiza?” Arahindukira, arabakankamira ati : “Mwebwe mwaranyobeye : Umwana w’umuntu ntiyazanywe n’ugutikiza, yaje gukiza.” Baca baja mu yindi mihana.

Bakiri mu nzira, sinzi umuntu agize ati : “Nzogukurikira aho uzoja hose.” Yezu amwishura ati : “Imbwebwe zirafise uburumba zitahamwo, inyoni zo mu kirere zikagira ivyari ; ariko Umwana w’umuntu we ntagira n’aho akika umusaya.”
Hanyuma sinzi uwo yabariye ati : “Nkurikira.”

Uri uwundi ati : “Mukama, ndagusavye mbanze kuja guhamba dawe.” Yezu na we aramwishura ati : “Reka abapfa bahambe abapfu babo ; nawe fashako wigishe Ubwami bw’Imana.”
Haza uwundi amubwira ati : “Nzogukurikira, Mukama ; ndagusavye gusa gusiga nsezeye ab’imuhira.”
Yezu aramwishura ati : “Uwufashe isuka yari agiye gukora agasubira inyuma gufufura, uyo ntakwiranye n’Ubwami bw’Imana.”

%d blogueurs aiment cette page :