Accueil » Posts tagged 'gukiza'
Archives de Tag: gukiza
Nos récentes
- « Vous serez mes témoins ». C’est à nous de faire l’histoire puisque l’Ascension est la plus grande manifestation de confiance donnée aux hommes par le Christ. 25 mai 2022
- « Behold, I make all things new ».The New commandment, the New World, the New Community. 15 mai 2022
- Dans l’Église, l’écoute de la voix du Bon Pasteur et la méditation de sa Parole nous rend conscients de l’urgence de coopérer à sa mission. 7 mai 2022
- Humilité, amour et disponibilité pour le Maître de la mission en vue de l’efficacité et la fécondité pastorale de notre apostolat. 30 avril 2022
- La miséricorde et le pardon des péchés font vivre la communauté chrétienne, forte de l’espérance en Jésus ressuscité. Ils peuvent alors se reconnaitre fils/filles du même Père. 24 avril 2022
Mes Photos sur Flickr
Indwi ya 22 yo mu mwaka. Ku wa gatatu. (Années paires)
30 août 2016 14 h 20 min / Poster un commentaire
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikive Abanyakorenti (3, 1-9a)
Benewacu,
Nanje sinashoboye kuganira namwe nk’uko baganira n’abantu bagenzwa na Mutima, ariko nk’uko baganira n’abakiganzwa na kamere yabo y’abantu kandi nk’uko baganira n’abakiri abana b’inzoya muri Kristu. Ivyo nabáhāye ni amata y’ukunywa, si ivyokurya bigumye, kuko mutari bwabishobore ; kandi n’ubu ntimurabishobora, kuko mukiganzwa na kamere yanyu y’abantu.
Mbega, igihe ishari n’imitongano bikiri muri mwebwe, ntimuganzwa se n’iyo kamere nyene, canke ntimwigenza nk’abantu ? Harya umwe avuga ngo : « Jewe ndi uwa Pawulo », uwundi ngo : « Jewe ndi uwa Apolo », ntimwigenza nk’abantu, se?
None se, Apolo ni umuki ? Pawulo na we ni umuki ? Abo ni abakozi batumwe kubashikiriza ukwemera nk’uko umwe wese muri bo yabihawe n’Umukama. Jewe nabivye imbuto, Apolo arazivomera ; ariko Imana ni yo yazimejeje. Niho rero uwuzibiba n’uwuzivomera ata co bamaze, atari Imana izimeza. Uwuzibiba n’uwuzivomera bagira umwe,ariko umwe wese azoronka impembo ikwiranye n’igikorwa ciwe. Nka ko nyene, turi abakozi bakorana n’Imana ; namwe muri umurima w’Imana, kandi mukaba inyubakwa y’Imana.
IZABURI 32 (33) 12-13, 14-15, 20-21
Icit. : Hahiriwe intara y’Imana !
Hahiriwe intara yamwironkeyeko Imana, (suite…)