Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Ibatisimu'

Archives de Tag: Ibatisimu

Idominika ya 13 yo mu mwaka. Umwaka A

Menya neza: Inama y’Abepiskopi Gatorika b’Uburundi n’Urwanda bahisemwo guhimbaza Umusi mukuru wa Karoli Lwanga na bagenzi be, Abamaratiri b’i Buganda, (usanzwe uhimbazwa ku wa 3 Ruheshi) ku musi w’Imana wa mbere ukurikira Imisi Mikuru y’inyuma ya Pentekoti, iyo ata wundi musi mukuru uhari.
Mu Burundi no mu Rwanda rero ejo bazohimbaza Abamaratiri b’i Buganda nk’Umusi Mukuru cane.

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (4, 8-11. 14-16a)

Imana ihezagira umukenyezi yakiriye umuhanuzi

Umusi umwe, Elize yari aciye mu gisagara c’i Shunemi, hanyuma umukenyezi atunze, yaba muri ico gisagara, amutumira iwe. Kuva ubwo, Elize aramutse atumbereye muri ico gisagara, yama aza gufungura iwe. Umusi umwe, wa mukenyezi abwira umugabo wiwe ati : « Urya muntu ahora aza kuturamutsa ni umweranda w’Imana. Ingo tumutegurire akumba gatoyi hejuru, dushirereyo uburiri, ameza, intebe n’itara. Niyagaruka kuturamutsa aheze aruhukireho. » (suite…)

Igihe ca Noheli: IBATISIMU Y’UMUKAMA (Umwaka C)

Jean-BaptisteUmusi bahimbaza Epifaniya y’Umukama ni haba ari kw’igenekerezo ry’indwi canke iry’umunani Nzero, bagira umusi mukuru w’Ibatisimu y’Umukama ku musi wa mbere ukurikira iyo dominika, kandi, batarasoma Inkuru Nziza, batora igisomwa kimwe gusa muri vya bisomwa vyahagenewe.

Mu mwaka B no mu mwaka C, bashobora gusoma ibindi bisomwa batarasoma Inkuru Nziza, nk’uko vyanditswe. Kandi iyo bahejeje guhimbaza uwo musi mukuru, inyuma y’igisabisho co kuja kuryama, igihe ca Noheli kiba kirangiye.

Ng’ibi ibisomwa bashobora gusoma mu mwaka C. Inkuru nziza yo ntihinduka, ni iyo nyene yategekanijwe, mu gihe igisomwa ca mbere n’ica kabiri bashobora gufata bimwe twandika mu mwaka A.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (40, 1-5. 9-11)

Ubuninahazwa bw’Umukama buzokwihonekeza, kandi kandi nta wuzosigara atabubonye

Humurize, humurize igihugu canje. Nimusubirize umutima mu nda Abanyayeruzalemu. Babwire muti : « Igikorwa canyu kirarangiye, igicumuro canyu carishuwe. Umukama yarabahanye ikirenga kabiri ku bicumuro vyanyu. » Ijwi risemerera riti : « Nimuharurire Umukama inzira mu gahinga, muharurire Imana yacu inzira igororotse mw’idonzi. Umubande wose ufurirwe, umusozi n’umutumba wose biringanizwe, ahari imanga hose hongere hasaswe, na ho ahaduga nk’uruti rw’icumu haringanizwe. Niho ubuninahazwa bw’Umukama buzokwihonekeza, kandi nta wuzosigara atabubonye, kuko Umukama yarivumereye. »

Wewe uzaniye Siyoni inkuru nziza, duga ku musozi muremure. Wewe uzaniye Yeruzalemu inkuru nziza, semerera n’ijwi rirenga. Tereza akamo ntutinye. Ubwire ibisagara vya Yuda, uti : « Ng’iyo Imana yanyu ! Ng’uyo Umukama Imana, azananye n’ububasha, ukuboko kwiwe kuzomugarurira vyose. Raba, aje yitegekanije ivyo yatsindiye vyose. Na yo impera yiwe yamutanze imbere. Azoragira ubusho bwiwe nk’umwungere, azoterurira imyagazi mu maboko yiwe ayifumbatire ku gikiriza ciwe, intama zonsa na zo azozibungabunga.

IZABURI 103 (104) 1b-2, 3-4, 24-25, 27-28, 29-30

Icit. : Ninahaza Umukama, se mushaha wanje
         kuko ari mukuru cane.

Ninahaza Umukama, se mushaha wanje !
Mukama Mana yanie, uri mukuru cane !
Ubukuru n’ubwiza bibarizwa iwawe,
umuco uwikwiza uk’igikwemu.

Umukama yashinze umurwa wiwe kw’ijuru (y’amazi yo hejuru),
ibicu bikamubera inderuzo
agendera ku mababa y’umuyaga.
Imiyaga ayigira irtumwa ziwe,
amasase y’umuriro akayagira abasuku.

Ivyiza wakoze ni isinzi, Mukama,
kandi wabigiranye ubuhinga,
isi ihinda itunga ryawe.
Raba ikiyaga amahero, ibikoko indiri n’indiri
bikivogeramwo, ibinini n’ibitoyi.

Bose barindiriye
ko wobakora mu minwe igihe kigeze ;
urabibaha, bakavyakiriza yompi,
uragaranzura ibiganza, bagahazwa n’ivyiza vyawe.

Winyegeje, igihumura gica kibica,
baca barumara bagasubira mw’ivu.
Ubasubije agatima, ng’abo barakomeye
kandi ugaca uhindura isi.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Tito (2, 11-14; 3, 4-7)

Imana iradukiriza mu mazi yatwuhagiye akabi kose tugasubira kuba bazima muri Mutima Mweranda

Mukunzi wanje, Urukundo Imana yadukunze, sôko ry’ubukiriro bw’abantu hose, rwibonekeje mu bantu. Rutwibutsa guheba akabi kose no guhunga ibihenda amaso vyose, kugira ngo ubuzima bwa hano kw’isi tubukoreshe twigerera, tube intungane twongere tuyoboke Umuremyi. Ivyo vyose tubigire turorereye bwa buhirwe twizigiye na bwa buninahazwa bw’Imana yacu nzima n’ubw’Umukiza wacu Yezu Kristu, We yatwihebeye ngo adukize akabi kose, atyorore igihugu kimwegukiye, cama citwararika ineza.

Umusi Imana Mukiza wacu yerekana impuhwe n’urukundo ifitiye abantu, ntiyiriwe irihweza ibikorwa vy’ubutungane twari twakoze. Imbabazi zayo zonyene ni zo zatumye idukiza mu mazi yatwuhagiye akabi kose kari karatuzingamitse, tugasubira kuba bazima muri Mutima Mweranda. Uwo Mutima Mweranda, yamutuvyagijemwo ku bwa Yezu Kristu Umukiza wacu, kugira ngo, amaze kutugira intungane, tube abaragwa b’ubuzima bwamaho twizigiye.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.
Yohani yavuze ati : « Haje uwundusha ububasha ;
ni we azobabatiza muri Mutima Mweranda n’umuriro. »
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (3, 15-16. 21-22)

Yezu amaze kubatizwa igihe yariko arasenga, ijuru ririyugurura bapteme-jesus

Abantu baje kwa Yohani ngo babatizwe bari biteze ikintu kandi baguma bibaza mu mitima yabo ko Yohani atari we Kristu. Yohani araheza ababwira hose ati : « Jewe mbatirisha amazi, ariko haje uwundusha ububasha sinkwiye n’ugupfundurura ibirato vyiwe, azobabatiza muri Mutima Mweranda n’umuriro. »

Ishengero ryose rimaze kubatizwa. Na Yezu nyene amaze kubatizwa, ariko arasenga, ijuru ririyugurura ; maze Mutima Mweranda aramwururukirako yibonekeje mu gisa n’inuma ; ijwi na ryo riva mw’ijuru riti : « Uri Umwananje, Jewe uyu munsi nakwivyariye. »

IDOMINIKA YA 1 YO MU KAREMA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (9, 8-15)

Isezerano Imana yasezeranye na Nohe igihe yamukiza amazi y’isegenya

Isegenya ihavuye,
Imana irahava ibwira Nohe n’abahungu biwe iti : « Mwebwe rero, mwe n’abuzukuruza banyu, turuzuye ; » kandi iti : « Nuzuye n’ivyo biremwa vyose bigendagenda muri kumwe : inyoni, ibitungwa, inyamaswa, eka ico cose casohotse kiva mu bwato, ibikoko vyose vyo kw’isi. Wewe rero turacuditse, singisubira guhonya abantu n’amazi y’isegenya, sinzosubira gutikiza isi. »

Imana yongera irungikanya iti : « Mbere ng’iki ikimenyetso c’uko nuzuye n’abantu n’ibikoko muri kumwe ubutacisubirako : nshize mu kirere umunywamazi wanje ngo umenyeshe ubucuti bwanje n’isi. Aho nzozana ibicu hejurur y’isi, uwo muheto w’umunywamazi uzobonekera kuri vyo, nanje nzokwibuka iryo sezerano ryanje nshize hagati yanje namwe, be n’ibiri n’ubuzima vyose bifise umubiri ; kandi amazi ntazokwongera kuba umurengera wo guhonya ibifise umubiri vyose. »

IZABURI 24 (25), 4bc-5ab. 6bc. 8-9

Icit : Inzira zawe, Mukama, zuzuye urukundo n’ukuri,
         Ku bazigama isezerano ryawe.

Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
Uranyigisha inzira zawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
Ni Wewe Mana izonkiza.

Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama,
Wibuke n’urukundo rwawe, kuko ari ivya misi yose.
Nk’uko urukundo rwawe rwamaho,
N’ube ari ko unyibuka, Mukama.

Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama !
Umukama yama agarura abazimiye.
Abatobato abigisha izina ryiwe,
Abicisha bugufi abigisha inzira yiwe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero (3, 18-22)

Amazi y’ibatisimu yadukijije ibicumuro vyacu

Bakunzi banje,
Kristu we nyene yarapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro, intungane igapfira abononyi, kugira ngo adushikane ku Mana ; yarishwe ku vy’umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima ku vy’umutima. Uwo mutima, ni wo yajanye guhumuriza imitima yari mw’ibohero, ya mitima yari yanse kwemera kera aho ubwiyumanganyi bw’Imana bwarorera mu misi ya Nohe, bwa bwato bukibazwa ; muri ubwo bwato, abantu bakeyi bashika umunani barashoboye gukizwa n’amazi. Ayo mazi aramenyesha ya Batisimu ibakiza namwe ubu : ntikibakiza mu gukura ico ry’umubiri, ariko irabakiza mu kuba isezerano ry’umutima mwiza n’Imana kubera izuka rya Yezu Kristu, We yuriye mw’ijuru akavyagira iburyo bw’Imana, amaze kugandura abamarayika, imbasha n’intwaza z’ijuru.

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
ariko aratungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Mariko (1, 12-15)

Arageragezwa na shetani, na bo abamarayika baramumara inzara

Yezu amaze kubatizwa, Mutima aca amutwara mu gahinga. Mu gahinga rero, ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na shetani. Yabana n’ibikoko, na bo abamarayika baramumara inzara.

Yohani Batista amaze gufatwa, Yezu aza i Bugalile yigisha Inkuru Nziza y’Imana, ati : « Umusi washitse kandi Ubwami bw’Imana buri hafi ; igarure kandi mwemere Inkuru Nziza.

%d blogueurs aiment cette page :