Accueil » Posts tagged 'ibiragi'
Archives de Tag: ibiragi
IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (35, 4-7a)
Ibitangaza vy’urukiza ruva ku Mana
Humuriza abo imitima yatuntuye, uti : « Rye umutima amenyo, mureke kugira ubwoba. Ng’uyo Umukama Imana yanyu : igihe co guhorwa kirashitse, Imana yabibutse, ni yo ije kubakiza. »
Amaso y’impumyi azoca akanura, amatwi y’intumva azibûke. Ibimuga bizosimba bugeregere, ururimi rw’ibiragi rutere imvyino z’agahimbare. Mu bihugu bitazi amazi, azokwisuka, imvura izoba nyamwondo mu ntara zagadutse. Umusenyi uturira uzohinduka igitanga, ahagataye hazocika amasôko.
IZABURI 145 (146), 7, 8-9a, 9bc-10
Icit. : Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.
Canke : Aleluya.
Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi. (suite…)