Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Ikarema'

Archives de Tag: Ikarema

Igihe c’Ikarema: Idominika ya 5 (Umwâka C)

Babonye bibereye, bashobora gusoma Ibisomwa vyose vy’Idominika ya gatanu yo mu Karema vyagenewe Umwaka «A», nk’uko vyanditswe. 

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (43, 16-21)

Umuhango w’ukurokoka

Ng’iri iriyazwe n’Umukama, We yaciye inzira hagati y’ikiyaga, agaca inzira hagati y’ibisebuzi, We yasatitse mu rugamba ibitwazi n’amafarasi, agatsinda n’ingabo zigambaraye, bikarambarara ubutakivyuka bigaherengetera nk’urubeya ruzimye : « Reke kwibuka ivyahise, ibagira ivya kera. Ngiye kuzana ibintu bishasha, kandi ng’ivyo vyashitse, nta vyo mubona ? Ngiye guca inzira nshasha mu gahinga, mu karere ndahakwiragize amayira. Inyamaswa, imbwebwe n’ibisiga bizonshimagiza, kuko nzotobora iriba mu gahinga, inzuzi zigatemba mu karere, kugira ngo mare inyota igihugu nitoreye. Kandi igihugu nitoreye na co nyene kizonshemeza. »

IZABURI 125 (126) 1-2b, 2c-3, 4-5, 6 

Icit. : Ivyo Umukama yatugiriye ni agatangaza, 
          natwe turi mu kanyamuneza. 

Igihe Umukama yabohora imbohe za Siyoni,
twari tumeze uk’abari mu ndoto ;
niho akamwemwe kashaka kutwîca,
imvyino zikasana.

Niho abapagani bavuga bati :
« Ivyo Umukama yabagiriye ni agatangaza
Niko, ivyo Umukama ;. Yatugiriye ni agatangaza ! »
eka natwe twari mu kanyamuneza.

Bohora se Mukama, imbohe zawe,
uzizane nk’imigende kw’ isi ikamutse.
Ababivyi mw’ibiba babiba barira,
mw’igesa bakagesa bishongora.

Bagenda bararira,
bajanye imbuto z’ukubiba ;
maze, bagarukanye imikama y’ivyimburo,
bakaza barisiga.

IGISOMWA CA KABIRI 

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (3, 8-14)

Ku bwa Kristu, vyose ndabiraba nk’ubusa 

Ncuti zanje,
Vya vyiza vyose nahoramwo kera, ndabiraba ubu nk’ubusa kuva aho menyeye iciza kiruta vyose : Kristu Yezu Umukama wanje. Kubera we, nahevye vyose, nkabiraba nk’umwavu, kugira ngo akuaguko kanje kabe Kristu kandi mbe muri we, atari ku bw’ubutungane bwanje buva Ku mategeko, ariko kubera ubuva ku kwemera Kristu ari bwo bwa butungane buva ku Mana nyene bushimikiye ku kwemera : niho nzoshobora kumumenya, we n’ububasha bw’izuka ryiwe, be n’amagorwa yiwe dusangiye, mu gushusha na we mu rupfu rwiwe, ngo mbashe gushikira izuka ry’abapfuye nk’uko ndavyizigiye. Si ukuvuga ko namaze kubishikira canke ko namaze kuba intungane, ariko sinicara hasi, kugira mbashe kubicakamira nk’uko nanje niziziwe na Kristu Yezu.

Benewacu, jewe ku bwanje sinibwira yuko namaze kumushikira. Muri vyose, kimwe gusa ni co gikuru : ndibagira ivya kera, nkaraba imbere yanje, ngakomeza urugendo kugira nshikire rya shimwe Imana yaduhamagariye mw’ijuru muri Kristu Yezu.

INKURU NZIZA 

Ijambo ryawe ni iry’ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Umukama yavuze ati : « Sinshaka urupfu rw’umunyakabi. 
ico nshaka n’uko yokwisubirako akabona kuramba. » 

Ijambo ryawe ni iry’ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (8, 1-11)

Femme-adultère-300x200.jpgMuri irya misi, Yezu yari agiye ku gasozi k’Imizeti. Mu gatondo ka kare, agarutse mu gisengero, ishengero ryose riramwegera, na we aricara arabigisha. Abanditsi n’Abafarizayo rero bamuzanira umugore yafashwe asambana ; bamaze kumuhagarika hagati mw’ishengero, babwira Yezu bati : «Mwigisha, uyu mugore yafashwe asambana. Mw’Ibwirizwa naho, Musa yadutegereje kwicisha amabuye ben’abo bagore. Ku bwawe bite ?» Ivyo babivuga ngo bamugeze, babone ingene bomurega. Yezu na we arunama yandikisha urutoke hasi. Bashishikaye kumubaza, arunamuka ababwira ati : «Muri mwebwe uwudafise igicumuro, n’amubanze ibuye.» Araheza yongera kwunama yandika hasi. Na bo ngo bavyumve, bariyonjorora umwe umwe bahereye ku basaza, gutinda asigare ari wenyene na wa mugore yari hagati. Yezu rero arunamuka amubwira ati : «Wa mugore, abakurega bari he ? Ntawakuremetse intahe ?» Na we ati : «Ntawe, Mukama.» Yezu na we ati : «Na jewe sindayikuremeka, genda ntube ugicumura.»

Igihe c’Ikarema: Idominika ya 4 (Umwâka C)

Bahonye bibereye, bashohora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya kane yo mu Karema vyagenewe Umwaka «A». 

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Yozuwe (5, 9a. 10-12)

Igihugu c’Imana gihimhaza Ipasika aho binjira mu ntara bemerewe

Umusi umwe, Umukama yabwiye Yozuwe ati : « Uyu musi ndabakuyeko iceyi mwanduye mu Misiri. » Abanyisrayeli baraheza bashinga urusago i Giligali mu kiyaya ca Yeriko, bahimbaza umusi mukuru wa Pasika ku mugoroba w’umubarwa wa cumi na kane w’ukwezi. Ku musi ukurikira Pasika, barya ivyimburwa vyo muri ico gihugu, kandi kuri uyo musi nyene babikoza imikate itagira umwambiro be n’ingano zikaranze. Mu gihe barya ivyimburwa vyo muri ico gihugu, amana ntiyabaye igikoroka. Aho Abanyisrayeli baburiye amana, baciye bamenyera imfungurwa za Kanahani.

IZABURI 33 (34) 2-3, 4-5, 6-7

Icit. : Umvirize, murabe, ingene Umukama ari mwiza.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve bahimbarwe.

Mushire hamwe dushemeze Umukama,
duhwanire guhaya izina ryiwe !
Nirukira Umukama akantabara,
akamara ubwoba bwose mfise.

Bane uweza amaso Umukama arahimbarwa,
ntazokwigera ateterwa.
Hari umurushwa yatabaje Imana,
iramwumvira imukiza amaganya yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (5, 17-21)

Imana yaratwuzurije na yo kuhwa Kristu

Ncuti zanje,
Umuntu wese ari muri Yezu Kristu, aba ari ikiremwa gishasha. Ivya kera biba vyaheze, hatanguye ibishasha. Ivyo vyose rero biva ku Mana yatwuzurije na yo ku bwa Kristu, ikadushinga ibanga ryo kuyuzuriza n’abandi. Nka ko nyene, Imana ni yo yatumye abantu b’isi buzura na yo muri Kristu, ikibagira ibicumuro vyabo, ikongera ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure. None rero, ubu duserukira Kristu, vyongeye Imana yo nyene ni yo ibashikiriza impanuro iciye kuri twebwe. Ni co gituma tubasavye kw’zina rya Kristu : nimwuzure n’Imana, Uwutigeze amenya igicumuro, Imana yamwitiranije n’igicumuro c’abantu kubera twebwe, kugira ngo kubera we dusangire ubutungane n’Imana.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.

Hinge, mve hasi, ngende kwa data, mpeze ndamubwire nti :
Dawe, naracnmuye ku Wo mw’ijuru nongera ndagucumurako.

Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (15, 1-3. 11-32)

Murumunawe yari yapfuye, none yazutse

Abatozakori n’abanyakabi bahora baza bose aho Yezu ari ngo bamwumvirize. Abafarizayo rero n’abanditsi baja mu vy’ukwidodomba, bati : « Uyu muntu yakiriza yompi abanyakabi, akongera agasangira na bo ! » Yezu na we abacira uyu mugani, ati :

00011545« Habaye umuntu yari afise abahungu babiri. Umuhungu mutoyi abarira se ati : “Dawe, ntabaza itoranwa ryanje.” Se rero arabatoranya. Imibarwa mikeyi iheze, wa muhungu akoranya ivyiwe vyose, yigira mu ntara ya kure, asesagura itunga ryiwe, acika igihumbu. Vyose bimaze kumuherako, hatera ikigoyi muri ico gihugu, buca buramukubira. Avaho rero agenda gushumbira umuntu wo muri ico gihugu, na we amurungika mw’itongo ryiwe ngo amuragirire ingurube. Yahora ashaka kwihembuza ibishishwa bigaburirwa ingurube, yamara ntiyabona uwubimuha. Niho rero yiyumvira ati : “Abashumba ba dawe barya uko bashaka, bangana iki, nanje hano ndiko ndicwa n’inzara ! Mve hasi, ngende kwa dawe, mpeze ndamubarire nti : Dawe naracumuye ku Wo mw’ijuru nongera ndagucumurako. Ntibikinkwiye rero ko nitwa umwana wawe, ntabara unshire mu bashumba bawe.” Arahaguruka rero, agaruka kwa se.

Akiri kure, se aramubona, ikigumbagumba kiramuniga, ariruka amugwa ku bitugu bararamukanya. Araheza wa muhungu abarira se ati : “Dawe, naracumuye ku Wo mw’ijuru nongera ngucumurako, singikwiye kwitwa umwana wawe.” Se wiwe yamara abarira abasuku biwe ati : “Nimunzanire ivyambarwa vyiza mubimwambike, mugireko mumwambike impeta ku rutoke n’ibirato ku maguru. Murabe kandi ikimasa kinuze, mukibage, tugire umusi mukuru w’akanyamuneza, kuko uyu muhungu wanje yari yapfuye none yazutse, yari yazimiye none yazimurutse. Ni uko rero baja mu vyo kugira umusi mukuru.

Ariko rero wa muhungu mukuru yari mu murima. Ngo aze gutahuka, yegereye inzu, yumva inanga n’ururirimbo bisekera. Ahamagara rero umusuku amubaza ivyo ari vyo. Wa musuku aramwishura ati : “Ni umwe murumunawe yagarutse, mbere so yabaze ikimasa kinuze kuko yasubiye kumubona akidundega.” Biraheza rero bimutera ishavu, aranka kwinjira. Se rero arasohoka, aja mu vyo kumuhoyahoya. Na we yishura se ati : “lyi myaka maze ngukorera, ntaho nigeze nkugambararira, yamara ntaho wampaye na rimwe n’agahene ngo ngirire umusi mukuru abagenzi banje, none uyu muhungu wawe yamariye ivyiwe mu bishushungwe, aragarutse umubagira ikimasa kinuze.” Se araheza aramwishura ati : “Wewe, mwananje, wangumye iruhande, ivyo mfise vyose ni ivyawe. Nawe nu, ntitwari kureka kunezerwa tubonye murumunawe, yari yapfuye none yazutse, yari yazimiye none yazimurutse”. »

Igihe c’Ikarema: Idominika ya 3 (Umwâka C)

Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya gatatu yo mu Karema vyagenewe Umwaka « A ».

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (3, 1-8a. 10. 13-15)

Imana-Mukiza yimenyesha Musa

moise-buissonardent200Muri irya misi, Musa yariko araragira intama za sebukwe Yetro, umuherezankuka wa Madiyani. Umusi umwe, yari yazijanye mu gahinga, ashika ku musozi w’Imana witwa Horebi. Umumarayika w’Umukama aramubonekera asa n’urubeya rurabiriza mu gisaka. Musa ngo aje kuraba, abona kino gisaka gisa n’igitongorero c’umuriro ariko kidasha. Ni ko kwibwira ati : « Hinge, negere, maze nihweze ivyo bintu ndabe n’igituma ico gisaka kidasha. » Umukama aramubona ariko aregera, ngo arabe neza uko bimeze, aca aramuhamagara ari hagati mu gisaka, ati : « Musa ! Musa ! » Na we ati : « Ndarengutse. » Araheza amubwira ati : « Nturuhe wegera ngaha, mbere niwambure inkweto zawe, kuko aha uhagaze ari ahantu hasonerwa. » Umukama arongera kumubwira ati : « Ni jewe Imana yawe, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo. » Musa aca yipfuka mu maso kuko yatinya kuraba Imana.

Umukama aramubwira ati : « Nabonye ayo igihugu canje kigorewe mu Misiri, numvise amaborogo bavuza kubera uruhuha rw’ababakoresha ; ni ivy’ukuri ndazi amaganya barimwo. Nishinze kubakura mu minwe y’Abanyamisiri, ngo ndabajane mu ntara imera kandi nini, mu gihugu c’amata n’ubuki. Genda, ndakurungitse kwa Farawoni, ukure mu Misiri igihugu canje, abana b’Israyeli. » Musa rero abwira Imana ati : « Ego ndagiye kuraba Abanyisrayeli, ndababwire nti : Imana ya ba sokuru yantumye iwanyu. Yamara nibambaza izina ry’uwantumye nzobishura iki ? » Imana isubiza Musa iti : « Ndi uwuriho. Ng’aya imajambo uzoshikiriza Abanyisrayeli, uti : « Uwuriho ni we yanbantumyeko. » Imana yongera kubwira Musa iti : « Uzobwira bene Israyeli uti : « Umukama, Imana ya ba sokuru, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki, Imana ya Yakobo, ni yo yabantumyeko. Iryo ni ryo zina nzokwamana, ni ryo muzoshobora kunyibukirako mwe n’abo muzovyara bose, imyaka n’imyaka.

IZABURI 102 (103) 1-2, 3-4, 6-7, 8.11

Icit. : Umukama ni We Nyenimbabazi n’ikigongwe.

Himbaza Umukama mushaha wanje,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza Umukama se mushaha wanje,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni we akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
ni we agukiza indwara zose ;
ni we akugarurira ku cobo,
ni we atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Umukama akorana ubutungane,
akaburanira impahazwa ;
ni we yamenyesheje Musa amabanga yiwe,
akereka abana b’Israyeli ivyiza vy’agatangaza yakoze.

Umukama ni we Nyenimbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
nk’uko isi ata ho ihwaniye n’ijuru,
ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (10, 1-6. 10-12)

Imana iratwibutsa ngo twisubireko

Ncuti zanje,
Sinshaka ko muyoberwa ivyabaye mu gihe ba sokuru bava mu Misiri. Bose bagenda bahagarikiwe n’inkingi y’igicu, kandi bose barajabutse ikiyaga Gitukura. Bose bari bunze ubumwe na Musa, basa n’ababatirijwe muri ca gicu no mu kiyaga ; bose barariye ya mfungurwa imwe y’umutima ; bahora banywa amazi ava mu gitandara c’ibuye cabaherekeza, na co ico gitandara cari ikimenyetso ca Kristu. Ariko rero, benshi muri bo ntibagororokeye Imana, baraheza bagwa mu gahinga. Ivyo vyarabaye ngo bitubere akarorero, ntitwipfuze ibibi nk’uko ba sokuru babigize. Ntimwidodombere Imana, nk’uko bamwe muri bo babigize, maze bagatikira. Kandi ivyo vyose vyabashikiye ngo bitubere akarorero, kandi vyanditswe ngo bitubere impanuro, twebwe twegereye imisi ya nyuma. None rero, uwigira ngo arahagaze, niyitegereze yoye kugwa.

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni iry’ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Umukama yavuze ati: « Nimwihanure,
kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »

Ijambo ryawe ni iry’ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (13, 1-9)

Imana ntihengeshanya kudukebura ngo twihanure

Umusi umwe, haza abantu biganira Yezu ayashikiye Abanyagalile, ingene Pilato yabakurikije inkuka bari baje guhereza. Yezu arabishura ati : : « Mugira ngo abo Banyagalile babonye ayo yose kuko bari bacumuye kurusha abandi bose ? Ndabibabwiye : Haba n’intete ; ariko, na mwebwe ni mutihana, muzoshira mutyo mwese. Canke, ba bandi cumi n’umunani basidukirwako n’umunara wa Silowe ukabica, mugira ngo bari bakoze akabi gusumba ak’abandi bose baba i Yeruzalemu ? Ndabibabwiye : Haba n’intete ; ariko, na mwebwe ni mutihana, muzoshira mutyo nyene. »

Yezu araheza abacira uyu mugani ati: « Habaye umuntu yari afise igiti c’umutenahi mu murima wiwe w’imizabibu. Ngo aze kwamura, asanga ntihagirako namba. Abwira uwamurabira imizabibu ati: ‘Raba, haheze imyaka itatu yose nza kurondera ivyamwa kuri uyu mutenahi, sinsangeko n’ikirazira. Wuce, nakare wononye ubwatsi ku busa.’ Na we aramwishura ati: ‘Databuja, enda banza urorere uyu mwaka, nbanze nimbe iruhande, ndawutabirire. Ubwo, hari n’aho wokwama. Na ho n’utama uzowuca.»

%d blogueurs aiment cette page :