Accueil » Posts tagged 'imisi mirongo ine'
Archives de Tag: imisi mirongo ine
IDOMINIKA YA 1 YO MU KAREMA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (9, 8-15)
Isezerano Imana yasezeranye na Nohe igihe yamukiza amazi y’isegenya
Isegenya ihavuye,
Imana irahava ibwira Nohe n’abahungu biwe iti : « Mwebwe rero, mwe n’abuzukuruza banyu, turuzuye ; » kandi iti : « Nuzuye n’ivyo biremwa vyose bigendagenda muri kumwe : inyoni, ibitungwa, inyamaswa, eka ico cose casohotse kiva mu bwato, ibikoko vyose vyo kw’isi. Wewe rero turacuditse, singisubira guhonya abantu n’amazi y’isegenya, sinzosubira gutikiza isi. »
Imana yongera irungikanya iti : « Mbere ng’iki ikimenyetso c’uko nuzuye n’abantu n’ibikoko muri kumwe ubutacisubirako : nshize mu kirere umunywamazi wanje ngo umenyeshe ubucuti bwanje n’isi. Aho nzozana ibicu hejurur y’isi, uwo muheto w’umunywamazi uzobonekera kuri vyo, nanje nzokwibuka iryo sezerano ryanje nshize hagati yanje namwe, be n’ibiri n’ubuzima vyose bifise umubiri ; kandi amazi ntazokwongera kuba umurengera wo guhonya ibifise umubiri vyose. »
IZABURI 24 (25), 4bc-5ab. 6bc. 8-9
Icit : Inzira zawe, Mukama, zuzuye urukundo n’ukuri,
Ku bazigama isezerano ryawe.
Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
Uranyigisha inzira zawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
Ni Wewe Mana izonkiza.
Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama,
Wibuke n’urukundo rwawe, kuko ari ivya misi yose.
Nk’uko urukundo rwawe rwamaho,
N’ube ari ko unyibuka, Mukama.
Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama !
Umukama yama agarura abazimiye.
Abatobato abigisha izina ryiwe,
Abicisha bugufi abigisha inzira yiwe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero (3, 18-22)
Amazi y’ibatisimu yadukijije ibicumuro vyacu
Bakunzi banje,
Kristu we nyene yarapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro, intungane igapfira abononyi, kugira ngo adushikane ku Mana ; yarishwe ku vy’umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima ku vy’umutima. Uwo mutima, ni wo yajanye guhumuriza imitima yari mw’ibohero, ya mitima yari yanse kwemera kera aho ubwiyumanganyi bw’Imana bwarorera mu misi ya Nohe, bwa bwato bukibazwa ; muri ubwo bwato, abantu bakeyi bashika umunani barashoboye gukizwa n’amazi. Ayo mazi aramenyesha ya Batisimu ibakiza namwe ubu : ntikibakiza mu gukura ico ry’umubiri, ariko irabakiza mu kuba isezerano ry’umutima mwiza n’Imana kubera izuka rya Yezu Kristu, We yuriye mw’ijuru akavyagira iburyo bw’Imana, amaze kugandura abamarayika, imbasha n’intwaza z’ijuru.
INKURU NZIZA
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
ariko aratungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Mariko (1, 12-15)
Arageragezwa na shetani, na bo abamarayika baramumara inzara
Yezu amaze kubatizwa, Mutima aca amutwara mu gahinga. Mu gahinga rero, ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na shetani. Yabana n’ibikoko, na bo abamarayika baramumara inzara.
Yohani Batista amaze gufatwa, Yezu aza i Bugalile yigisha Inkuru Nziza y’Imana, ati : « Umusi washitse kandi Ubwami bw’Imana buri hafi ; igarure kandi mwemere Inkuru Nziza.