Accueil » Posts tagged 'intungane'
Archives de Tag: intungane
Idominika ya 27 yo mu mwaka. (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Habakuki (1, 2-3 ; 2, 2-4)
Intungane izotungwa n’ukugumya ibanga
Mbega Mukama, nzogutabaza gushika ryari utari bunyumvire ? Nzogusaba ngo ukure imidugararo utari bunkize ? Ni kuki ureka ngo mbone amakuba, ukishinga kwirabira ayo ngowe ? Nsigaye mbona abasahura n’abarwana ; hose ni ugutukana, induru ntaho itavuga.
Umukama ahava anyishura ati : « Andika ivyo ubona, ubishire ku dupapuro, babashe kubisoma neza. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze, ntakabuza bizoteba biranguke. Nivyateba, urabirorera ; bitebe bitebuke, bizoza nta gisivya.
Uwufise umutima wagoramye azohagwa, na yo intungane izotungwa n’ukugumya ibanga.»
IZABURI 94 (95) 1-2, 6-7, 8-9
Icit : Ese uyu munsi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama,
rivuga riti : « Ntimukomantaze imitima yanyu. »
Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire, (suite…)