Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'isezerano'

Archives de Tag: isezerano

IDOMINIKA YA 31 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (6, 2-6)

Urakunda Umukama n’umutima wawe wose

ten-commandmentsHebrewNg’ibi ivyo Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli : Urubaha Umukama Imana yawe, imisi yose uzomara kw’isi, urakurikiza amategeko n’amabwirizwa yiwe yose ndaguhaye uyu musi. Niho uzoramba, wewe, abana n’abuzukuru bawe. None rero, Israyeli, urama uteze ugutwi, ushire ku muzirikanyi ico cose kizokuzanira ubuhirwe, ukarondoka mu gihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Umukama Imana ya ba sogokuruza yabikwemereye.
Umviriza, Israyeli we : Umukama Imana yacu ni we musa ari Imana. Urakunda rero Umukama Imana yawe, n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’amagara yawe yose. Ayo majambo nkubariye uyu musi, ntakigere akuva ku muzirikanyi.

IZABURI 17 (18) 2-3a, 3bc-4, 47.51ab

Icit. : Ndagukunda, Mukama, Wewe bukomezi bwanje.

Ndagukunda, Mukama, wewe bukomezi bwanje,
uri Umukiza wanje, wankijije akagobero ;
Umukama ni we gitandara canje, ni we (suite…)

UMUSI MUKURU W’ISAKARAMENTU RYERANDA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (24, 3-8)

Aya ni amaraso y’isezerano Umukama yagiriraniye namwe

Muri irya misi, Corpus DominiMusa avuye ku musozi wa Sinayi, araza amenyesha Abanyisrayeli amajambo yose y’Umukama be n’imigenzo yose bazokurikiza. Ngo bavyumve, bishurira rimwe bati : « Amajambo yose Umukama yavuze, tuzoyakurikiza. » Musa araheza yandika amajambo yose y’Umukama : ngo buce mu gatondo ka kare, yubaka uruhimbi mu mucamo wa nya musozi, ashinga n’inkingi cumi na zibiri za vya bisata cumi na bibiri vya Israyeli. Hanyuma, Musa atora imisore mu Banyisrayeli, ayigisha guhereza Umukama imperezwa n’ugutangako inkuka imbagwa z’udushuri. Araheza Musa afata igice c’amaraso agishira mu mibehe, ikindi gice akimijira uruhimbi. Aca afata igitabu c’Isezerano agisomera Abanyisrayeli, na bo bashira ijwi hejuru bati : « Ivyo vyose Umukama yavuze tuzobikora, kandi tuzogamburuka. » Araheza Musa afata ya maraso ayamijira Abanyisrayeli ati : « Aya ni amaraso y’Isezerano Umukama yagiriraniye namwe, nk’uko ayo majambo abivuga. »

IZABURI 115 (116B), 12-13. 15-16bc. 17-18

Icit. : Nzomuhereza ikalisi y’ubukiriro,
         kandi ntabaze izina ryiwe.

(suite…)

%d blogueurs aiment cette page :