Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya'

Archives de Tag: Iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya

Ku wa 15 Myāndagaro: Iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya.

Kuri uwo musi mukuru nyene

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (11, 19a ; 12, 1-6a. 10ab)

Umukenyezi yitwikiriye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hari ukwezi

Assomption de la Ste Vierge MarieMuri ico gihe, ingoro y’Imana iruguruka mw’ijuru, n’isandugu ry’Isezerano ry’Umukama rigaseruka mu ngoro.
Mw’ijuru haboneka ikimenyetso c’agatangaza : Umukenyezi yitwikiriye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hari ukwezi kandi afise ku mutwe urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri. Aribungenze kandi araboroga kubera ko yari ku mbanyi imubabaza cane. Hanyuma haboneka mw’ijuru ikindi kimenyetso : igisizimwe amahanga gitukura nk’umuriro, kikagira imitwe indwi n’amahembe cumi, umutwe wose wambaye urugori. Umurizo waco ukubura ica gatatu c’inyenyeri zo mu kirere uzikoragurira kw’isi. Nya gisizimwe gihagaze imbere y’uwo mukenyezi, ari ku mbanyi, kirindiriye ko ashikana ngo gice kirotsa umwana yibarutse. Noneho wa mukenyezi yibaruka umwana w’umuhungu, umwe azotwara amakungu yose, akayatwaza intahe ikomeye ; nya mwana baca bamujana iruhande y’Imana, hambavu y’intebe yayo ; na we nya mukenyezi ahungira mu gahinga, iyo Imana yamuteguriye ihungiro. Niho numva (suite…)

15 MYANDAGARO : Iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya.

 Ku mugoroba urōngôra uwo musi

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’ivy’Ingoma (15, 3-4. 15-16 ; 16, 1-2)

Binjiza isandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye

Dawudi amaze kwimikwa, yakoranije Abanyisraeli bose i Yeruzalemu kugira ngo baje kudugana isandugu ry’Umukama, barishire mu kibanza bariteguriye. Dawudi arakoranya abuzukuruza baEnglish: Assumption of The Virgin Mary - chape... Aroni aribo basaserdoti, be n’abuzukuruza ba Levi. Bashitseyo, Bene Levi barerura iryo sandugu ry’Imana, bashira iminiho yaryo ku bitugu, nk’uko Musa yari yabitegetse, bivuye kw’ijambo ry’Umukama. Maze, dawudu abarira abakuru ba Bene Levi gutora abaririmvyi mu b’iwabo, ngo bazane amakembe, inanga n’ingoma, babivuze baririmbana akanyamuneza. Nuko rero, binjiza iryo sandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye. Baraheza bahereza imbere y’Imana imbagwa n’inkuka z’ukuzisangirirako. Nuko rero, amaze guhereza iyo mbagwa n’izo nkuka, Dawudi arahezagira ishengero kw’izina ry’Umukama.

Izaburi 131 (132), 9-10. 13-14

Icit : Haguruka, Mukama, uze mu buruhukiro bwawe,
Wewe ubwawe n”isandugu ry”ububasha bwawe !

Abasaserdoti bawe nibikwize ubutungane, (suite…)

Ku wa 15 Myāndagaro : IYURIZWA MW’IJURU RYA BIKIRA MARIYA

Ku mugoroba urōngôra uwo musi

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’ivy’Ingoma (15, 3-4. 15-16 ; 16, 1-2)

Binjiza isandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye

Dawudi amaze kwimikwa, yakoranije Abanyisraeli bose i Yeruzalemu kugira ngo baje kudugana isandugu ry’Umukama, barishire mu kibanza bariteguriye. Dawudi arakoranya abuzukuruza ba Aroni aribo basaserdoti, be n’abuzukuruza ba Levi. Bashitseyo, Bene Levi barerura iryo sandugu ry’Imana, bashira iminiho yaryo ku bitugu, nk’uko Musa yari yabitegetse, bivuye kw’ijambo ry’Umukama. Maze, dawudu abarira abakuru ba Bene Levi gutora abaririmvyi mu b’iwabo, ngo bazane amakembe, inanga n’ingoma, babivuze baririmbana akanyamuneza. Nuko rero, binjiza iryo sandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye. Baraheza bahereza imbere y’Imana imbagwa n’inkuka z’ukuzisangirirako. Nuko rero, amaze guhereza iyo mbagwa n’izo nkuka, Dawudi arahezagira ishengero kw’izina ry’Umukama.

IZABURI 131 (132), 9-10. 13-14

Icit : Haguruka, Mukama, uze mu buruhukiro bwawe,
         Wewe ubwawe n”isandugu ry”ububasha bwawe !

Abasaserdoti bawe nibikwize ubutungane,
nayo abantu bawe nibishongorane akanyamuneza !
kubwa Dawudi, umusavyi wawe,
ntiwanke uwo wimitse.

Erega Umukama ni We yitoreye Siyoni,
ni ho yagomba ngo bahamwubakire ingoro :
« Aho ni ho ngiye kuvyagira imyaka yose,
ni ho nzoba kuko nahagomwe.»

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abakorenti (15, 54b-57)

Imana yaduhaye intsinzi kubwa Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Ku munsi w’imperuka, igishobora gutituka muri twebwe kizohinduka ikidatituka, icagenewe gupfa kizogabana ukuramba imyaka yose. Ni ho rya jambo ryanditswe mu Bitabu Vyeranda rizotaha ngo :
« Urupfu rwamizwe n’intsinzi.
Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe ?
Wa rupfu we, umugera wawe wuzuye ubumara uri hehe ?»
Umugera w’urupfu ni igicumuro, igicumuro gikomezwa n’ibwirizwa. None rero, nidukengurukire Imana, Yo iduha intsinzi kubwa Yezu Kristu Umukama wacu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Hahiriwe abumviriza Ijambo ry’Imana, kandi bakarirangura.
Alleluia, alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)

Umunsi umwe,
Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri nya shengero, atereza akamo hejuru ati : « Irahiriwe imbanyi y’uwakwibungenze, eka arahiriwe n’amabere wonse !» Yezu aramwishura ati : « Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura ! »

%d blogueurs aiment cette page :