Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Kristu Umwami'

Archives de Tag: Kristu Umwami

IDOMINIKA YA 34 YO MU MWAKA = UMUSI MUKURU WA KRISTU UMWAMI

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (7, 13-14)

Ingoma yiwe ni ingoma izokwamaho

jugement-dernierMu vyo neretswe mw’ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo mw’ijuru ; araheza aregera wa Mutama, baramumushikiriza. Aca ahabwa inganji, icubahiro n’ubwami kugira ngo amoko yose, intara zose n’indimi zose zimusenge. Ingoma yiwe ni ingoma izokwamaho, ubwami bwiwe ni ubwami butazotituka.

IZABURI 92 (93), 1ab, 1c-2, 5

Icit. : Umukama arahangamye ku ngoma,
         yikwije uuninahazwa.

Umukama ahangamye ku ngoma ;
yikwije ubuninahazwa,
Umukama yikwije ububasha bwiwe.

Isi na yo irashimangiye, (suite…)

IDOMINIKA YA 34 YO MU MWAKA = UMUSI MUKURU WA KRISTU MWAMI

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (34, 11-12. 15-17)

Imana, Umwami n’Umwungere wa Israyeli, ni We Mucamanza

Bon BergerNg’iri iryo Umukama Imana avumereye.
Noneho, jewe ubwanje ndigiriye kurondera intama zanje, ndazibungabunge. Nk’uko umwungere abungabunga ubusho bw’intama ziwe zashwiragiye, ni ko nzobungabunga intama zanje, ndazikure aho hose zashwiragiriye ku musi w’igipfungu. Ni jewe nyene ubwanje nzoragira intama zanje, ni jewe nzozicura: – uko ni ko Umukama Imana avuze.- Nzorondera iyatakaye, ngarukane iyazimiye; nzokanda iyakomeretse, mvure iyirwaye; iyivyibushe igakomera na yo nzoyihozako ijisho, ndayiragire mu butungane. Namwe, busho bwanje, – uko ni ko Umukama Imana avuze, – menye ko ngiye guca urubanza, nsobanure intama n’izindi, ntandukanye impfizi z’intama n’amasuguru y’impene. (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :