Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Kristu Yezu'

Archives de Tag: Kristu Yezu

UMUSI MUKURU W’UMUSHAHA MWERANDA WA YEZU

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ozeya (11, 1. 3-4. 8c-9)

Urukundo Umukama afitiye igihugu ciwe

Coeur_de_JesusNg’iri iriyazwe n’Umukama :
Igihe Israyeli yari akiri muto, naramukunda, hanyuma mpamagara uwo mwana wanje ngo ave mu Misiri. Jeho naramwigishije gutambuka, ndamufata ukuboko, ariko ntiyabonye ko nariko ndamubungabunga. Naramwiboheyeko ndamubohesha imigozi y”urukundo, naramuteruye nk’uwusimbagiza ikibondo, kandi naramugaburira. (Ariko, baranse kwigarurira kuri jewe ; mbe noba ntegerezwa kubaheba, bagahanwa ?). Umutima uranyanse mu nda, ikigongwe canje cose kiravyutse. (suite…)

IDOMINIKA YA 2 YA PASIKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (4, 32-35)

Abakristu ba mbere bari bahuje umutima n’umushaha

Abari bamaze kwemera bose bari bahuje umutima n’umushaha kandi muri bo nta wagira ngo ivyo atunze ni rwiwe, yamara vyari ivya bose. Ni uko rero abatumwa bari bafise ubukuru bwinshi mu gushingira intahe izuka ry’Umukama Yezu, kandi bagaterwa iteka ryinshi na bose. Vyongeye, muri bo nta n’umwe yari n’ico akenye. Harimwo abatunzi bafise imirima canke inzu, bakabigurisha hanyuma bakazana ivyavuye mu vyo baba bagurishije. Ivyo biguzi babishikiriza abatumwa, na bo bakabigaburira abari aho bose, umwumwe ivyo akaneye.

IZABURI 117 (118), 2-4. 16ab-18. 22-24

Icit. : Shemeza Umukama kuko ari mwiza,
          Kuko Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

Canke : Alleluya.

Umuryango w’Israyeli n’uvuge uti :
ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Umuryango wa Aroni n’uvuge uti :
ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Abubaha Umukama bose nibavuge bati :
ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

Ukuboko kw’Umukama kwarakoze ibitangaza,
ukuboko kwiwe kwaratsinze.
Sinzopfa, nzohoraho,
kandi nzohayagiza ibikorwa vy’Umukama.
Umukama yarampanye bimwe bishemeye,
mugabo kizima atampereje urupfu.

Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo.
Ivyo bitangaza twabonye
vyabonetse ku bw’Umukama.
Ng’uyu umusi Umukama yagize,
turanezerewe, turahimbawe.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (5, 1-6)

Uwemera yavutse ukundi ku bw’Imana

Bakunzi banje,
Uwemera wese yuko Yezu ari Kristu ni we yavyawe n’Imana ; kandi uwukunda wese Imana yo muvyeyi aba akunda kandi uwavyawe na Yo. Ng’iki ikitumenyesha yuko dukunda abana b’Imana : nitwakunda Imana tugakora amabwirizwa yayo. Nka ko nyene, ng’uru urukundo rw’Imana :  ni uko twozigama amabwirizwa yayo. Na yo amabwirizwa yayo ntaremereye, kuko icavyawe n’Imana cose gitsinda isi. Kandi iyo ntsinzi yatsinze isi ni ukwemera kwacu.
None uwutsinda isi ni nde, atari uwemera yuko Yezu ari Umwana w’Imana ? Uwo Yezu Kristu ni we yaje mu mazi no mu maraso. Si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso. Kandi Mutima ni we ashinga intahe kuko Mutima ari we Kuri.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ataco barinze kubona. »
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)

Imisi umunani iheze, Yezu araza

Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere mu ndwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati : «Nimugire amahoro ! » Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abigishwa babonye Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati : « Nimugire amahoro ! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye. » Ababwiye atyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako. »
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri ba bandi Icumi na babiri, ari we bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa baguma bamubwira bati : « Twabonye Umukama », na we akabishura ati : « Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro za ya misumari n’ikiganza mu rubavu rwiwe, sinzokwigera nemera. »
St ThomasImisi umunani iheze, abigishwa basubira guteramira muri nya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu aza inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati : « Nimugire amahoro ! » Hanyuma abwira Toma ati : « Shira urutoke rwawe ngaha. Ng’ibi ibiganza vyanje, zana ikiganza cawe ugishire mu rubavu rwanje, ureke rero kuba umuhakanyi, ariko uwemera. »
Toma amwishura ati : « Mukama wanje, Mana yanje ! » Yezu na We amusubiza ati : « Kubera ko wambonye wemeye. Hahiriwe abazokwemera batarinze kubona. »
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ibi rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.

IDOMINIKA YA 4 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Sofoniya : 2, 3; 3, 12-13
(Mu gihugu cawe, nzosigaza abatobato n’abicisha bugufi gusa)

Rondere Umukama, mwa bantu batobato mwese bo kw’isi, muhore mmugamburukira amateka yiwe. Reondere ubutungane, mwicishe bugufi ; kumbure muzoba mwikinze ishavu ry’Umukama aho rizokwadukira.
Mu gihugu cawe, nzosigaza abatobato n’abicisha bugufi gusa, kandi agasigarira ka Israeli kazohungira mw’izina ry’Umukama. Bazoheba ubuyobe bwose, bihane ikinyoma cose, abangushi na bo bacibwe. Bazogandagaza ku mitumba, baruhuke atawubariye urwara.

Izaburi 145 (146), 7. 8-9a. 9b-10

Icit :  Hahiriwe abri n’umutima ushima ubworo : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Canke : Alleluya.

Umukama acira urubanza impahazwa
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Ni We ahumura impumyi,
Ni We agorora abahetamye,
Ni We akunda abantu b’intungane,
Ni We ahagarikira ba kavantara.
Ni We arwanira abapfakazi n’impfuvyi,

Ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azohora ku ngoma.
Ni We Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 1, 26-31

(Abatagira ububasha nib o Imana yitoreye)

Ncuti zanje,
Nimuzirikane ihamagarwa ryanyu uko rimeze : muri mwebwe, abanyabwenge kubw’abantu si bo benshi, abakomeye si bo benshi, abana b’imiryango mikuru si bo benshi. Yamara ibijuju mu maso y’abantu ni vyo Imana yitoreye ngo itetereze incabwenge ; abatagira ububasha ni bo Imana yitoreye ngo itetereze abagendera ku bubasha bwabo ; abatagira akaryango mu bantu n’bakengerwa ni bo Imana yitoreye, n’ibitariho mbere Imana yaravyitoreye ngo igire ubusa ibiriho, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe yihayagiza imbere y’Imana.
Ni Yo ibaha kuba muri Kristu Yezu, ni Yo yamuduhaye ngo atubere ubwenge, ubutungane, ubweranda n’urukiza, kugira ngo, nk’uko vyanditswe, « Uwihayagiza yihayagize mu Mukama. »

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Muranezerwe muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 1-12a
(Hahiriwe abari n’mutima ushima ubworo)

Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi ; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo :

«Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Hahiriwe abitonda : kuko bazotorana isi !
Hahiriwe abari mu marira : kuko bazohozwa !
Hahiriwe abashonje n’abanyotewe ubutungane : kuko bazoshira ipfa !
Hahiriwe abanyakigongwe : kuko na bo bazokigirirwa !
Hahiriwe abari n’umutima mwiza : kuko bazobona Imana !
Hahiriwe abaremesha amahoro : kuko bazokwitwa abana b’Imana !
Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabaremera amabi yose kubwanje : muranezerwe muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru ! »

%d blogueurs aiment cette page :