Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Musa'

Archives de Tag: Musa

IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (2, 18-24)

Bazocika umubiri umwe

Mu ntango y’irema, Umukama yavuze ati : « Si vyiza ko umuntu aguma wenyene, nzomuronderera umugenzi bakwiranye. » Umukama arongera kubumbabumba ibikoko vyose vyo mw’ishamba n’inyoni zo mu kirere, hanyuma abizanira umuntu ngo arabe uko avyita : kimwekimwe cose categerezwa kugumya izina cahawe n’umuntu. Umuntu rero arakwiragiza amazina ibikoko vyose, inyoni zo mu kirere n’ibitungwa vyo mu murima, mugabo nta mugenzi bakwiranye yasanzemwo. Umukama rero arungikira umuntu itiro ryinshi, arasinzira. Amukuramwo igufa rimwe ry’urubavu, mu nyuma arateranya aho ryavuye. Umukama afata rero rya gufa yakuye mu rubavu rw’umuntu, arikoramwo umugore, hanyuma amuzanira nya muntu. Uno rero aca ashira ijwi hejuru ati : « Ubu ho rero, uyu ni igufa ry’amagufa yanje, kandi ni umubiri w’umubiri wanje. Azokwitwa umugore kuko (suite…)

IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihárūra (11, 25-29)

Mutima Mweranda aja aho yishakiye

MoiseMuri irya misi, Umukama yamanutse mu gicu, aganira na Musa. Araheza afata Mutima yari umuvyagiyemwo, amukwiragiza kuri ba bakurambere mirongo indwi. Ngo babe bakimuronse, baca batangura kuvugira Imana, ariko ntivyaragama. Muri ico gihe, hari abagabo babiri bari basigaye mw’icumbi, umwe yitwa Elidadi, uwundi na we Medadi ; Mutima abinjiramwo na bo. N’aho batari bagiye iyo Ihema ryari riri, bari mu gitigiri c’abatowe; ni uko batangura kuvugira Imana aho nyene bari bacumbitse. Umuhungu umwe w’urnusore agenda ariruka abarira Musa ati: « Elidadi na Medadi bariko baravugira Imana mw’icumbi ryacu! » Yozuwe mwene Nuni, yabaye umufasha wa Musa kuva akiri umusore, amubarira ati : « N’ubabuze, muhanyi ! » Musa aramubaza ati: « Mbe iryo shari uryerekanye ngo undwanire? Ese Umukama yobavyagizamwo Mutima wiwe, igihugu ciwe cose kikaba igihugu c’abamuvugira ! »

IZABURI 18 (19) 8, 10, 12-13, 14

Icit. : Amabwirizwa y’Umukama ni akezamutima.

Amategeko y’Umukama aratunganye, (suite…)

IDOMINIKA YA 22 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (4, 1-2. 6-8)

Nimuzigame amahwirizwa y’Umukama

Muri irya minsi,
Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati : « None rero, yemwe Banyisrayeli, nimwumvirize amabwirizwa n’amateka ngira mbashikirize, muheze muyazigame ; niho muzobaho mukinjira mu gihugu Umukama Imana ya ba sogokuruza yabahaye, kikabegukira. Ntihagire ico mwongera canke musobanura mu vyo mbategetse ; amabwirizwa y’Umukama Imana yanyu araba ari yo masa mukurikiza nk’uko ndabibategetse. Ni uko rero, muze muyazigame, muyarangure, azobaronkera ubwitonzi n’ubwenge imbere y’ayandi makungu. Umusi bumvise ayo mabwirizwa yose, bazotangara bati : ‘Ni ukuri nta kindi gihugu gitunze abitonzi n’incabwenge nk’iki !’ Mbega, hari igihugu gifise imana iri hafi yaco nk’uko Umukama Imana yacu aba hafi yacu, iyo tumwambaje ? Canke, hari igibugu gifise amabwirizwa n’amateka atunganye nk’aya mbashikirije uyu musi ?»

IZABURI 14 (15) 2-3a, 3cd-4ab, 5
Icit. : Ni nde, Mukama, azokwinjira mu ngoro yawe ?

Hazoshika umweranda yigenza neza,
akora ibituuganye, (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :