Accueil » Posts tagged 'Mutima Mweranda'
Archives de Tag: Mutima Mweranda
UMUSI MUKURU WA PENTEKOTI
Ku musi mukuru wa Pentekoti
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (2, 1-11)
Bose buzura Mutima Mweranda
Umusi wa Pentekoti wasanze abatumwa bose bakoraniye hamwe. Niho hwavyuka intureka iva mw’ijuru imeze nk’umuyaga w’igihuhusi, wuzura inzu barimwo hadaciye n’akanya. Babona haserutse imbeya zimeze nk’indimi z’umuriro, ziricagagura zija guhagarara ku mutwe w’umwe wese mu bari aho. Bose rero buzura Mutima Mweranda, batangura kuvuga izindi ndimi ku rugero Mutima Mweranda abahaye kuzivuga.
I Yeruzalemn na ho, hari hagerereyemwo abantu bubaha Imana, bari bavuye mu ntara zose ziri munsi y’ijuru. Aho bumviye intureka, abantu bose barashwabaduka bumiwe bwumirwe, kuko umwe wese yumva abatumwa bavuga ururimi rw’iwabo. Bagwa mu gahundwe, baraheza bagira bati : « Aba bantu bavuga, si ab’i Bugalile ? Bigenze bite (suite…)
UMUSI MUKURU WA PENTEKOTI: Ku mugórōba urōngôra Pentekoti.
Umwaka A, B na C (ibisomwa ntibihinduka)
IGISOMWA CA MBERE
Igisomwa ca mbere, bagitora mu bisomwa bine bikurikira :
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 11, 1-9
Aho hantu bahita Babeli, kuko ariho Umukama yayoberanirije ururimi rwabo
Muri ico gihe, abantu bose bavuga ururimi rumwe, bagakoresha amajambo amwe. Ni uko : bariko barimuka bagana i Burasirazuba, babona ikiyaga mu gihugu c’i Shinari : bagereraho. Baraheza barvugana bati : « Ngo tubumbe amatafari, tuyaturire neza. » Bakoresha amatafari ha gukoresha amabuye, na kaburimbi mu kibanza c’ubudongo. Bavugana bati : « Ngo twiyubakire igisagara (suite…)
25 NTWARANTE: UMUSI MUKURU W’ÎBÛRWA RY’UMUKAMA
Mu myaka imwe imwe, birashika uyo musi mukuru ugahurirana n’imisi yo mu ndwi nyeranda. Iyo bigenze gurtyo, baca bawungururiza ku musi wa mbere w’indwi ya kabiri ya Pasika.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 7, 10-14 ; 8, 10c
(Umwigeme azokwibungenga)
Muri irya minsi, Umukama yasubiriye kubwira Akăzi ati : « Saba Umukama Imana yawe akurungikire ikimenyetso kivuye hasi mu kuzimu canke hejuru mu kirere. » Akăzi yishura ati : « Haba namba, sinoshobora kugerageza Umukama. » Niho Izaya yavuga ati : « Tega amatwi, muryango wa Dawudi ! ntimurarambirwa n’ukuruhisha abantu, none mushaka kuruhisha Imana yanje ! Umukama rero we nyene ubwiwe ni we azobihera ikimenyetso : Umwigeme aribungenze azokwibaruka umwana w’umuhungu, amwite Emanueli. » kuko (suite…)