Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Mutima Mweranda' (Page 2)

Archives de Tag: Mutima Mweranda

IDOMINIKA YA 4 Y’UBUSHIKIRO (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 7, 10-14
(Umwigeme azokwibungenga)

Muri irya minsi, Umukama yasubiriye kubwira Akăzi ati : « Saba Umukama Imana yawe akurungikire ikimenyetso kivuye hasi mu kuzimu canke hejuru mu kirere. » Akăzi yishura ati : « Haba namba, sinoshobora kugerageza Umukama. » Niho Izaya yavuga ati : « Tega amatwi, muryango wa Dawudi ! ntimurarambirwa n’ukuruhisha abantu, none mushaka kuruhisha Imana yanje ! Umukama rero we nyene ubwiwe ni we azobihera ikimenyetso : Umwigeme aribungenze azokwibaruka umwana w’umuhungu, amwite Emanueli. »

Izaburi 23 (24), 1-2. 3-4ab. 5-6
Icit : Arakaza Umukama, Umwami w’inganji !

Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose ;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.

Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda ?
Ni umuntu mweranda, w’iminwe idahumanye, (suite…)

UMUSI MUKURU W’UBUTATU BWERANDA (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (8, 22-31)

Ubwitonzi bwamye mu Mukama na kera na rindi

SteTrinitéUmve ingene Ubwitonzi bwivuga amazina:
Umukama yandemye kuva mu matangura,
ata kintu na kimwe kirabaho.
Naremwe kuva kera hose,
ibintu bigitangura, isi itarabaho.
Aho navuka, nta nyenga zari bwabeho,
nta masoko y’amazi yariho.
Navutse imisozi itarashingwa,
udutumba tutaratutuza.
Navutse isi n’imirambi atarabirema,
ata n’udutete tw’ivu turabaho.
Aho yaringaniza ijuru, (suite…)

KU MUSI MUKURU WA PENTIKOTI

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 2, 1-11

(Bose buzura Mutima Mweranda)

PentecôteUmusi wa Pentekoti wasanze abatumwa bose bakoraniye hamwe. Niho hwavyuka intureka iva mw’ijuru imeze nk’umuyaga w’igihuhusi, wuzura inzu barimwo hadaciye n’akanya. Babona haserutse imbeya zimeze nk’indimi z’umuriro, ziricagagura zija guhagarara ku mutwe w’umwe wese mu bari aho. Bose rero buzura Mutima Mweranda, batangura kuvuga izindi ndimi ku rugero Mutima Mweranda abahaye kuzivuga.

I Yeruzalemu na ho, hari hagerereyemwo abantu bubaha Imana, bari bavuye mu ntara zose ziri munsi y’ijuru. Aho bumviye intureka, abantu bose barashwabaduka bumiwe bwumirwe, kuko umwe wese yumva abatumwa bavuga ururimi (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :