Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Papa Benedigito'

Archives de Tag: Papa Benedigito

« Igiti ciza cama ivyamwa vyiza, (…).Igiti kibi naco ntigishobora kwama ivyamwa vyiza ». (Matayo 7, 17-18, Luka 6,43-44)

Pape François (Crédit photo : Franco Origlia/Getty Images)

Pape François (Crédit photo : Franco Origlia/Getty Images)

Umuntu yoshobora kuvuga ko mu «gukinjura » kwa Papa Benedicto wa 16 yamenyesheje umuryango w’Abakristu ku wa 11 Ruhuhuma, yibwira ati kumbure Imana izoba yaronkeje Ekleziya yayo uwundi mwungere imbere y’uguhimbaza amabanga y’icungurwa ryacu muri iyi misi ya Pasika. Rabe ni ko vyagenze, Imana yaraduhaye Umupapa mushasha. Hamwe turirimba duti « tuguhaye mu vyo waduhaye », ubu naho twogira duti « Umukama yatoye mu muryango wacu uwo atugabira nk’Umwungere mwiza nyene » ngo abandanye igikorwa Yezu Kristu yasigaranye abatumwa muri Ekleziya. Ni akanyamuneza ko tugize umuryango uri mw’ivyiza bihimbara Imana, maze tukabiyihereza kugira ngo ice ibitugabira.

BENOÎT XVIAriko rero uwo Mupapa ariko arashimwa muri iyi misi mike amaze muri ubwo butumwa, umengo ntawari kumwitega muri uwo muryango wacu wari ugize imisi uvugwako canke wandikwako ibintu bigoye, vy’agacamutwe mbere, rimwe na rimwe bigatera ubwoba amanyamuryango. Ariko twese tworema, kuko Ekleziya ni Umuryango Mweranda nk’uko twama tubigaragaza mu kwemera. Ni ca giti ciza gitanga ivyamwa vyiza, naho ico kitabuza ko ico giti gikenera gututurwa, kugira ngo kibonereho kwama na ntaryo ivyamwa bihoraho. Muti none aho wakavugiye, ushaka kudushinakana he ? Ntunge mvuge nk’utuntu tubiri canke dutatu.

Papa Fransisko yatowe mu bihe bitoroshe vy’Ekleziya.

Uwobona mvuze uko yohava acika ivutu. Haba namba. Ibihe vyose Ekleziya irimwo vyama bihambaye naho atawovuga ko vyose ari co kimwe. Nkako nyene, kuva aho Imana ishingiye ihema ryayo hagati yacu, (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :