Accueil » Posts tagged 'Salomo'
Archives de Tag: Salomo
IDOMINIKA YA 17 YO MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (3, 5. 7-12)
Warisabiye umutima w’ubwitonzi
Umusi umwe, Salomo yari i Gabaoni, Umukama araheza aramubonekera mu ndoto, ati : « Nsaba ico noguha. » Salomo aramwishura ati : « Mukama, Mana yanje, jewe umusavyi wawe, ni Wewe wanyyimitse, nsubira ku ngoma ya Dawidi, umuvyeyi wanje ; none numva nkiri muto cane, sinzi gutegeka. Raba, umusavyi wawe ari hagati y’igihugu witoreye, igihugu amahanga ata n’umwe yoshobora n’uguharura ngo amenye abantu bari muri co uko bangana. None rero, tabaza umusavyi wawe umutima w’ubwitonzi, kugira ngo ashobore gutandukanya neza akabi n’akeza ; ahandi ho iki gihugu cawe kingana gutyo, ni nde yoshobora kugitwara ? »
Umukama aranezerwa n’ico gisabisho ca Salomo, amwishura ati : « Kubera ko wansavye ivyo, utansavye kuramba canke itunga ryinshi canke kumara abansi bawe, ariko wisabiye ubwenge n’ubwitonzi, jewe ndakugabiye ico wansavye : ndaguhaye umutima w’ubwitonzi ata n’umwe arigera aronka, kandi ata n’umwe azosubira kuronka. »
IZABURI 118 (119), 57. 72. 76-77. 127-128. 129-130
Icit : Ukuntu nkunda amabwirizwa yawe, Mukama !
Uruhara natoye, Mukama,
ni urw’ukugumya amategeko yawe.
Ijambo riva mu kanwa kawe rindutira
Amafeza n’inzahabu ibihumbi.
Ntabara, umpoze n’urukundo rwawe,
nk’uko wabiraganiye umusavyi wawe.
Ngirira imbabazi umpangaze,
kuko amabwirizwa yawe ampimbara.
Nico gituma nkunda amabwirizwa yawe
Kurusha n’inzahabu ityoroye.
Nico gituma ngendera ku mabwirizwa yawe,
nkanka ikinyoma cose.
Amategeko yawe ni akaroruhore,
Nico gituma umutima wanje uyazigama.
Ijambo ryawe riraboneshereza abatobato,
rikabaha ubwenge.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 28-30)
Imana yatugeneye kugira agashusho k’Umwana wayo
Ncuti zanje,
Turazi neza ko Imana ifasha abayikunda, abo yitoreye nk’uko yabitegekanije, ikabagirira ivyiza. Abo yashimye kuva na kera, yarabageneye kuzofata agashusho k’Umwana wayo, kugira ngo uno Mwana abe imfura y’abavukanyi benshi cane. Abo yigeneye, ni bo kandi yatoye ; abo yatoye, ni bo kandi yagize intungane ; abo yagize intungane, ni bo kandi yaninahaje.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (13, 44-52)
igisomwa kigufi : 13, 44-46
Ashora ivyo atunze vyose, ngo yigurire nya murima
Muri irya misi,
Yezu yaciriye iyi migani ishengero ry’abantu, ati : « Ubwami bw’ijuru busa n’itunga ryari rinyegeje mu murima ; hanyuma umugabo araryitorera, ararinyegeza. Aca ajana akanyamuneza kenshi, aja gushora ivyo atunze vyose ngo yigurire nya murima. Kandi Ubwami bw’ijuru busa n’umucuruzi yironderera intabonwa. Asanga intabonwa itari bwaboneke, aja gushora ivyo atunze vyose ngo ayigurire.
Igisomwa kigufi giherera aha
Kandi Ubwami bw’ijuru busa n’urusenga baterera mu kiyaga, hanyuma rugafata ifi z’ubwoko bwinshi. Rumaze kwuzura, abarovyi bakarukwegera ku nkombe, bakicara bagasobanura ifi nzizanziza bakabika, imbimbi na zo bakazita.
Ni uko bizomera ku muhero w’isi ; abamarayika bazoza basobanure ababi n’abeza, ababi batabwe mu nyenga y’umuririro, baharirire kandi baharyanishirize insya z’amenyo. Murumvise ivyo vyose ? » Baramwishura bati : « Turavyumvise. » Asubizayo ati : « Nico gituma umwigisha wese yigishijwe ibiraba Ubwami bw’ijuru ameze nka senaka mu rugo asobanura mw’itunga ryiwe ibintu bishasha n’ivya kera. »
IDOMINIKA Y’8 YO MU MWAKA (A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 49, 14-15
(Jewe sinzokwigera ndaguheba)
Siyoni yahora igira iti : « Umukama yarampevye, Umukama yaranyibagiye. » Mbe, hari umuvyeyi yokwibagira umwana ari ku bibero, hari uwokwanka uwo yibarutse ? N’aho hoboneka uwovyubahuka, jewe siinzokwigera ndaguheba.
Izaburi 61 (62), 2-3. 6-7. 8-9ab
Icit : Niwirukire ku Mana, mushaha wanje !
Umushaha wanje uruhuka ushikiriye Imana Yo nsa,
Ni Yo nyene izonkiza ;
Ni Yo kinja ryanje, ni Yo bukiriro bwanje,
Ni Yo nkinzo yanje, eka ntaco ninona.
Niwirukire ku Mana, mushaha wanje,
Ni Yo nzeyeko urukiza ;
Ni Yo kinja ryanje, ni Yo bukiriro bwanje,
Ni Yo nkinzo yanje, eka ntaco ninona.
Ku Mana ni ho bukiriro bwanje n’ubuninahazwa bwanje,
Ku Mana ni ho mirukiro yanje n’amahungiro yanje.
Niwizere Imana, wa ntara, izere udahengeshanya ;
Uyiganyire ayari ku mutima.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 4, 1-5
(Umukama azogaragaza akari mu mishaha)
Ncuti zanje,
Umuntu wese rero n’atubonemwo abasuku ba Kristu n’abashikiriza b’amabanga y’Imana. Nayo ico barondera ku mushikiriza, ni uko umwe wese yosangwa ari intatirimuka. Kubwanje, ivy’ugucirwa urubanza na mwebwe canke n’intahe y’abantu, ndabinezwe buhoro ; mbere na jewe nyene ntarwo nicîra. Niko, ntaco umutima untonganya, ariko si co kingira intungane ; uwuncira urubanza ni Umukama. Ni uko rero, nimureke guca urubanza na rumwe hataragera, igihe Umukama ataraza ; ni We azoboneshereza ivyanyegejwe mu mwijima, kandi azogaragaza akari mu mishaha. Niho rero umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Ijambo ry’Imana ni rizima, ryuzuye ububasha,
Rirasobanura ivyiyumviro n’ivyipfuzo biri mu mitima.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 6, 24-34
(Ntimwitwararike ivy’ejo)
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :«Ntawushobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe uwundi na we akamunebagura. Niho rero mutoshobora gukorera Imana n’ifaranga.
Nico gituma ndababwira nti : Nimureke guhagarikwa umutima n’indya zo kubatunga n’impuzu z’ukwambika umubiri wanyu. None, amagara ntasumba imfungurwa, umubiri na wo ugasumba ivyambarwa ? Rabe inyoni zo mu kirere : ntizibiba, ntizimbura, ntizica ibigega ; ariko So wanyu wo mw’ijuru arazigaburira ! None ntimuziruta na kure ? Aho nyene, ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongerako irindi tambwe ryo kuramba ngo n’uko bimuhagaritse umutima?
Na vyo ivyambarwa, bibahagarikira umutima iki ? Itegereze ukuntu amashurwe yo mw’ishamba akura : ntarima kandi nta mpuzu ajisha ; ariko ndababwiye ko na Salomo, nanzi ngo yari akatabonetse, atigeze yambara nka rimwe muri ayo mashurwe. Ko Imana irinda yambika ivyatsi vyo mw’ishamba vyirirwa uyu munsi ejo bigacanwa, mwebwe yobura kubagirira ibisumba ? Emwe mwa bantu mwemera buhoro !
Nimureke rero gusimbwa n’umutima mugira muti : Mbega tuza kurya iki ? Tuza kunywa iki ? Tuza kwambara iki ? Abapagani ni bo bakurikirana mwen’ivyo ; ariko So wanyu wo mw’ijuru arazi ko mukeneye ivyo vyose. Nimutangure rero murondere Ubwami bw’Imana n’ubutungane bwayo, na vyo ibindi izobibagerekerako. Ntimwitwararike ivy’ejo : ejo hazokwimenya. Umunsi wose ugorwa n’ivyawo. »