Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Simoni'

Archives de Tag: Simoni

IDOMINIKA YA 14 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (2, 2-5)

Umuhanuzi hagati y’ahagarariji

Umusi umwe, umutima waranyinjiyemwo, untuma mpaguruka, ndaheza numva Umukama ariko aranyagira, ambwira ati : « Mwana w’umuntu, ndakurungitse mu Banyisrayeli, muri kirya gihugu c’abagome bangararije. Bo na ba sekuru barancumuyeko gushika n’uyu musi. Ba bana b’ibigaba bakaba n’abantu b’intagondwa, ni bo ngutumyeko ngo ubabarire uti : ‘Ng’iri iryo Umukama Imana avumereye…’ Bakumvira canke batakumvira, kuko ari ubwoko bw’abagarariji, bazoheza bamenye ko hari umuhanuzi hagati muri bo. »

IZABURI 122 (123) 1-2a, 2bcd, 3-4

Icit. : Tweza a maso ku Mukama,
         gushika azotugirire ikigongwe.

Ndakweza amaso,
Wewe uvyagiye mw’ijuru ; (suite…)

Ku wa 28 Gitugutu: Umusi mukuru wa Simoni na Yuda, Abatumwa.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (2, 19-21)

Ncuti zanje, ntimukiri ba kavantara canke abatsi b’indaro, ahubwo mucuditse n’aberanda, mugize umuryango w’Imana,  kuko mwubatswe ku mushinge ugizwe n’abatumwa n’abahanuzi, Kristu Yezu akaba ibuye ry’imfuruka.  Muri we, ni ho inyubakwa yose iteranira kandi igakuka, ikaba isengero nyeranda mu Mukama. Muri we, namwe murubakwa mwese ngo mucike Ingoro y’Imana muri Mutima

IZABULI 18, 2-5

Icit: Ubuninahazwa bw’Umukama bukwiye kw’isi yose

Ijuru rirayaga ubuninahazwa bw’Imana,
ikirere na co kikamenyesha igikorwa c’ibiganza vyiwe.
Umusi ubiyagira uwundi musi,
ijoro rikabimenyesha irindi joro.

Si imvugo, si n’amajambo
ijwi ryavyo ntiryumvikana,
ariko inyigisho yavyo yasamiranye kw’isi yose,
amajambo yavyo ashika ku mpera y’isi

INKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko twayishikirijwe na Luka (6, 12-19)

st-simon-and-judeMuri iyo misi, Yezu yagiye gusengera ku gasozi, araheza amara ijoro ryose asenga Imana.  Bukeye, ahamagara abigishwa biwe, araheza abatoramwo icumi na babiri, abita abatumwa.  Na bo ni aba: Simoni yataziriye Petero, Andreya mwenewabo, Yakobo na Yohani, Filipo na Barutolomeyo, 15 Matayo na Toma, Yakobo mwene Alufayo, Simoni yitwa Munyabwira,  Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikariyoti yahavuye aba umuhemu.

Amaze kumanukana na bo, Yezu ahagarara ahantu hakirurutse. Hari ishengero ry’abigishwa biwe n’abantu benshi bava mu Buyuda bwose, i Yeruzalemu n’i Tiri na Sidoni ku nkengera z’ikiyaga,  bari baje bashaka kumwumviriza no gukizwa indwara zabo, kandi n’abarembejwe n’amashinga barakira. Ishengero ryose ryaguma rirondera kumukorako, kuko ububasha bwarasohoka buva muri we bukabakiza bose

29 RUHESHI UMUSI MUKURU W’ABATUMWA PETERO NA PAULO BERANDA

Ku mugoroba urongora uwo musi mukuru

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 3, 1-10

Ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu, va hasi utambuke

Umusi umwe, Petero na Yohani baraduze mw’isengero mu gihe c’ugusenga kw’isaha y’icenda. Ikimuga cavutse gicumbagira bari bazanye ku muryango w’isengero witwa “Mwiza” nk’uko bahora babigira kugira ngo gisege abinjira, kibonye Petero na Yohani binjiye mw’isengero, kirabatega iminwe ngo barabe ico bogitabaza.
Petero na Yohani bati : “N’utwihweze!”
We rero yabahanga amaso ategereje ico bomuha.
Petero yongera kumubarira ati : “Nta nzahabu n’ifeza mfise, ariko ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu Kristu w’i Nazareti, va hasi utambuke.” Amufashe ukuboko kw’iburyo, aramuhagurutsa ; buno nyene imitsi n’ibirenge vya nya kimuga bica birakomera biba inaga. Atangura n’ukugenda, atambuka neza mbere barinjirana mw’isengero, agenda aratamba (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :