Accueil » Posts tagged 'Siyoni'
Archives de Tag: Siyoni
IDOMINIKA YA 14 YO MU MWAKA A
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (9, 9-10)
Ng’uyo umwami wawe araje iwawe, aje yicishije bugufi
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Tamba utarike, mwigeme wa Siyoni !
Nezerwa uhimbarwe, mwigeme w’I Yeruzalemu !
Ng’uyo umwami wawe araje,
Ni intungane kandi ni intwari,
aje yicishije bugufi agendera ku ndogobwe,
ku ndogobwe ikiri ntoyi
Azokura ibitwazi vyo muri Efraimi,
be n’amafarasi yo muri Yeruzalemu ;
azovunagura umuheto w’indwano,
azokwiza amahoro mu makungu.
Inganji yiwe izova ku kiyaga ishike ku kindi,
Izoshemezwa kuva ku Ruzi gushika ku mpera y’isi.
IZABURI 144 (145), 1-2. 8-9. 10-11. 13cd-14
Icit : Nzohezagira izina ryawe imisi yose,
Mwami wanje, Mana mfise.
Canke : Alleluya.
Hinge nkuninahaze, Mwami wanje, Mana mfise,
Mpezagire izina ryawe imisi yose ntahengeshanya.
Eka nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.
Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, akomeza urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
Agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire !
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
Nibigâne hose ubutwari bwawe !
Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
araramira abashaka kugwa bose,
akagorora abagoramye bose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 9. 11-13)
Mutima wa Kristu ari muri twebwe, kandi azotuzura
Ncuti zanje,
Mweho, ntimukigenzwa n’umubiri, ariko mugenzwa na Mutima, kuko Mutima w’Imana abavyagiyemwo.
Umuntu atagira Mutima wa Kristu, si uw’Imana. Vyongeye, Mutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye, niyaba yarabagerereyemwo, Uwazuye Kristu mu bapfuye azoha ubuzima imibiri yanyu yiziziwe n’urupfu, mu kubagabira Mutima wiwe avyagiye muri mwebwe.
None rero, benewacu, umweranda dufise ntitumufitiye kamere y’umuntu idutegereza kwigenza nk’uko ibishaka. Nimwaba mwigenza nk’uko iyo kamere ibishaka, muzopfa ; ariko Mutima mwaronse niyaba abafasha kwiyonkora ibikorwa vy”umubiri, muzoramba.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Alleluya, alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (11, 25-30)
Ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati : « Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Niko, Dawe, kuko ariko wabishatse.
Dawe yarampaye ibintu vyose, kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi ntawumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.
Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo ndabigisha, kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima ; niho muzoronka akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna. »
IDOMINIKA Y’8 YO MU MWAKA (A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 49, 14-15
(Jewe sinzokwigera ndaguheba)
Siyoni yahora igira iti : « Umukama yarampevye, Umukama yaranyibagiye. » Mbe, hari umuvyeyi yokwibagira umwana ari ku bibero, hari uwokwanka uwo yibarutse ? N’aho hoboneka uwovyubahuka, jewe siinzokwigera ndaguheba.
Izaburi 61 (62), 2-3. 6-7. 8-9ab
Icit : Niwirukire ku Mana, mushaha wanje !
Umushaha wanje uruhuka ushikiriye Imana Yo nsa,
Ni Yo nyene izonkiza ;
Ni Yo kinja ryanje, ni Yo bukiriro bwanje,
Ni Yo nkinzo yanje, eka ntaco ninona.
Niwirukire ku Mana, mushaha wanje,
Ni Yo nzeyeko urukiza ;
Ni Yo kinja ryanje, ni Yo bukiriro bwanje,
Ni Yo nkinzo yanje, eka ntaco ninona.
Ku Mana ni ho bukiriro bwanje n’ubuninahazwa bwanje,
Ku Mana ni ho mirukiro yanje n’amahungiro yanje.
Niwizere Imana, wa ntara, izere udahengeshanya ;
Uyiganyire ayari ku mutima.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 4, 1-5
(Umukama azogaragaza akari mu mishaha)
Ncuti zanje,
Umuntu wese rero n’atubonemwo abasuku ba Kristu n’abashikiriza b’amabanga y’Imana. Nayo ico barondera ku mushikiriza, ni uko umwe wese yosangwa ari intatirimuka. Kubwanje, ivy’ugucirwa urubanza na mwebwe canke n’intahe y’abantu, ndabinezwe buhoro ; mbere na jewe nyene ntarwo nicîra. Niko, ntaco umutima untonganya, ariko si co kingira intungane ; uwuncira urubanza ni Umukama. Ni uko rero, nimureke guca urubanza na rumwe hataragera, igihe Umukama ataraza ; ni We azoboneshereza ivyanyegejwe mu mwijima, kandi azogaragaza akari mu mishaha. Niho rero umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Ijambo ry’Imana ni rizima, ryuzuye ububasha,
Rirasobanura ivyiyumviro n’ivyipfuzo biri mu mitima.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 6, 24-34
(Ntimwitwararike ivy’ejo)
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :«Ntawushobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe uwundi na we akamunebagura. Niho rero mutoshobora gukorera Imana n’ifaranga.
Nico gituma ndababwira nti : Nimureke guhagarikwa umutima n’indya zo kubatunga n’impuzu z’ukwambika umubiri wanyu. None, amagara ntasumba imfungurwa, umubiri na wo ugasumba ivyambarwa ? Rabe inyoni zo mu kirere : ntizibiba, ntizimbura, ntizica ibigega ; ariko So wanyu wo mw’ijuru arazigaburira ! None ntimuziruta na kure ? Aho nyene, ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongerako irindi tambwe ryo kuramba ngo n’uko bimuhagaritse umutima?
Na vyo ivyambarwa, bibahagarikira umutima iki ? Itegereze ukuntu amashurwe yo mw’ishamba akura : ntarima kandi nta mpuzu ajisha ; ariko ndababwiye ko na Salomo, nanzi ngo yari akatabonetse, atigeze yambara nka rimwe muri ayo mashurwe. Ko Imana irinda yambika ivyatsi vyo mw’ishamba vyirirwa uyu munsi ejo bigacanwa, mwebwe yobura kubagirira ibisumba ? Emwe mwa bantu mwemera buhoro !
Nimureke rero gusimbwa n’umutima mugira muti : Mbega tuza kurya iki ? Tuza kunywa iki ? Tuza kwambara iki ? Abapagani ni bo bakurikirana mwen’ivyo ; ariko So wanyu wo mw’ijuru arazi ko mukeneye ivyo vyose. Nimutangure rero murondere Ubwami bw’Imana n’ubutungane bwayo, na vyo ibindi izobibagerekerako. Ntimwitwararike ivy’ejo : ejo hazokwimenya. Umunsi wose ugorwa n’ivyawo. »