Accueil » Posts tagged 'ubukuru'
Archives de Tag: ubukuru
« Uwushaka kuba uwa mbere nabe uw’inyuma ya bose n’umusuku wa bose »
Bavukanyi, kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 23 Nyakanga 2018, duhimbaza Idominika ya 25 yo mu mwaka B. Mu gihe hari abatari bake bama barondera kugirira inabi ababahanura, abandi na bo bakagiriranira inzankano, intambara n’indyane, uyu musi ikibazo kitujeko kiti: « Muri mwebwe, intambara n’imitongano biva hehe?» None, twishure ngw’iki? Mbaye nk’Umutumwa Yakobo, ubwo, ntibiva ku ngeso mbi zacu zirwanira mu mitima yacu?
Bavukanyi, muri iki gihe turimwo, benshi baraganzwa n’ishari n’amahane, gushika n’aho hari n’abazimanganya ubuzima bw’intungane bazihora ngo zirabasesera ubufu mu kudoma urutoke ku bikorwa vyabo bibi, kandi bamwe bakabigira mu bwiyorobetsi ntangere, kugira ngo bakingire izina ryabo ry’ubukristu. Uyu musi Umukama ahagurukije Umutumwa Yakobo ngo adukurire inzira ku gishitsi ko tudashobora dusabana umutima nk’uwo ngo tube twogira ico tugabana, kuko dusaba ngo twimerererwe neza gusa, tukirengagiza amabi dukorera bene wacu.
Uyu musi, ijambo ry’Imana riduhamagarira kubiba riho imbuto z’ubutungane, (suite…)