Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Ubwami bw’ijuru'

Archives de Tag: Ubwami bw’ijuru

IDOMINIKA YA 16 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (12, 13. 16-19)

Abacumuye urabaha uburyo bwo kwisubirako

Nta yindi Mana atari Wewe yitwararika abintu vyose, kugira ngo werekane ko udaca urwa ngondagonde. Ubutungane bwawe bushimikiye ku bubasha bwawe, kandi ntutwaza umukazo kuko vyose ari ivyawe. Abanse kwemera ubukuru bwawe, urabumvisha ububasha bwawe ; ababuzi na bo iyo bimonogoje, urabatetereza. Ariko, kuko atawokunanira, ubacira uruciye ku ngingo, kandi udutwara utwengenga ; kuko upfa kubishaka, ububasha bwawe bugaca bwibonekeza. Mu kugenza utyo, washatse kwereka igihugu cawe ko umuntu w’intungane ategerezwa kwigenza runtu, atuma abana bawe bizera ko, n’aho bazoba bagucumuyeko, uzobaha uburyo bwo kwisubirako.

IZABURI 85 (86) 5-6. 9-10, 15-16a
Icit : Uri mwiza, Mukama, uri Umunyakigongwe.

Weho, Mukama, uri mwiza, uri Umunyakigongwe, (suite…)

IDOMINIKA YA 25 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 6-9)

Ivyiyumviro vyanje si vyo rwanyu

Rondera Umukama igihe agishaka kuboneka,
mwambaze igihe akiri hafi.
Umubisha n’ahebe amayira yiwe,
umunyakabi n’ahindure ivyiyumviro vyiwe.
N’agaruke ku Mukama, na We azoheza amugirire ikigongwe ;
n’agaruke ku Mana yacu, na Yo iri n’imbabazi nyinshi.
Umukama yavuze ati :
« Ivyiyumviro vyanje ntibisa n’ivyanyu,
amayira yanje si yo yanyu.
Nk’uko ijuru rirengeye isi,
Niko amayira yanje arengeye ayanyu,
Ivyiyumviro vyanje bigasumba ivyanyu. »

IZABURI 144 (145), 2-3. 8-9. 17-18

Icit : Umukama yama hafi y’abamusaba

Nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa ;
Cane cane Umukama ni mukuru, arabikwiye,
ubukuru bwiwe ntibugira ingero.

Umukama ni Nyenimpuhwe n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Umukama aratunganye mu vyivyumviro vyiwe vyose,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
ntiyimira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi (1, 20c-24. 27a)

Ubuzima bwanje ni Kristu

Ncuti zanje,
N’aho noba ndi muzima canke n’aho noba napfuye, Kristu azokwama aninahazwa mu mubiri wanje. Kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu, n’ugupfa kwombera akunguko. Ariko, ubuzima bwanje hano kw’isi bumpa uburyo bwo kugira ibikorwa vy’akamaro, none sinzi ico notora. Muri ivyo bibiri, numva mburaniwe : mu gihe kimwe nipfuza gutaha ngo mbane na Kristu, kuko ari ho vyoba vyo gusumba ; mu kindi gihe, nkabona ko kuguma hano kw’isi ari co cihutirwa kubera mwebwe. Mweho, nimwigenze nk’uko bibereye Inkuru Nziza ya Kristu.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Utwugururire umutima, Mukama,
dushobore kwumviriza amajambo y’Umwana wawe.
 

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (20, 1-16a)

None, undaba ribi kuko ngize neza ?

Muri irya misi,
Yezu yaciriye abigishwa biwe uyu mugani ati : « Ubwami bw’ijuru busa na nyenurugo yazindutse umutwenzi kurondera abamukorera mu murima w’imizabibu ; bemeranya idenariyo rimwe ku musi, aca abarungika m mizabibu yiwe. Ngo ahengere nko kw’isaha ya gatatu, akubitira kw’irembo, abona abandi bicaye ku nama ataco bakora ; araheza ababwira ati : ‘Namwe nimugende mu mizabibu yanje, ndabahemba impembo ibakwiye.’ Na bo baca barajayo. Ngo ahengere nko kw’isaha ya gatandatu no kw’isaha y’icenda, asubira gukubitira kw’irembo, agira nka kumwe kwa kare. Ngo ahengere nko kw’isaha y’icumi na rimwe, asubira kw’irembo, ahasanga abandi bibereye aho. Araheza ababwira ati : ‘Ni kuki mwiriwe muhagaze ataco mukora ?’ Bamwishura bati : ‘Ni uko twabuze uwutujana kumukorera.’ Na we ababwira ati : ‘Nimugende na mwebwe mu mizabibu yanje.

Bugorovye, nyenimizabibu abwira umubwiriza wiwe ati : ‘Gotora abakozi ubagerere, utangurire ku baherutse, uhereze ku baje ubwa mbere.’ Abo kw’isaha y’icumi na rimwe baje, umwe umwe bamuhereza idenariyo. Bamwe b’ubwa mbere na bo, bagira ngo baza kubarusha ; ariko na bo nyene, umwe umwe aronka idenariyo rimwe. Baryakira batonganya senaka bati : ‘Abo baje ubwa nyuma, ubagereranije natwe twishwe n’izuba, n’intuguta na bo bakoze isaha imwe !’ Na we rero abwira umwe muri bo ati : ‘Mbega, mugenzi, nakurenganije nte ? Ntitwari twemeranije idenariyo rimwe ? Fata rero ivyawe, ugende. Ni je nashatse kugerera uwaje ubwa nyuma nk’uko nakugereye nawe ; none hari ikimbuza kugenza ivyanje nk’uko ndabishaka ? Uheze undabe ribi kuko ngize neza ?’

Uko ni ko abanyuma bazoba abambere, abambere na bo bakaba abanyuma. »

IDOMINIKA YA 18 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 1-3)

Nimuze mwegere isôko

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Mwebwe mwese munyotewe, nimuze mwegere isôko,
n’aho mutoba mufise amafaranga nimuze.
Gura ingano, mwihereze umuvinyu n’amata,
n’aho ata mafaranga mugira.
Mbe ni kuki mutagaguza amahera mu bintu bitari ibifungurwa,
umushahara wanyu ugaherera mu bitabahaza ?
Ntege amatwi, muzoheza murye ibiryoshe,
muzonezerezwa n’ibisosa.
Ntege abiri, muze iwanje,
nyumvirize, niho umutima wanyu uzokira.
Nzosezerana namwe isezerano ryamaho,
rishimikiye ku ngabirano zemerewe Dawidi.

IZABURI 144 (145), 8-9. 15-16. 17-18

Icit : Uragaranzura ibiganza, Mukama, tugahaga twese.

Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akomeza urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Bose bakweza amaso, barakwizigira,
kandi ukabafungurira, aho basonzeye hose ;
uragaranzura ibiganza,
ukamara inzara ibiri n’ubuzima vyose.

Umukama aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose,
ni Urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
ntakumira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 35. 37-39)

Nta kiremwa na kimwe kizoshobora kudukura
Ku rukundo rw’Imana ruri muri Kristu

Ncuti zanje,
Ni nde azodukura ku rukundo rwa Kristu ? Mbe, ni amarushwa canke ni amaganya, ni uruhamo canke ni inzara, ni ukubura ico twambara canke ni amakuba canke ni inkota ? Eka muri ivyo vyose, ntacotubuza gutsinda kubera Uwadukunze.

Egome, ndavyemeye ntakekereza : nta rupfu, nta buzima, nta n’abamarayika canke intwaramiheto zo mw’ijuru, nta n’ibiriho canke ibizoza, nta n’ibifise ububasha canke ibiri mu kirere canke ibiri mu kuzimu, nta n’ikiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rw’Imana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu Umukama wacu.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
ariko aratungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (14, 13-21)

Bose bararya barahaga

Muri irya misi,
Yezu yumvise ko bishe Yohani Batista, aja mu bwato yigira ahantu hiherereye, mu gahinga ka nyaganande ; abantu baba mu bisagara vyegereye ako gahinga ngo bavyumve, bamusangayo. Avuye mu bwato abona ishengero ryinshi cane, bimutera ikigongwe, aca akiza abarwaye babo.

Abigishwa babonye buriko burira, begera Yezu baramubarira bati : « Aha hantu ni mu gahinga kandi burije ; rungika abo bantu baje mu mihana kugura ivyokurya. » Yezu yamara abishura ati : « Ntakibajana, namwe nimubahe ivyo barya. » Na bo bati : « Nta kintu dufise ngaha, ndetse imikate itanu n’ifi zibiri. » Ababwira ati : « Binzanire. »

Ahejeje kubwira ishengero ngo ryicare hasi, yakira ya mikate na za fi zibiri, arangamiye hejuru arabihezagira ; hanyuma amanyura imikate, ayihereza abigishwa biwe, na bo bayihereza ishengero. Bose bararya, barahaga ; begeranije ivyo basigaje, buzuza ibisimbo cumi na bibiri. Igitigiri rero c’abantu bari bariye cari ibihumbi bitanu vy’abagabo, havuyemwo abagore n’abana.

%d blogueurs aiment cette page :