Accueil » Posts tagged 'Ubwami bw’Imana'
Archives de Tag: Ubwami bw’Imana
Idominika ya 11 yo mu mwaka B.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (17, 22-24)
Agati kateretswe n’Imana
Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana : Jewe nzohanyura agashami mu bushorishori bw’isederi, hanyuma ndakiterere jewe nyene ku musozi muremure cane. Ego cane, ku musozi muremure wa Israyeli ni ho nzogatera ; na ko kazoshamika, kame imbuto. Kabe igiti c’isederi ry’akaroruhore, Inyoni n’ibisiga vyose vy’amoko yose bizocarikamwo, mu gitutu c’amashami yaco ni ho bizoruhukira. Maze, ibiti vyose vyo mw’ishamba bizomenya yuko ari jewe Umukama : ndasenyura igiti kirekire, nkavyura icatembagaye : ni je nūmîsha igiti gitotahaye, ngatotahaza icagadutse. Jewe Umukama nararivuze kandi nzorirangura.
IZABURI 91 (92) 2-3, 13-14, 15-16
Icit. : Birabereye, Mukama,
ko twokuririmbira.
Birabereye gukengurukira Umukama, (suite…)
UMWIHERERO W’ABIHEBEY’IMANA BABA I ROMA : IKAREMA 2014(15 mars).
Abasaserdoti, Abihay’Imana, Abaseminari b’Abarundi baba i Roma barahwanye mu mapfungo y’ukwitegurira Pasika y’2014. Uwo mwiherero wagirishijwe na Patiri Pasifiko NTAHONICAYE, avuka muri Diyoseze ya Muyinga, akaba yiga muri Université Pontificale Grégorienne. Abo Barundi bwahwaniye muri Institut Pontificale de Spiritualité (Teresianum) i Roma, isanzwe itunganywa n’Abapatiri b’Abalarmelite. Muri make, ng’iyi inyigisho yashikirije abari aho.
IJAMBO NSHIMIKIRO: “Umusi washitse kandi ubwami bw’Imana buri hafi igarure kandi wemere Inkuru Nziza”.(Mariko 1,15).
I.Ikarema ni iki?
– Ni igihe kitwibutsa imyaka 40 igihugu c’Israeli camaze mu bugaragwa kiri mu rugendo kigana igihugu c’isezerano. Bamaze ico gihe bitegurira kuba igihugu c’Imana, igihe kitaboroheye kuko baguma bahemuka kw’isezerano ry’Imana.
-Kitwibutsa kandi imisi 40 umuhanuzi Elia yamaze kugira ashikire umusozi w’Umukama;Horeb.
-Kiratwibutsa kandi imisi 40 Yezu Kristu yamaze mu bugaragwa yitegurira gutangura icese ubutumwa bwiwe maze akageragezwana shetani.
Ubugaragwa: ni ikibanza c’agacerere, c’ubukene, nta bintu bihari bishobora gufasha umuntu, nta mazi nta ndya, nta binyobwa, nta buraro, ni mu gahinga ka nyaga na nde, ni ikibanza umuntu ashobora gupfiramwo, umuntu ari wenyene(Lc4,1-13).
Mu kirundi tuvuze ngo naka yarahindutse turabitegera: Bivanye n’ingene tuba tumuzi tuzi n’ubuzima bwiwe bw’akahise kiwe turameya ico tuvuze: tumuheruka yari umuntu mwiza(ku mutima canke ku mubiri)aba yabaye mubi canke yari mubi yabaye mwiza: mu kurundi novugako guhinduka ari kuba uwundi atandukanye n’uwo wahora uri. Aha tuvuze guhinduka ni guheba inabi tugakora ineza.
Muri iki gihe c’ikarema duhamagariwe kwikebuka turabe iyo tuvuye aho turi n’iyo tuja duheze tugire inama twigiriye.
Kuva na kera Imana yamye ihamagarira umuntu guhinduka haba mu bwuzure bwa kera canke bushasha. Kubera iki ? kuko guhinduka bishikana ku buzima n’ubuhirwe kwanka guhinduka nakwo kuguma mu nabi bishikana ku rupfu n’amagorwa.
Utur: -Dt 30,15-20: Raba uno musi nshize imbere yawe ubuzima n’iciza,urupfu n’ikibi, ico ngutegetse uyu musi nigukunda Imana yawe , guca mu nzira zayo, kurangura amabwiriza yayo. Gurtyo uzobaho imana iguhezagire. Utaranguye amabwirizwa yayo ni wasenga izindi mana ukazikorera ndabikubwiye uyu umusi icese , izuba riva uzopfa.
-Ez 18,30-32: ni muhinduke kugirango mubeho, ni mugaruke muhebe ibibi ntimuhave muhona, mutikira muryango wa Israeli. Imana iti: “sinezerwa n’urupfu rw’umucumuzi. Imana iraba ibikorwa umwemwe wese yakoze.
-Mt 18,1-4: Umukuru mu Bwami Bw’ijuru ni nde? Yezu ati: mudahindutse ngo mumere nk’akana gato ntimuzokwinjira mu bwami bw’ijuru. Kubera iki? Umwana nta kabi kiwe, araziko ataco yokwimarira avuye ku muvyeyi, abayeho kubera abavyeyi ni inda nsa, abana ni aberanda ego ni ego oya ni oya iciza ni iciza ntavyo guta umwanya yibaza vyinshi(ehe raba umupadiri umwe yabwiye akana gatoya kagakobwa ati nagira nkubwire ko ngukunda cane amwongorera aca amubaza ati uravyemeye nawe ati: pati ndavyemeye nyene mbere najewe nagira nkubwireko ndagukunda cane, aca aza kubwira ayo majambo umwigeme akuze w’inkumi nawe aca arasimba abanza kumubaza ngo amusigurire neza kuki none yiyumviriye iki? Aragwaye!).
-Lc 13,1-5: Ndabibabwiye mudahindutse muzohona mwese. Abo banyagarire mugira ngo bari bacumuye kuruta abandi?
Twihweze uturore 2 tw’abahindutse kubera bemeye kwakira ijambo ry’Imana,kwakira Y-K.
a)Ac 8,25-39 Ihinduka ry’umukuru yakorera umwamikaze wa Ethiopiya (yari ashinzwe itunga ryiwe ryose). Yari avuye gusenga yaremera ariko hariho aho atari bwashike, hariho inyota yagumana, ivyo asoma ntanabitegera arakeneye uwumusigurira. Araheza yinginga Filipo, ari n’inyota(kwinginga, guhoboba,gutakambira,kugobera). Amaze gusigurirwa yarahimbawe aremera mbere aca abwira Firipo ati: none ko tubonye amazi icombuza kubatizwa ni ik? Ahejeje kubatizwa ngo yaciye ashishishikara urugendo yuzuye urweze.
Tumenyeko yari umuntu ahambaye yaba aho basenga ibimana mu nyuma yumvisekohari Imana imwe abanyisraeli basenga i Yeluzalemu yihereje akayira aja muri ico gisagara gusenga iyo Mana. Yafashe ingingo agenda ari umwe, kubera iyo nyota, kurondera akarusho, akarusho Imana zomuri Etiyopiya zitigeze zimuha kandi yarabonyeko zidashoye kumushikira ku nyota yiwe. Yari avuye gusenga n’amabwirizwa yari ayazi ariko ntiyari bwamenye Yezu kristu. Asomye Is 53 ntategereye ariko Umukama amurungikiye Filipo ngo amusigurire. Amenye Yezu aciye yemere, arabatizwa arahinduka. Umupagani-umuyahudi-umukristu. Yinjiye mu buzima bushasha, avutse ubwa kabiri, yarazi A.T amenye N.T.
b)Ac 9,1-17: Uguhinduka kwa Sauli.
Turaziko Sauli yemera Imana ariko nawe nyene yari akiri kure ya Yezu yari umuyahudi zelé, i Damas nta kindi cari kimujanye yaragiye guhama no gutoteza abakristu, we n’abo bari kumwe yabonako ko ari akarwi k’abantu batanguje akadini bitwa abakristu b’abagumutsi muri ico gisagara ca Siriya(mu guhama abakristu mbere we yibazo anezera Imana ariko arayirwanira) mw’idini yarimwo yariyumva yava no mu muryango wubashwe wa Benyamini. Ari mu nzira irora i Damas Umukama yaramubonekeye. V.4 Sauli, Sauli umpamira iki ? V.5 Arishura ati: uri nde ga Mukama? Umukama ati: ndi Yezu uriko urahama. Sauli ati: none nkore iki? Umukama ati: Genda i Damas bazokubwira ivyo uzokora. Yamaze imisi itatu mu nzu ahumye (umwanya wo guhinduka). Ananania niwe Imana yamurungikiye, maze aragenda ,ashitse mu nzu agaranzurira ibiganza kuri Sauli avuga ati: “Sauli mwenewacu , Umukama Yezu umwe yakubonekera mu nzira aho waza , yandungitse ngo ubone kandi uhabwe Mutima Mweranda”. Buno nyene homoroka utuntu ku maso yiwe aca arabona. Ava hasi arabatizwa amaze kurya aca arakomera. Sauli amaze gukira ubuhumyi aciye ahinduka, aca arabatizwa. Ahindutse kuko yajijutseko Yezu ariwe mukiza, ubuzima bwiwe bubaye ubundi. Dusomye amajambo yiwe mu makete yiwe mu nyigisho ziwe zakurikiye turabonako yabaye uwundi vy’ukuri. Niwe ashinga intahe ati: Ivyo nahora mbonamwo akunguko ubu ndabibona nk’umucafu, nk’umwavu, umwaku, ivyamunezera akiri kure ya Yezu agihumye atarahumuka amaze kubona, gukanura ubu abona ko ivyo yabonamwo akunguko vyari umwanda nkuwo. Niwe abandanya ashinga intahe ati: “Iri jambo ni iryo kwemera kandi rirakwiye kwakirwa ata nkomanzi : Kristu yezu yazanywe kw’isi n’ugukiza abanyabicumuro, nkaba uwa mbere muri bo”( 1Tm1,15). Amaze kubatizwa no gukizwa muri M-Mwer. yaciye aba umutumwa w’Umukama.
-Tweho gute?(tumurikiwe n’ubwo burorero 2) Mbega wewe,( jewe )ivyo usoma urabitegera? Urarondera kubitegera nk’urya mukuru yakorera umwamikazi wa Ethiopiya? Ubitegereye uravyemera? Uvyemeye urabishira mu ngiro? Ko yafashe ingingo akava mu bandi aja kurondera Imana yo soko ry’ubuhirwe wewe urafata ingingo yokuva mu bandi ubwo ntugira nk’abandi? bavyita kwishinga agakuku. Nka Sauli ubwo weho nta buhumyi woba ufise? Twese twemera ko tubona. Erega ntawutabona n’impumyi irabona(ak. Impumyi z’i Gitega zivuga ngo urabona frati…aba ariko arakwereka wibaza ngo urabona iragusumya kubona!) ariko ibona iki? Ivyo ibona bigarukira he?
Bibiriya iratwereka uwakiriye ijambo ry’Imanarikamushika rikamunyura: yemerako Y-K ari ukuri , akarondera kumumenya, amumenye bakanywana, akamubera umuco n’icirore yirabamwo gurtyo akabona ubwambure bwiwe, akabugaya, akinegura, akicuza avuga ati: ibi ni jewe nyene nabikoze? Vyamariye iki? Vyanshikanye hehe? Agaheza agafata ingingo yo kwisubirako. Akishira mu minwe y’Imana akayubaha: ni kwo guhinduka, kugaruka ku Mana n’umutima wacu wose, tukakira ikigongwe c’Imana n’ubuzima bw’ubuhirwe buhoraho, budahera.
III.Guhinduka bidushikana hehe?
Twaremewe ubuhirwe,kubera iki nemera inkuru nziza? Ntayemeye mba iki? Mpomba iki? Umuntu aba umuntu nyawe iyo yubaha Imana agakunda abantu n’Imana; ngaho ahahagaze ubugabo bw’umuntu. Mpora mbona canke numva abantu bavugako baranyaye ariko utemera Imana unyara gushitsa hehe? Imana niyo inyaye, ufashijwe nayo nawe ubu umuntu anyaye. Abo tuzi bavuga ngo barakakaye kuri ino si batubaha Imana n’abantu ariko hageze kuyivako bagiye nk’utunyegeri bangana iki? Murabazi no kurupfu rwabo baruswe na nyumba kumi( Sadam, Mubutu, Kadafi, Osama,…).Cfr aussi A.T et N.T. Nyenubweranda papa Fransisko ni we atubwira ati “ ubukene bukomeye dufise ni kutamenya Y-K.”
Ntahandi atari mu bunywanyi bw’Imana n’abantu dushobora gukura ubuhirwe, ubutunzi n’umutekano umutima ukeneye. Ogustino mweranda niwe avuga muri ca gitabo ciwe les confessions: « Tu m’as créé pour toi Sgr et mon âme est sans repos, sans paix tant qu’il ne repose pas en toi ».
IV.Ibimenyetso vy’uwahindutse ni ibihe ?
Umuntu yahindutse yuzura amahoro y’Imana n’abantu kuko yaba Imana irahezagira baba abantu bagahezagira. Wa muzo w’umukama ntumutera ubwoba kuko agira ati : n’ubu Imana ni ize twigire canke ico si ikibazo kuza no kutaza ni hamwe kuko n’ubu buzima abubamwo nk’imponjo n’i- mburi y’ubukurikira ubw’aha kw’isi . Utari mu bunywanyi n’Imana ugumana ubwoba uvuga uti ni abe aratenyenya…aho rero naho uvuga ukwo usanga ataco uriko urakora co guhinduka. Uwahindutse agira ubuzima bushasha n’abandi bakabibona. Yamana inyota y’igisabisho, agira inguvu mukurwanya ikibi, aranezerwa no gusoma ijambo ry’Imana kuko ari naho ayagira n’Imana( icerekana urukundo n’ubumwe :, gusangira ni kuyaga , tél, kugenderanira, agakete, kwiyumvira uwo ukunda cfr mariés et fiancés).
V.Ni ibihe birwanisho vyomfasha guhinduka?
Twaravyumvise ku musi wa gatatu w’iminyota : Mt6,1-18 : Ibikorwa vy’urukundo, gusenga no kwisonzesha ivyo ni vyo birwanisho bikuru, bidufasha gucuvya ingeso mbi zacu. Ivyo rero bitadufashije guhinduka naho twobigira ntaco vyomara kuko ni ibidufasha kwegera Umukama kuruta na kare mw’ijuru ivyo ntavyo tuzogira kuko tuzoba turi beranda tudakeneye guhinduka. Ivyo ni ibirwanisho ni ibikoresho ntivyokwikoresha. Zana ishari , blindé, missile ubitereke aho ntaco bizokora bidafise abahinga bavyo n’uw’umwampi canke ibuye yoca atsinda nyene ivyo birwanisho bikomeye.
Muguheraheza tugende turabe ubwambure bwacu : Burya agahuzu gapfuka vyinshi ariko rero naho kabipfuka ntibihava. Novuga nti naka…kura impuzu ubu nyene hokurikira iki ? ni nde muri mwebwe yokwemera ? none wankira iki ?(ushobora kuba gusa wambye wikwije nk’ukwo ushobora kwambara uri gusa : mu kirundi ngo naka ntaco acambariye). Turabe rero benewacu twisuzume kuko Imana ishaka ko dusangira ubuhirwe budahera ni naco twaremewe. Twahevye vyinshi (vyose ?)n’ivyo twari dufitiye uburenganzira(cfr vœux) kugira tuze turonke vyinshi none uriteguriye kubironka canke uri mu bazohava babura vyose nk’ingata imenye( sinzi uwavuza ati ariko urazi kubura ivy ‘isi ukabura n’ivyijuru ?. Ibaze wongere wiyishure.
Ap 3,20-21 : « Raba mpagaze ku rugi nuguruza hagize uwumva ijwi ryanje akugugurura urugi nzokwinjira iwe ngo mfungure anyegereye nanje ndamwegere. Uwuzotsinda nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje nkukwo nanje natsinze nkicarana na Data ku ntebe yiwe ».
Patiri Pacifique NTAHONICAYE.