Accueil » Posts tagged 'uguterama'
Archives de Tag: uguterama
Idominika ya mbere y’Ubushikiro. (Umwaka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (63, 16b-17. 19b ; 64, 2b-7)
Hamagara Umukama amanuke aze kudukiza
Mukama, ni Wewe uri Dawe,
umucunguzi wacu, ni ryo zina ryawe kuva na kera hose.
Ewe Mukama, ni iki kigutuma uduhisha inzira zawe,
ugakomantaza imitima yacu ntitukwubahe ?
Garukira abasavyi bawe
N’imiryango y’iragi ryawe.
Icompa ugastura ijuru ukamanuka,
imisozi igahinda agashitsi imbere yawe !
Waramanutse, imisozi na yo igahinda agashitsi imbere yawe.
Kuva kera hose ntaho abantu bigeze bumva,
ntaho amatwi yigeze yumva,
ntaho amaso yigeze abona
iyindi mana igira ico imariye abayizeye atari Wewe. (suite…)
Idominika ya 19 yo mu mwaka (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 18, 6-9
Imana izanwa n’ugukiza igihugu cayo
Iryo joro ryari ryaburiwe basokuruza,
niko kugumya umutima kuko bari bazi indagano bemerewe
niho igihugu cawe citega ko intungane zorokoka,
abansi bagatikira.
Mu gihe wanena abansi bacu,
niho natwe wadutera iteka mu kutwitorera.
Nico gituma abana b’intungane bagiye ahiherereye
Bakaguhereza inkuka,
bakarahirira icarimwe bivuye inyuma
ko aberanda bazosangira akabisi n’agahiye ;
muri kino kiringo nyene,
batera indirimbo z’abasokuru.
Izaburi 32 (33), 1.12, 18-19, 20.22
Icit : Hahiriwe intara Umukama yironkeyeko iragi.
Tera impundu Umukama, mwa bantu b’intungane : (suite…)