Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Ukaristiya'

Archives de Tag: Ukaristiya

UMUSI MUKURU W’ISAKRAMENTU RYERANDA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (8, 2-3. 14b-16a)

(Yaraguhembuje imfungurwa utari bwabone
Kandi ba sogokuruza bawe batari bwafungure)

Muri irya misi, Musa yabwiye umuryango w’Israeli ati : « Israeli we, urame wibuka rwa rugendo Umukama Imana yawe yakugirishije mu gahinga imyaka mirongo ine yose, kugira ngo agucishe bugufi, akugerageze, amenye akari mu mutima wawe, kugira ngo arabe ko uzokwumvira amabwirizwa yiwe canke ko uzomugambararira. Yaragucishije bugufi, akwumvisha inzara, aguhembuza mana utari bwabone kandi na ba sogokuruza bawe batari bwafungure, kugira ngo akwereke ko umuntu adatungwa n’indya gusa, ariko abeshwaho kandi n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.

Ntuze wigere wibagira ko Umukama Imana yawe ari We yagukuye mu gihugu ca Misiri, (suite…)

Ku wa 4 Mweranda. Ku mugoroba.

IMISA YO KU MUGOROBA ARI YO IY’AMABANGA Y’UKARISTIYA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (12, 1-8. 11-14)

Amategeko yerekeye imfungurwa ya Pasika

JeudiSaintMuri irya misi, Umukama yabwiye Musa na mwenewabo Aroni, bakiri mu gihugu ca Misiri, ati: «Uku kwezi murakugira ukwa mbere mu yandi yose, kuraba ari kwo kuzotangura umwaka. Murabwira ishengero ry’Israyeli ko ku musi w’icumi w’uku kwezi umuryango wose, urugo rwose ruzobaga umwagazi. Umuryango uzoba urimwo bake, uzoheza uje hamwe n’ababanyi, umwagazi bawugabangane n’abazoba bari aho bose. Uzoba umwagazi utagira akanenge, w’agasuguru, kamaze umwaka umwe gusa. Muzobaga umwagazi w’intama canke agahúshi k’impene. Muzowuzigama gushika ku musi wa cumi na kane w’uku kwezi.  Aho ishengero ryose ry’Israyeli rigera, muzowubaga izuba rirenze. Bazofata amaraso (suite…)

Ku wa 4 Mweranda. Mu gitondo.

IMISA BAHEZAGIRIRAMWO AMAVUTA MERANDA.
Mu Burundi, iyi misa ihora iherezwa ku wa gatatu Mweranda,mu masengero Mvyeyi (Ctahédrales) kugira ngo vyorohere abasaserdoti gutunganya neza imigirwa itangura ku wa 4 Mweranda ku mugoroba.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (61, 1-3a. 6a. 8b-9)

Umukama yansize amavuta, kandi yantumye kuburira Inkuru nziza aboro n’ukuremesha imitima y’abashegeshwe.

Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko Umukama yansize amavuta;
yantumye kuburira Inkuru nziza aboro,
kwunga imitima yavunitse,
kumenyesha ababoshwe ko babohowe
n’imbohe ko zugururiwe,
no kumenyesha abantu umwaka mwiza w’Umukama
n’umusi wo kwihora kw’Imana yacu. (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :