Accueil » Posts tagged 'ukwemera'
Archives de Tag: ukwemera
Ukugeragezwa kwa Yezu, ni urupimo rw’ukwemera Imana nk’uko ishaka kutwihishurira Yo nyene.
Ijambo ry’Imana dushikirizwa mu Nkuru Nziza yo kuri uwu musi w’Imana wa mbere wo mu Karema, naho dukunda kuryitirira ukugeragezwa kwa Yezu, nkundire tubihindukize ukundi, tuvyerekeze ku kwemera kwacu, n’ingene tukugaragaza, cane cane iyo rugeranyeko. Nkako nyene, ibisomwa twasomewe, uko ari bitatu, biragaruka kuri ukwo kugaragaza ukwemera iryo Imana ituyagira ngo riduhishurire abo turi mu maso yayo. Mu gisomwa ca mbere, turabona ko aho abantu ba mbere bashaka kuba nk’Imana, ntibemere kamere yabo, bagiye ku mohe, nta kindi babonye atari uko ataco bambariye, ari ba magara make, bari gusa. Ivyo twumva rero mu gisomwa ca mbere ntibitwiganira ivyabaye, kw’igenekerezo iri canke irindi, hariya…, ariko bitwereka ingene kamere y’umuntu yamye kuva na kera na rindi. Umuzi w’igicumuro cacu (suite…)
Idominika ya 28 yo mu mwaka. (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (5, 14-17)
Nahamani yemeza icese Umukama
Nahamani, umukuru w’intwaramiheto z’umwami wa Siriya, aramanuka kwiyoga agashika indwi muri Yordani, nk’uko umuhanuzi Elize yari yabimutegetse. Umubiri wiwe uca usubira gutotahara, umera nk’uw’umwana w’ikibunduguru.
Niho rero yaca agaruka kwa Elize, ari kumwe n’abagendanyi biwe bose, yinjira iwe amubwira ati : « Noneho ndemeye ko ata yindi Mana iriho, atari Imana y’Israeli ! Enda rero, niwakire ishikanwa ry’umusavyi wawe. » Elize amwishura ati : « Nkurahiye ubuzima bw’Umukama nkorera, nta na kimwe nzokwakira namba. » Nahamani aramwinginga ngo avyakire, ariko uno aguma yanka. Maze Nahamani aramubarira ati : « Ko utavyemeye, ndagusavye unkundire ntware ivu ry’iki gihugu ringana n’iryo amafarasi abiri yoshobora gutwara, kuko kuva ubu ata zindi mana nshaka guhereza amashikanwa atari Umukama Imana y’Israeli. »
IZABURI 97 (98) 1, 2-3b, 3c-4
Icit : Umukama aramenyesha intara z’amahanga
yuko ari We akiza.
Vyinire Umukama akavyino gashasha, (suite…)
Idominika ya 19 yo mu mwaka (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 18, 6-9
Imana izanwa n’ugukiza igihugu cayo
Iryo joro ryari ryaburiwe basokuruza,
niko kugumya umutima kuko bari bazi indagano bemerewe
niho igihugu cawe citega ko intungane zorokoka,
abansi bagatikira.
Mu gihe wanena abansi bacu,
niho natwe wadutera iteka mu kutwitorera.
Nico gituma abana b’intungane bagiye ahiherereye
Bakaguhereza inkuka,
bakarahirira icarimwe bivuye inyuma
ko aberanda bazosangira akabisi n’agahiye ;
muri kino kiringo nyene,
batera indirimbo z’abasokuru.
Izaburi 32 (33), 1.12, 18-19, 20.22
Icit : Hahiriwe intara Umukama yironkeyeko iragi.
Tera impundu Umukama, mwa bantu b’intungane : (suite…)