Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'ukwicisha bugufi'

Archives de Tag: ukwicisha bugufi

Idominika ya 30 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (35, 15b-17. 20-22a)

(Imana ntiyirengagiza igisabisho c’umukene)

Umukama ni umucamanza atagira nkunzi.
Ntatoranya, arumviriza riho uwugowe amwambaza. Ntakengera igisabisho c’impfuvyi, n’iminiho y’umupfakazi. Uwukorera Imana n’umutima wiwe wose, Imana iramwakiriza yompi, igisabisho ciwe kigashika mw’ijuru.
Igisabisho c’umworo kiramena ibicu ; ntashobora guhozwa igihe atararonka ico asaba.
Azohozako gushika Uwo mw’ijuru amurabe ryiza, aburanire intungane, azicire urutunganye.

IZABURI 33 (34) 2-3, 17-18, 19. 23

Icit : Umurushwa aratabaza Umukama, akamwumvira.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve, bahimbarwe. (suite…)

Idominika ya 22 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (3, 19-21. 30-31) ; (grec 17-18.20.28-29)

Ishimagizwa ry’ugucisha make

humildade-frMwananje, rangurana ubwitonzi ivyo ukora vyose, ni ho bazogukunda kurusha amasabo meza. Uko ubukuru bwawe bungana, niko utegerezwa kwicisha bugufi : ni ho uzoshimwa mu nyonga z’Umukama. Nkako, inganji y’Umukama ni agaheta, ariko abifata ruto ni bo bamuninahaza. Uwishima abura uko yogira, kuko inyanduruko y’akabi imubamwo. Umwitonzi we yama yibuka mu muzirikanyi wiwe amajambo y’ubwitonzi ; ico incabwenge ishaka, ni ukugira amatwi akunda kwumviriza.

IZABURI 67 (68), 4-5ac. 6-7b. 10-11

Icit : Kubw’imbabazi zawe, Mukama,
         warateguriye urugo umworo.

Aberanda baravugiriza impundu Imana,
baratamba, baratarika. (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :