Accueil » Posts tagged 'ukwigaya'
Archives de Tag: ukwigaya
IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (18, 25-28)
Imana iratwakura ngo idukebure
Ng’iri iriyazwe n’Umukama: Mwebwe muhora muvuga muti: «Umukama agira ibitumvikana.» Tega amatwi, muryango w’Israyeli: Mbe ingiro yanje ni yo igoramye? Ubwo si mwe mwigenza ukutari ko? Iyo intungane ihevye ubutungane igakora nabi, hanyuma igapfa kubera ico, iba ipfuye izira iyo nabi. Umuyobe na we, iyo ahevye ibicumuro vyiwe, agakurirkiza ukuri n’ubutungane, akwiye kubaho. Nkako, kubera ko yemeye guheba ibicumuro vyiwe vyose yakoze, akwiye kubaho, ntazopfa.
IZABURI 24 (25) 4-5b, 6-7, 8-9
Icit.: Ibuka, Mukama, urukundo rwawe.
Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe. Urantumbereza ukuri,
uranyigisha, ni Wewe Mana izonkiza.
Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama, (suite…)