Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Umubiri'

Archives de Tag: Umubiri

IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Yozuwe (24, 1-2a. 15-17. 18b)

Tuzoba inzigamahanga z’Umukama, kuko ariwe Mana yacu

Muri irya misi,
Yozuwe yakoranirije imiryango yose y’Israyeli i Sikemu, ahamagaza abakurambere b’Israyeli, abakuru bayo, abacamanza bayo, be n’ababwiriza bayo ; bararenguka bahagarara imbere y’Imana. Yozuwe araheza abarira ishengero ryose ati : « Nimwabona bibabangamiye gukorera Umukama, uyu musi nimwitorere uwo muzokorera : hitemwo za mana ba sogokuruza bakorera hakurya ya rwa ruzi rwa Efurati, canke imana z’Abemori bene iki gihugu murimwo. Jewe n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Umukama.» Abantu baramwishura bati : « Twopfuma dupfa hako duheba Umukama ngo dukorere izindi mana ! Umukama Imana yacu ni we yadukuye mu gihugu ca Misiri, twe na ba sogokuruza, aho twari twagorewe mu buja ; ni we yakoze ibitangaza imbere yacu, ni we yadukingiye mu nzira yose twazananye no mu mahanga twaciyemwo. Na twebwe nyene, tuzogendanira Umukama, kuko ari we Mana yacu.»

IZABURI 33 (34) 2-3, 16-17, 18-19, 20-21, 22-23

Icit. : Umvirize, murabe,
ingene Umukama ari mwiza.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo, (suite…)

IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA (Umwaka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 4-8)

Eliya akomezwa n’umukate agaburiwe n’Imana

Elie à l'HorebMuri irya misi,
Eliya yari yagenze urugendo rw’umusi umwe mu bugaragwa, araheza rero yicara musi y’igiti, yipfuza urupfu, avuga ati : « Ewe Mukama, ubwanje buraheze : akira ubuzima bwanje, kuko ntaruta ba sogokuruza. » Araheza yiryamira munsi y’ico giti, arasinzira. Maze, umumarayika araza aramukoma, aramubarira ati « Vyuka, ufungure ! » Akanuye, abona umukate ukaranze n’umukuza w’amazi, biri haruguru y’umutwe wiwe. Ni uko rero arafungura, aranywa arongera ariryamira. Umumarayika w’Umukama agaruka ubugira kabiri, aramukoma, aramubarira ati : « Vyuka, ufungure, ahandi ho urugendo rwokunaniza kuko ari rurerure. » Ni uko rero aravyuka, arafungura, aranywa, izo mfungurwa azigendera imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, ashika kuri Horebi umusozi w’Imana.

IZABURI 33 (34) 2-3, 4-5, 6-7, 8-9

Icit. : Umvirize, murabe,
         ingene Umukama ari mwiza.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya. (suite…)

IDOMINIKA YA 20 YO MU MWAKA (Umwaka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (9, 1-6)

Muntu utagira ubwitonzi uraza iwanje

Bwitonzi yarubatse ingoro,
ayitera inkingi indwi.
Araheza abaga ibimasa, agana umuvinyu,
ategura ameza.
Hanyuma atuma incoreke ziwe,
asemerera ku mataba y’igisagara ati :
« Muntu utagira ubwitonzi, uraza iwanje ! »
Ibiburabwenge na vyo yabibwiye ati :
« Nimuze mwihereze imfungurwa zanje,
munywe inzoga nabaganiye !
Hebe ubuzeze bwanyu, mubone gukira ;
tumbera inzira y’ubwenge ! »

IZABURI 33 (34) 2-3, 10-11, 12-13, 14-15

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama, (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :