Accueil » Posts tagged 'umuhanuzi'
Archives de Tag: umuhanuzi
IDOMINIKA YA 15 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (7, 12-15)
Ubutumwa umuhanuzi atumwa n’Imana
Muri irya misi, umuherezankuka w’i Beteli yitwa Amatsiya yabariye umuhanuzi Amosi ati : « Ewe Rumenyi, hogi tuvireho, genda uhungire mu ntara ya Yuda, abe ariho urira utwawe, kandi abe ariho uvugira kw’izina ly’Imana. Ariko ntusubire kuvugira kw’izina ry’Imana ngaha i Beteli, kuko ari mu cibare c’umwami, ariho hari ikigabiro ciwe. » Maze, Amosi yishura Amatsiya ati : « Sinari nsanzwe ndi umuhanuzi, canke uwukurikira umuhanuzi. Nahora ndi umwungere, nkaja nditerera ibiti. Umukama ni we yankuye inyuma y’ibitungwa, ambarira ati : Genda, uzobe umuhanuzi w’igihugu canje Israyeli. »
IZABURI 84 (85) 9ab-10, 11-12, 13-14
Icit. : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
uduhe urukiza rwawe !
Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi yo gukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.
Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane, (suite…)
IDOMINIKA YA 14 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (2, 2-5)
Umuhanuzi hagati y’ahagarariji
Umusi umwe, umutima waranyinjiyemwo, untuma mpaguruka, ndaheza numva Umukama ariko aranyagira, ambwira ati : « Mwana w’umuntu, ndakurungitse mu Banyisrayeli, muri kirya gihugu c’abagome bangararije. Bo na ba sekuru barancumuyeko gushika n’uyu musi. Ba bana b’ibigaba bakaba n’abantu b’intagondwa, ni bo ngutumyeko ngo ubabarire uti : ‘Ng’iri iryo Umukama Imana avumereye…’ Bakumvira canke batakumvira, kuko ari ubwoko bw’abagarariji, bazoheza bamenye ko hari umuhanuzi hagati muri bo. »
IZABURI 122 (123) 1-2a, 2bcd, 3-4
Icit. : Tweza a maso ku Mukama,
gushika azotugirire ikigongwe.
Ndakweza amaso,
Wewe uvyagiye mw’ijuru ; (suite…)
Idominika ya 13 yo mu mwaka. Umwaka A
Menya neza: Inama y’Abepiskopi Gatorika b’Uburundi n’Urwanda bahisemwo guhimbaza Umusi mukuru wa Karoli Lwanga na bagenzi be, Abamaratiri b’i Buganda, (usanzwe uhimbazwa ku wa 3 Ruheshi) ku musi w’Imana wa mbere ukurikira Imisi Mikuru y’inyuma ya Pentekoti, iyo ata wundi musi mukuru uhari.
Mu Burundi no mu Rwanda rero ejo bazohimbaza Abamaratiri b’i Buganda nk’Umusi Mukuru cane.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (4, 8-11. 14-16a)
Imana ihezagira umukenyezi yakiriye umuhanuzi
Umusi umwe, Elize yari aciye mu gisagara c’i Shunemi, hanyuma umukenyezi atunze, yaba muri ico gisagara, amutumira iwe. Kuva ubwo, Elize aramutse atumbereye muri ico gisagara, yama aza gufungura iwe. Umusi umwe, wa mukenyezi abwira umugabo wiwe ati : « Urya muntu ahora aza kuturamutsa ni umweranda w’Imana. Ingo tumutegurire akumba gatoyi hejuru, dushirereyo uburiri, ameza, intebe n’itara. Niyagaruka kuturamutsa aheze aruhukireho. » (suite…)