Accueil » Posts tagged 'Umusaraba'
Archives de Tag: Umusaraba
Ku wa 5 Mweranda: gushemeza urupfu rw’Umukama
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 52, 13-53, 12
(Ibicumuro vyacu ni vyo vyatumye asogotwa)
Umusuku wanje azotera imbere,
ashimagizwe, abe indanga y’agatangaza !
nk’uko isinzi ry’abantu bǎmubonye bakagwa mu gahundwe,
kuko yari yayoberanye mu maso,
atǎri agisa n’umuntu,
niko azotangaza n’amakungu :
imbere yiwe abami ntibazokura ururimi mu kanwa, (suite…)
Indwi Nyērānda: ku musi wa gatanu
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (52, 13-53, 12)
Ibicumuro vyacu ni vyo vyatumye asogotwa
Umusuku wanje azotera imbere,
ashimagizwe, abe indanga y’agatangaza!
nk’uko isinzi ry’abantu bǎmubonye bakagwa mu gahundwe,
kuko yari yayoberanye mu maso,
atǎri agisa n’umuntu,
ni ko azotangaza n’amakungu:
imbere yiwe abami ntibazokura ururimi mu kanwa,
kuko bazoba babonye ibitaraboneka,
bagatamarira ikitari bwavugwe kw’isi.
Ni nde yokwemera ivyo twumvise bavuga? (suite…)
Ku wa 10 Myandagaro: Lawurenti Mweranda, Umudiyakoni yapfiriye Umukama. (Umusi Mukuru)
Ivyo dusoma mw’Ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti ( 2 Kor 9, 6-10)
Ncuti zanje,
Bitegere namwe, uwubiba bike azokwimbura bike, uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Umwe wese natange ico yiyumviriye mu mutima, ntabitangane amarira canke agahato, kuko Imana ikunda utangana akamwemwe. Erega Imana ishobora kubahunda ivyiza vyinshi, mukamana imisi yose muri vyose ivyo mukeneye vyose, maze mugasagarara mu bikorwa vyiza vyose, nk’uko vyanditse ngo: «Yatanze atitangiriye itama, aha aboro, ubutungane bwiwe bwamaho imyaka yose.» Uwutabaza umubivyi imbuto n’umukate wo gufungura azobatabaza namwe imbuto agireko ayisesekaze, kandi azogwiza ivyavuye ku butungane bwanyu.
IZABULI : Ubuhirwe bw’intungane 111 (112)
Icitabirizo: Harahiriwe umuntu yubaha Umukama
Hahiriwe umuntu yubaha Umukama, (suite…)