Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Umwungere mwiza'

Archives de Tag: Umwungere mwiza

IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA (Umwâka C)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (13, 14. 43-52)

Jésus, le Bon PasteurUmusi umwe, Paulo na Barnaba barashitse i Antiyokiya ya Pisidiya ku musi w’isabato, baragenda mw’isinagoga. Bavuye mw’ikoraniro, benshi mu Bayahudi no mu banyamahanga bemeye Ubuyahudi bakwirikira Paulo na Barnaba; baraganira na bo, babahanura kugumya inema y’Imana. Kw’isabato ikwirikira, igisagara nka cose kirakorana ngo cumve ijambo ry’Imana. Abayahudi ngo babone ico gihugu cose, bavyura ishari, bahinyuza Paulo mu vyo yavuga vyose, bamutuka. Paulo na Barnaba barashira amakenga, bababwira bati: “Ni mwebwe mwategerezwa kubwirwa ubwa mbere ijambo ry’Umukama; none ko muryanse, mukaba ari mwebwe nyene mwikengereye, mubona mudakwiye ubuzima budahera, hinge twigire mu bapagani. Kuko ari ko Umukama yadutegetse ngo: Nagutoye ngo ube umuco w’amahanga, ngo ujane ubukiriro hose gushika ku mpera y’isi.” Abapagani bumvise ayo majambo baranezerwa, baninahaza ijambo ry’Umukama; n’abo bose bari bagenewe ubuhirwe budahera baca baremera. Naryo ijambo ry’Umukama rikwira igihugu cose. Ariko, abagore n’abapfasoni bakunda Imana, n’abakuru b’igisagara, bohejwe n’abayahudi, bagirira nabi Paulo na Barnaba, barabirukana babakura mu ntara yabo. Paulo na Barnaba na bo babakunkumurirako inkungugu yari ku birenge vyabo, bigira muri Ikoniya. Abigishwa na bo bari buzuye akanyamuneza na Mutima Mweranda.

IZABURI 99 (100) 2, 3, 5

Icit: Turi mu ntara Umukama ayobora we nyene ubwiwe.

Canke: Alleluya.

Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Umukama impundu,
nimukorere Umukama n’akanyamuneza,
muze mu nyonga ziwe muririmbe.

Mumenye yuko Umukama ari we Mana:
Ni we yaturemye natwe turi abiwe,
Turi ingabo ziwe, turi intama zo mu busho bwiwe.

Erega, Umukama ni mwiza,
urukundo rwiwe rwamaho,
arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (7, 9. 14b-17)

Jewe Yohani, mbona isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye amakanzu yera, bafise n’ibisanda mu minwe.

Umwe wo mu Batama ambwira ati: “Abo ni abarokotse ya makuba, bamesuye amakanzu yabo, bayeresha amaraso ya wa Mwagazi. Nico gituma bahagaze imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera ijoro n’umutaga mu ngoro yayo; na we Uwuvyagiye ku ntebe azosanza ihema ryiwe hejuru yabo. Ntibazoba bagisonza, ntibazoba bakinyoterwa, ntaho izuba rizoba rikibarabika canke intuguta yose iyo iva ikagera, kuko wa Mwagazi ubavyagiyemwo hagati ku ntebe uzobaragira kandi uzobashora ku mazi y’ubuzima. Imana na yo izohanagura amosozi yose mu maso yabo.”

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Jewe ndi wa mwungere mwiza; ndazi intama zanje, na zo zikamenya.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 27-30)

Umusi umwe, Yezu yabariye Abayuda ati: « Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi vyongeye zirankwirikira. Ndaziha ubuzima budahera, ntizizokwigera zipfa, bisubiye ntawuzozinkura mu minwe. Data yazimpaye aruta bose kandi ntawuzoshobora kuzikura mu minwe ya Data. Jewe na Data turi umwe. »

IDOMINIKA YA 34 YO MU MWAKA = UMUSI MUKURU WA KRISTU MWAMI

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (34, 11-12. 15-17)

Imana, Umwami n’Umwungere wa Israyeli, ni We Mucamanza

Bon BergerNg’iri iryo Umukama Imana avumereye.
Noneho, jewe ubwanje ndigiriye kurondera intama zanje, ndazibungabunge. Nk’uko umwungere abungabunga ubusho bw’intama ziwe zashwiragiye, ni ko nzobungabunga intama zanje, ndazikure aho hose zashwiragiriye ku musi w’igipfungu. Ni jewe nyene ubwanje nzoragira intama zanje, ni jewe nzozicura: – uko ni ko Umukama Imana avuze.- Nzorondera iyatakaye, ngarukane iyazimiye; nzokanda iyakomeretse, mvure iyirwaye; iyivyibushe igakomera na yo nzoyihozako ijisho, ndayiragire mu butungane. Namwe, busho bwanje, – uko ni ko Umukama Imana avuze, – menye ko ngiye guca urubanza, nsobanure intama n’izindi, ntandukanye impfizi z’intama n’amasuguru y’impene. (suite…)

IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA- Umwâka A (Yezu, Umwungere mwiza)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa  (2, 14a. 36-41)

(Imana yamugize Umukama, imugira Kristu)

Ku musi wa Pentekoti, Petero arahaguruka ahagatiwe na bamwe Cumi n’umwe, atareza ijwi ati : « Banyisraeli mwese uko mungana, bimenye kandi si ivy’imbeshere, uyo Yezu mwabamvye, Imana yamugize Umukama, imugira Kristu. »

Abantu bari aho bumvise ayo majambo, umutima urabatonganya. Niko kwegera Petero n’abandi batumwa, bati : « Mbega, benewacu, none tugire dute ? » Petero na we arishura ati : « Nimwisubireko, vyongeye umwe wese muri mwebwe n’abatizwe kw’izina rya Yezu Kristu, ngo abashe kuronka ikigongwe c’ibbicumuro vyiwe ; niho rero muzoronka ingabirano za Mutima Mweranda. Bisubiye, abahawe wa muhango, (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :