Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Yakobo'

Archives de Tag: Yakobo

IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (53, 10-11)

Ishaka ry’Umukama rizoranguka

Umusuku wiwe, Umukama yashatse kumuvunaguza amagorwa. Ariko, niyitanga akabera abantu incungu, azoramutswa n’abuzukuruza, azoramba ; kubera we, ishaka ry’Umukama rizoranguka. Ayo magorwa yose yabonye azohinduka akanyamuneza, azohimbarwa, aronke ivyo yipfuza vyose. Kubera ko yemeye akababara, iyo ntungane, uwo musavyi wanje azokiza abantu isinzi, azokwiremeka ibicumuro vyabo.

IZABURI 32 (33), 4-5, 18-19, 20.22

Icit. : Tworose urukundo rwawe, Mukama,
          kuko ari Wewe twama twizigiye.

Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri. (suite…)

« Uwushaka kuba uwa mbere nabe uw’inyuma ya bose n’umusuku wa bose »

A MisigaroBavukanyi, kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 23 Nyakanga 2018, duhimbaza Idominika ya 25 yo mu mwaka B. Mu gihe hari abatari bake bama barondera kugirira inabi ababahanura, abandi na bo bakagiriranira inzankano, intambara n’indyane, uyu musi ikibazo kitujeko kiti: « Muri mwebwe, intambara n’imitongano biva hehe?» None, twishure ngw’iki? Mbaye nk’Umutumwa Yakobo, ubwo, ntibiva ku ngeso mbi zacu zirwanira mu mitima yacu?

Bavukanyi, muri iki gihe turimwo, benshi baraganzwa n’ishari n’amahane, gushika n’aho hari n’abazimanganya ubuzima bw’intungane bazihora ngo zirabasesera ubufu mu kudoma urutoke ku bikorwa vyabo bibi, kandi bamwe bakabigira mu bwiyorobetsi ntangere, kugira ngo bakingire izina ryabo ry’ubukristu. Uyu musi Umukama ahagurukije Umutumwa Yakobo ngo adukurire inzira ku gishitsi ko tudashobora dusabana umutima nk’uwo ngo tube twogira ico tugabana, kuko dusaba ngo twimerererwe neza gusa, tukirengagiza amabi dukorera bene wacu.

Uyu musi, ijambo ry’Imana riduhamagarira kubiba riho imbuto z’ubutungane, (suite…)

IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (35, 4-7a)

Ibitangaza vy’urukiza ruva ku Mana

Humuriza abo imitima yatuntuye, uti : « Rye umutima amenyo, mureke kugira ubwoba. Ng’uyo Umukama Imana yanyu : igihe co guhorwa kirashitse, Imana yabibutse, ni yo ije kubakiza. »

Amaso y’impumyi azoca akanura, amatwi y’intumva azibûke. Ibimuga bizosimba bugeregere, ururimi rw’ibiragi rutere imvyino z’agahimbare. Mu bihugu bitazi amazi, azokwisuka, imvura izoba nyamwondo mu ntara zagadutse. Umusenyi uturira uzohinduka igitanga, ahagataye hazocika amasôko.

IZABURI 145 (146), 7, 8-9a, 9bc-10

Icit. : Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.
Canke : Aleluya.

Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi. (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :