Accueil » Posts tagged 'Yeruzalemu'
Archives de Tag: Yeruzalemu
IDOMINIKA YA 3 YO MU KAREMA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 17, 3-7
(N’uduhe amazi yo kunywa)
Muri irya misi,
Abanyisraeli bari bavuye mu Misiri iyo bari bagorewe, bagenda mu ntara Imana yari yabemereye, barongowe na Musa. Bashitse mu nzira, basanga nta mazi yo kunywa ariho, baja mu vyo kwidodombera Musa bamubwira bati : « Mbe wadukuriye iki mu gihugu ca Misiri ? Watuzanye aha ngo utwicishe inyota, twebwe, abana n’ibitungwa vyacu ? »
Musa na we atakambira Umukama ati : « Aba bantu bashaka kunyicisha amabuye, ndabagire nte ? » Umukama yishura Moshe ati : « Genda imbere y’ishengero, uri kumwe n’abashingantahe bakeyi b’Abanyisraeli, witwaze ya nkoni wakubitisha ikiyaga. Nanje nzoba ndi kumwe nawe, kuri kirya gitandara c’ibuye, ku murambi wa Horebi. Urakubita ico gitandara, amazi azoca acuncubuka, abantu baronke ico banywa. » (suite…)
Idominika ya 14 yo mu mwaka (Umwaka C).
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (66, 10-14a)
Urweze rwo kuronka Umukiza
Nimunezerwe hamwe na Yeruzalemu, tambe mutarike, mwebwe abayikunda mwese ; nimwigine hamwe na yo, mwebwe mwahora muyigandariye ! Kugira ngo muze mwonke muhage, muhozwe n’ibere ryayo, musoserwe n’ubuninahazwa bwayo.
Nkako, ng’iri iriyazwe n’Umukama : Nzoyironsa amahoro atemba nk’uruzi, iteka ryayo mu makungu ringane n’uruzi rwasheshe. Imicuko yayo izorerurwa, bazoyisimbagiza. Kurya umuvyeyi ahoza umwana wiwe, niko nanje nzobahoza, mugahozwa muri Yeruzalemu. Nimwabibona, agahimbare kanyu kazoba kose, umubiri wanyu uzototahara nk’ubwatsi buremvye. Umukama azokwimenyesha abasavyi biwe.
IZABURI 65 (66), 1-3a. 4-5. 6-7a. 16.20
Icit : Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana.
Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana,
Muririmbire izina ryayo rininahaye,
Muhimbaze ishimagizwa ryayo !
Mubwire Imana muti : « Ibikorwa vyawe ni agahambaye !»
Abari kw’isi yose baricisha bugufi imbere yawe,
bakayaga, bakaririmba izina ryawe ! (suite…)