Accueil » Posts tagged 'Yezu Kristu'
Archives de Tag: Yezu Kristu
EPIFANIYA Y’UMUKAMA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (60, 1-6)
Ubuninahazwa bw’Umukama bwagusaze wese
Yeruzalemu we, haguruka, tamanzura : umuco wawe waserutse,
ubuninahazwa bw’Umukama bwagusaze.
Nayo umwijima watwikiriye isi,
umuzimiza wazimije igihugu ;
ariko weho Umukama yakugarukiye,
ubuninahazwa bwiwe buhagaze hejuru yawe.
Intara ziza zigana umuco wawe,
abami na bo birukira izuba rirasiye iwawe.
Tereza amaso irya n’ino urabe :
bose bakoranye kandi baje iwawe ; (suite…)
UMUSI MUKURU WA ASENSIYO (Umwâka B)
Iyo badashimye gukoresha igisomwa ca kabiri co mu mwaka A, baca bakoresha ico twanditse aha. Ibindi bisomwa vyose biri aha vyagenewe umwaka B.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1, 1-11)
Abatumwa babona Yezu ariko arurira mw’ijuru
Tehofilo we, igitabu ca mbere nanditse, cari cerekeye ivyo Yezu yatanguye gukora n’ukwigisha vyose gushika umusi yurira mw’ijuru, ahejeje gusigarana amategeko ba batumwa yari yitoreye ku bwa Mutima Mweranda. Aho amariye kubabara, abo batumwa ni bo yasubiye kubonekera, abereka ibimenyetso vyinshi vy’ukubamenyesha ko ari muzima, amara imisi mirongo ine ababonekera yongera abayagira ivy’Ubwami bw’Imana. Ahengereye bariko barasangira na we, abategeka kuguma i Yeruzalemu, ngo barorerereho wa muhango wa Data ati : « Nari nababwiye nti : Yohani yabatirisha amazi, mu misi iza kuza, mwebwe muzobatizwa muri Mutima Mweranda. »
Abari bahakoraniye barahava bamubaza bati : « Mbega Mukama, ubu ni ho ugira ngo ubogore ingoma y’Israyeli ? » Abishura ati : « Ivy’ukumenya igihe n’isango Data yigeneye we nyen ubwiwe, si ivyanyu. Ariko muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira, muheze rero muje kumbera ivyabona i Yeruzalemu no mu Buyuda bwose no muri Samariya, mugarukire iyo isi igarukira. »
Ahejeje kuvuga ivyo, babona ariko araduga, hanyuma igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona. Bakiri aho bahanze ijuru, Yezu na we ariko araduga, baza babona abantu babiri bambaye ivyambarwa vyera, bababwira bati : « Mbega banyagalile, ni iki ko muhagaze murangamira hejuru ? Uwo Yezu mubonye ava hagati yanyu akwurira mw’ijuru, uko agiye ni ko azogaruka. »
IZABURI 46 (47), 2-3. 6-7. 8-9
Icit : Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.
Canke : Aleluya.
Ntara zose iyo muva mukagera, nimukome amashi,
muvugirize impundu Imana mu kanyamuneza kamuje.
Kuko ari Yo Mukama, Rudasumbwa, Muterakoba,
Mwami w’agakura aganza isi yose.
Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.
Curarangira Imana yacu, curaranga,
curarangira umwami wacu,curaranga !
Kuko Imana ari Yo mwami w’isi yose :
nimuyiririmbire ururirimbo rw’akayazwe !
Imana yarironkeye ubwami mu mahanga yose,
ngo yongere ivyagire ku ntebe yayo nyeranda.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (4, 1-13)
Igisomwa kigufi : 4, 1-7. 11-13
Ku rugero rw’igihagararo kizima c’umusesekara wa Kristu
Ncuti zanje,
Ndabinginga jewe imbohe ku bw’Umukama, ngo mwigenze nk’uko bikwiranye n’itorwa mwatorewe, mu kwicisha bugufi no mu kugenza buhoro muri vyose, mu kwiyumanganya, mukagiriranira imbabazi zivuye ku rukundo, mugashishikara kuzigama ubumwe bw’umutima mubwungisha amahoro.
Hariho Umubiri umwe n’Umutima umwe, nk’uko kandi ivyo muhamagariwe kwizera ari bimwe. Hariho Umukama umwe, ukwemera kumwe n’ibatisimu imwe. Hariho Imana imwe ari yo Se wa bose, isumba vyose, igenza bose kandi iri muri bose. Ariko rero, umwumwe muri twebwe yarahawe ingabirano nk’uko Kristu yaturimbanije ingabirano ziwe.
(Igisomwa kigufi kiba kirahagarariye aha)
Ni co gituma bavuga bati : « Yaraduze hejuru ajanye imbohe, abantu na bo abahunda ingabirano. » Iryo jambo ngo yaraduze, ni ukuvuga iki, ndetse ko ari uko yabanje kumanuka hepfo mu ntara zo kw’isi ? Uwamanutse ni we nyene yaduze hejuru y’amajuru yose, kugira ngo anengesereze vyose.
(Igisomwa kigufi kibandaniriza aha)
Ni we kandi yahaye bamwe kuba abatumwa, abandi abahanuzi, abandi abakwiza Inkuru Nziza, abandi abungere n’abigisha, kugira ngo aberanda babone gutunganirwa mu gikorwa c’ugukoreranira mu kwubaka umubiri wa Kristu gushika aho twese hamwe tuzoshikira ubumwe bw’ukwemera n’ubw’ukumenya Umwana w’Imana, tugashikira wa muntu abushitse, ku rugero rw’igihagararo kizima c’umusesekara wa Kristu.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati :
« Gende, mwigishe abantu bose !
Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira, gushika ku muhero w’isi. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (16, 15-20)
Umukama yurira mw’ijuru kandi yicara iburyo bw’Imana
Amaze kuzuka, Yezu yabariye bamwe cumi n’umwe ati : « Kwire isi yose, mushikirize Inkuru Nziza ikiremwa cose. Uwuzokwemera akabatizwa azorokoka, uwutazokwemera azocibwa. Ibimenyetso bizoranga abazoba bemeye ni vyo vy’ibi : kw’izina ryanje, bazokwirukana amashetani, bavuge indimi nshasha, bafate inzoka mu minwe, kandi nibanywa uburozi bwica, nta co buzobagira. Bazogaranzurira ibiganza ku barwaye, na bo bace bakira. » Umukama Yezu ahejeje kubabwira ivyo, ajanwa mw’ijuru, yicara iburyo bw’Imana. Na bo bagenda kwigisha hose, Umukama akorana na bo, iryo bigisha akarigaragariza mu bimenyetso vyariherekeza.
IDOMINIKA YA 5 YA PASIKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (9, 26-31)
Pawulo aba icabona ca Kristu nk’Abatumwa
Amaze guhinduka, Pawulo agenda i Yeruzalemu ; akama ashaka kumenyana n’abigishwa, mugabo bose bakamutinya kuko batari bwemere ko yabaye umwigishwa. Baranaba araheza amujana kumwereka abatumwa, arababwira ukuntu Sawuli yabonye Umukama mu nzira, n’ukuntu yigishije izina rya Yezu i Damasi, ata makenga. Kuva ico gihe Sawuli yagendana n’abatumwa i Yeruzalemu, yigisha izina rya Yezu ata makenga. Ni ho yaganira n’Abagereki bari i Yeruzalemu abahaririza, mugabo bashaka kumwica. Abagenzi biwe babimenye, bamujana i Sezareya baca bamurungika i Tarsi. Ekleziya yari itekanye hose mu Buyuda, mu Bugalile no muri Samariya, irakura igenzwa n’icubahiro ifitiye Umukama, kandi yari yuzuye uruhoza rwa Mutima Mweranda.
IZABURI 21 (22), 26b-27. 28. 30. 31-32
Icit : Ndagushemeza, Mukama, hagati y’ikoraniro.
Canke : Alleluya.
Nzorangura indagano zanje imbere y’abamwubaha,
aboro bazorya bahage ;
abarondera Umukama bazomuyaga :
« Ganza, sabwa mu myaka yose ! »
Intara zose zizokwikugura Umukama, zimugarukeko,
imiryango yose y’ibihugu izomupfukamira.
Abagaba isi na bo nyene bazomupfukamira,
Imana izopfukamirwa n’abakuru n’abato.
Umuryango wanje uzoyiyagira urwaruka,
uzoyaga ubutungane bwiwe,
ubumenyeshe intara zo hanyuma uti :
« Raba ivyiza Umukama yagize. »
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 18-24)
Nidukundane mu bikorwa no mu kuri
Bane banje,
Ntidukundane mu majambo no ku rurimi, ariko nidukundane mu bikorwa no mu kuri. Ng’iki ikizotumenyesha ko turi ab’ukuri, tukarimbura umutima wacu imbere yayo. Umutima wacu niwatwagiriza ni uko Imana iruta umutima wacu kandi ikamenya vyose. Bakunzi banje, umutima wacu n’utatwagiriza, turizerana umwidegemvyo imbere y’Imana, kandi ico dusaba cose turagihabwa na yo, kuko tuzigama amabwirizwa yayo tugakora ibiyinezereza mu maso yayo. Kandi ng’iri ibwirizwa ryayo : ni uko twokemera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu, kandi tugakundana nk’uko yabiduhayeko ibwirizwa. Uwuzigama amabwirizwa yayo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we ; kandi ikitumenyesha ko iguma muri twebwe ni wa Mutima Imana yaduhaye.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimugume muri jewe,
nk’uko nanje nguma muri mwebwe.
Uwugumye muri jewe ni we yama vyinshi. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (15, 1-8)
Uwuri muri jewe nanje nkaba muri we ni we yama vyinshi
Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Jewe ndi umuzabibu nyawo, na we Data ni nyenumuzabibu. Ishami ryose riri muri jewe ritama, ararica, nayo ishami ryose ryama ararituturira kugira ngo ryame ukuruta. Muramaze gutyororwa kubera ijambo nababwiye. Nimugume muri jewe, nanje nzoguma muri mwebwe. Kurya ishami ritama ritagumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe. Jewe ndi umuzabibu, namwe muri amashami, uwugumye muri jewe, nanje nkamugumamwo, ni we yama vyinshi, kuko tutari kumwe ataco mwokwishoboza. Uwutagumye muri jewe atabwa hanze nk’ishami, akuma ; na yo amashami yumye, barayaca bakayata mu muriro, agasha. Nimwaguma muri jewe na yo amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muzosaba ico mushaka mukironke. Ikininahaza Dawe ni uko mwokwama vyinshi ; ni ho rero muzoba abigishwa banje. »