Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Yezu'

Archives de Tag: Yezu

IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA (Umwâka C)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (13, 14. 43-52)

Jésus, le Bon PasteurUmusi umwe, Paulo na Barnaba barashitse i Antiyokiya ya Pisidiya ku musi w’isabato, baragenda mw’isinagoga. Bavuye mw’ikoraniro, benshi mu Bayahudi no mu banyamahanga bemeye Ubuyahudi bakwirikira Paulo na Barnaba; baraganira na bo, babahanura kugumya inema y’Imana. Kw’isabato ikwirikira, igisagara nka cose kirakorana ngo cumve ijambo ry’Imana. Abayahudi ngo babone ico gihugu cose, bavyura ishari, bahinyuza Paulo mu vyo yavuga vyose, bamutuka. Paulo na Barnaba barashira amakenga, bababwira bati: “Ni mwebwe mwategerezwa kubwirwa ubwa mbere ijambo ry’Umukama; none ko muryanse, mukaba ari mwebwe nyene mwikengereye, mubona mudakwiye ubuzima budahera, hinge twigire mu bapagani. Kuko ari ko Umukama yadutegetse ngo: Nagutoye ngo ube umuco w’amahanga, ngo ujane ubukiriro hose gushika ku mpera y’isi.” Abapagani bumvise ayo majambo baranezerwa, baninahaza ijambo ry’Umukama; n’abo bose bari bagenewe ubuhirwe budahera baca baremera. Naryo ijambo ry’Umukama rikwira igihugu cose. Ariko, abagore n’abapfasoni bakunda Imana, n’abakuru b’igisagara, bohejwe n’abayahudi, bagirira nabi Paulo na Barnaba, barabirukana babakura mu ntara yabo. Paulo na Barnaba na bo babakunkumurirako inkungugu yari ku birenge vyabo, bigira muri Ikoniya. Abigishwa na bo bari buzuye akanyamuneza na Mutima Mweranda.

IZABURI 99 (100) 2, 3, 5

Icit: Turi mu ntara Umukama ayobora we nyene ubwiwe.

Canke: Alleluya.

Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Umukama impundu,
nimukorere Umukama n’akanyamuneza,
muze mu nyonga ziwe muririmbe.

Mumenye yuko Umukama ari we Mana:
Ni we yaturemye natwe turi abiwe,
Turi ingabo ziwe, turi intama zo mu busho bwiwe.

Erega, Umukama ni mwiza,
urukundo rwiwe rwamaho,
arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (7, 9. 14b-17)

Jewe Yohani, mbona isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye amakanzu yera, bafise n’ibisanda mu minwe.

Umwe wo mu Batama ambwira ati: “Abo ni abarokotse ya makuba, bamesuye amakanzu yabo, bayeresha amaraso ya wa Mwagazi. Nico gituma bahagaze imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera ijoro n’umutaga mu ngoro yayo; na we Uwuvyagiye ku ntebe azosanza ihema ryiwe hejuru yabo. Ntibazoba bagisonza, ntibazoba bakinyoterwa, ntaho izuba rizoba rikibarabika canke intuguta yose iyo iva ikagera, kuko wa Mwagazi ubavyagiyemwo hagati ku ntebe uzobaragira kandi uzobashora ku mazi y’ubuzima. Imana na yo izohanagura amosozi yose mu maso yabo.”

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Jewe ndi wa mwungere mwiza; ndazi intama zanje, na zo zikamenya.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 27-30)

Umusi umwe, Yezu yabariye Abayuda ati: « Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi vyongeye zirankwirikira. Ndaziha ubuzima budahera, ntizizokwigera zipfa, bisubiye ntawuzozinkura mu minwe. Data yazimpaye aruta bose kandi ntawuzoshobora kuzikura mu minwe ya Data. Jewe na Data turi umwe. »

IDOMINIKA YA 3 YO MU MWAKA (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Nehemiya (8, 2-4a.5-6.8-10)

Ishengero ry’Imana ritegera ijambo ryiwe

esdrasUmusi umwe, umuherezankuka Esidarasi yazanye igitabu c’amabwirizwa imbere y’ishengero, ryarimwo abagabo, abagore n’abana bari bamaze guca ubwenge. Hari ku mubarwa wa mbere w’ukwezi kw’indwi. Esidarasi aja ku nama, asomera ca gitabu imbere y’urugi rw’amazi, kuva bugica gushika ku mashōka, imbere y’abagabo, abagore n’abana bamaze guca ubwenge bose ; abantu bose baramutega amatwi, barumviriza ivyo asoma muri ca gitabu c’amabwirizwa. Umwanditsi Esidarasi yari ahagaze ahakirurutse hateguriwe urwo rubanza. Araheza arugurura igitabu bose babona, kuko yari ahantu hakirurutse.

Ahejeje kucugurura, abantu bose barahaguruka. Esidarasi aca arahezagira Umukama, Imana nkuru, abantu bose bashira amaboko hejuru bishura bati : « Amen ! Amen ! » Hanyuma baca barunama bakubita ibipfukamiro hasi basenga Umukama. Esidarasi arasoma igitabu c’amabwirizwa y’Imana, Abalevi bakayabasigurira ; abantu na bo baca barategera ivyo basomye.

Umutware Nehemiya, na Esidarasi umwanditsi akongera akaba umuherezankuka, (suite…)

UMUSI MUKURU W’UMURYANGO MWERANDA (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (1, 20-22. 24-28)

Samuweli azoba uw’Umukama ubuzima bwiwe bwose

Tu diras: "Parle Seigneur!"

Tu diras: « Parle Seigneur! »

Igihe kigeze, Ana arasama inda, araheza avyara umwana w’umuhungu, amwita Samuweli, ati :« Ni uko namusavye Umukama. » Maze, umugabo wiwe Elikana araduga ari kumwe n’abo mu rugo rwiwe bose ngo ashikanire Umukama imbagwa y’uwo mwaka be n’ivyo yari yaramuraganiye. Ariko, Ana we ntiyadugayo, abarira umugabo wiwe ati : « Umwana niyamara gucuka niho nzoduga, ndamujane, yishikirize Umukama, aheze agumeyo imisi yose. »

Amaze kumucutsa na ho, aramudugana, ajana n’ikimasa kimaze imyaka itatu, n’ingero imwe yitwa yefa y’ifu, be n’umubindi w’umuvinyu ; araheza amwinjiza mu Ngoro y’Umukama i Silo, umwana na we akaba umukorezi waho. Barabaga nya kimasa kandi bazanira Heli uwo mwana. Maze, Ana aravuga ati : « N’uzirikane, Mukama ! Uko uri muzima, Muhanyi, jewe ndi wa mugore yari ahagaze iruhande yawe kandi yariko arasaba Umukama. Uyu mwana (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :