Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Yozefu'

Archives de Tag: Yozefu

UMUSI MUKURU W’UMURYANGO MWERANDA (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (1, 20-22. 24-28)

Samuweli azoba uw’Umukama ubuzima bwiwe bwose

Tu diras: "Parle Seigneur!"

Tu diras: « Parle Seigneur! »

Igihe kigeze, Ana arasama inda, araheza avyara umwana w’umuhungu, amwita Samuweli, ati :« Ni uko namusavye Umukama. » Maze, umugabo wiwe Elikana araduga ari kumwe n’abo mu rugo rwiwe bose ngo ashikanire Umukama imbagwa y’uwo mwaka be n’ivyo yari yaramuraganiye. Ariko, Ana we ntiyadugayo, abarira umugabo wiwe ati : « Umwana niyamara gucuka niho nzoduga, ndamujane, yishikirize Umukama, aheze agumeyo imisi yose. »

Amaze kumucutsa na ho, aramudugana, ajana n’ikimasa kimaze imyaka itatu, n’ingero imwe yitwa yefa y’ifu, be n’umubindi w’umuvinyu ; araheza amwinjiza mu Ngoro y’Umukama i Silo, umwana na we akaba umukorezi waho. Barabaga nya kimasa kandi bazanira Heli uwo mwana. Maze, Ana aravuga ati : « N’uzirikane, Mukama ! Uko uri muzima, Muhanyi, jewe ndi wa mugore yari ahagaze iruhande yawe kandi yariko arasaba Umukama. Uyu mwana (suite…)

IDOMINIKA YA 14 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (2, 2-5)

Umuhanuzi hagati y’ahagarariji

Umusi umwe, umutima waranyinjiyemwo, untuma mpaguruka, ndaheza numva Umukama ariko aranyagira, ambwira ati : « Mwana w’umuntu, ndakurungitse mu Banyisrayeli, muri kirya gihugu c’abagome bangararije. Bo na ba sekuru barancumuyeko gushika n’uyu musi. Ba bana b’ibigaba bakaba n’abantu b’intagondwa, ni bo ngutumyeko ngo ubabarire uti : ‘Ng’iri iryo Umukama Imana avumereye…’ Bakumvira canke batakumvira, kuko ari ubwoko bw’abagarariji, bazoheza bamenye ko hari umuhanuzi hagati muri bo. »

IZABURI 122 (123) 1-2a, 2bcd, 3-4

Icit. : Tweza a maso ku Mukama,
         gushika azotugirire ikigongwe.

Ndakweza amaso,
Wewe uvyagiye mw’ijuru ; (suite…)

25 NTWARANTE: UMUSI MUKURU W’ÎBÛRWA RY’UMUKAMA

Mu myaka imwe imwe, birashika uyo musi mukuru ugahurirana n’imisi yo mu ndwi nyeranda. Iyo bigenze gurtyo, baca bawungururiza ku musi wa mbere w’indwi ya kabiri ya Pasika.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 7, 10-14 ; 8, 10c

(Umwigeme azokwibungenga)
Muri irya minsi, Umukama yasubiriye kubwira Akăzi ati : « Saba Umukama Imana yawe akurungikire ikimenyetso kivuye hasi mu kuzimu canke hejuru mu kirere. » Akăzi yishura ati : « Haba namba, sinoshobora kugerageza Umukama. » Niho Izaya yavuga ati : « Tega amatwi, muryango wa Dawudi ! ntimurarambirwa n’ukuruhisha abantu, none mushaka kuruhisha Imana yanje ! Umukama rero we nyene ubwiwe ni we azobihera ikimenyetso : Umwigeme aribungenze azokwibaruka umwana w’umuhungu, amwite Emanueli. » kuko (suite…)

%d blogueurs aiment cette page :