Accueil » Posts tagged 'Yubile y’Impuhwe n’ikigongwe vy’Imana'
Archives de Tag: Yubile y’Impuhwe n’ikigongwe vy’Imana
Idominika ya 24 yo mu mwaka. (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (32, 7-11. 13-14)
Moshe asabira ikigongwe abanyisraeli batagamburukiye Imana
Moshe yari akiri ku musozi wa Sinai. Umukama araheza aramubwira ati : « Hogi, manuka ningoga, kuko igihugu cawe wakuye mu Misri cashaye. Ntibarushe bihagararako, inzira nabategereje gukurikiza bayitaye. Bacurishije mu vyuma ishuri y’inzahabu, none ni yo bapfukamira, ni yo bahereza imperezwa, bavuga ngo : Ehe raba Israeli, Imana yawe yagukuye mu Misri ! »
Umukama arongera abwira Moshe ati : « Ndabona ko ico gihugu ari intagondwa. Ubu rero ndeka, ishavu ryanje ryisuke, ndabatikize n’agasya k’akarenge. Ariko wewe, nzokugira igihugu kininiya. »
Moshe rero aragerageza gucuvya ishavu ry’Imana, avuga ati : « Ni kuki ga Mukama, utaye ishavu ku gihugu cawe wakuye mu Misri ku bubasha bw’ukuboko kwawe n’ibiganza vyawe ? N’usubize agatima kuri Ibrahimu, Izahaki na Israeli, abasuku bawe, wemereye icese ko bazorondoka, (suite…)