Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Zakariya'

Archives de Tag: Zakariya

IDOMINIKA YA 4 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Mishe (5, 1-4a)

Umukiza azoza ava i Betelehemu

BethlehemNg’iri iriyazwe n’Umukama:
Ewe Betelehemu Efurata, wewe cubwa mu miryango yose ya Yuda, ni Wewe uzomvyarira uwuzogaba Israyeli ; amamuko yiwe si aya vuba, ni ay’imyaka n’imyaka. Ni co gituma Umukama azobakurako ijisho, gushika umusi uwagenewe kwibaruka azokwibaruka ; niho rero abandi bavandimwe basigaye bazogaruka mu muryango wa bene Israyeli. Azohaguruka aragize ubusho bwiwe ububasha bw’Umukama n’ubukuru bw’izina ry’Imana yiwe. Bazokwicara batsimbatare. Kuko inganji yiwe azoyikwiza hose gushika ku mbibe z’isi. Kandi ni we nyene azoba « Amahoro ».

IZABURI 79 (80) 2ac. 3bc 15-16, 18-19

Icit. : Tugarure, Mukama, tugaranzurireko inyonga zawe,
         tuzoca turokoka.

Wewe Mwungere w’Israyeli, ntega ugutwi,
Wewe Mwungere utuyobora, niwimenyeshe :
vyura ubugabo bwawe,
uze kuturokora.

Mukama, Mana y’ijuru n’isi, n’ugaruke :
n’urabire mw’ijuru, wihweze :
n’ugarukire uwo muzabibu
wabaditse n’ukuryo kwawe guhambaye.

Tunga umuntu wishiriye iburyo,
umwana w’umuutu agukeshako ubukomezi bwiwe ;
ntituzosubira kukuvirira :
dusubize amagara, tubone kwambaza izina ryawe !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (10, 5-10)

Ndarengutse ngo nkore ivyo ushaka

Ncuti zanje,
Mu gushika kw’isi, Kristu yavuze ati : « Inkuka n’amashikanwa ntiwabishatse, ariko wanteguriye umubiri. Imbagwa n’incungu zo kwishura ibicumuro ntiwazishimye ; niho navuga nti : Ndarengutse, Mana yanje, ngo nkore ivyo ushaka, kuko ivyanditswe mu gitabu birora kuri jewe. »

Kristu yatanguriye kuri iri jambo : « Inkuka n’amashikanwa n’imbagwa n’incungu zo kwishura ibicumuro ntiwabishatse kandi ntiwabishimye, kandi babihereza nk’uko vyategetswe. » Yaciye asubizayo ati : « Ndarengutse ngo nkore ico ushaka. » Kukaba nka ko, Kristu yakuye ivya kera ngo ashinge ibishasha. Ukwo gushaka kw’Imana ni kwo kwatumye dutagatifuzwa n’Umubiri wa Yezu Kristu watanzwe rimwe rizima.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.
Jewe nd’umusavyi w’Umukama ;
nibimbere uko ubivuze !
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 39-45)

Mbega, iryo teka ry’uko nyina w’Umukama wanje aza kundamutsa, ndaritewe n’iki?

the-visitationUmusi umwe, Mariya yarahagurutse agenda yihuta mu misozi, aja mu gisagara co mu Buyuda. Ashitse yinjira mu nzu kwa Zakariya, aramutsa Elizabeti. Elizabeti ngo yumve indamutso ya Mariya, umwana arakakaza mu nda. Elisabeti yuzuwe na Mutima Mweranda, aca ashira ijwi hejuru, ati : « Warahezagiwe, mu bandi bagore, kandi n’umwana wibungenze arahezagiye ! Mbega, iryo teka ry’uko nyina w’Umukama wanje aza kundamutsa, ndaritewe n’iki ? Mbaye ncumva amajambo y’indamukanyo yawe, umwana mfise arakakaza mu mbanyi, akanyamuneza kariko karamusya. Eka urahiriwe, wewe wemeye ko iryo watumweko n’Umukama rizotaha !

KU WA 24 RUHESHI : IVUKA RYA YOHANI BATISTA

KU MUGOROBA URONGORA UYO MUNSI MUKURU

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (1, 4-10)

 Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi

N'aie pas peurMu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati : “Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”Nanje ngira nti : “None ga Mukama Mana, ko ntazi kuvuga, nkiri umwana!”
Umukama asubizayo ati : “Nturuhe uvuga ngo uri umwana, genda ariho ku bo nkurungitseko, ubabwire ivyo ngutumye vyose. Ntubatinye, turi kumwe, ndaguhagarikiye ; ng’iryo ijambo ry’Umukama.”

N’uko rero ankora ku munwa, ati : “Aho rero ngushizemwo amajambo yanje. Menya ko uyu munsi ngushinze ibihugu n’intara z’abami, ngo urandure, usenyure, usambure, uheze wubake kandi uteragire.”

IZABURI 70 (71) 1-2, 3-4b, 5-6ab, 15ab

Icit : Warantoye urantonesha ntaranavuka!

Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera nteterwa ; (suite…)

IDOMINIKA YA 14 YO MU MWAKA A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (9, 9-10)

Ng’uyo umwami wawe araje iwawe, aje yicishije bugufi

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Tamba utarike, mwigeme wa Siyoni !
Nezerwa uhimbarwe, mwigeme w’I Yeruzalemu !
Ng’uyo umwami wawe araje,
Ni intungane kandi ni intwari,
aje yicishije bugufi agendera ku ndogobwe,
ku ndogobwe ikiri ntoyi
Azokura ibitwazi vyo muri Efraimi,
be n’amafarasi yo muri Yeruzalemu ;
azovunagura umuheto w’indwano,
azokwiza amahoro mu makungu.
Inganji yiwe izova ku kiyaga ishike ku kindi,
Izoshemezwa kuva ku Ruzi gushika ku mpera y’isi.

IZABURI 144 (145), 1-2. 8-9. 10-11. 13cd-14

Icit : Nzohezagira izina ryawe imisi yose,
         Mwami wanje, Mana mfise.

Canke : Alleluya.

Hinge nkuninahaze, Mwami wanje, Mana mfise,
Mpezagire izina ryawe imisi yose ntahengeshanya.
Eka nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.

Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, akomeza urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
Agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire !
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
Nibigâne hose ubutwari bwawe !

Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
araramira abashaka kugwa bose,
akagorora abagoramye bose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 9. 11-13)

Mutima wa Kristu ari muri twebwe, kandi azotuzura

Ncuti zanje,
Mweho, ntimukigenzwa n’umubiri, ariko mugenzwa na Mutima, kuko Mutima w’Imana abavyagiyemwo.
Umuntu atagira Mutima wa Kristu, si uw’Imana. Vyongeye, Mutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye, niyaba yarabagerereyemwo, Uwazuye Kristu mu bapfuye azoha ubuzima imibiri yanyu yiziziwe n’urupfu, mu kubagabira Mutima wiwe avyagiye muri mwebwe.
None rero, benewacu, umweranda dufise ntitumufitiye kamere y’umuntu idutegereza kwigenza nk’uko ibishaka. Nimwaba mwigenza nk’uko iyo kamere ibishaka, muzopfa ; ariko Mutima mwaronse niyaba abafasha kwiyonkora ibikorwa vy”umubiri, muzoramba.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Alleluya, alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (11, 25-30)

Ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima

Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati : « Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Niko, Dawe, kuko ariko wabishatse.
Dawe yarampaye ibintu vyose, kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi ntawumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.

Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo ndabigisha, kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima ; niho muzoronka akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna. »

%d blogueurs aiment cette page :